IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Petero Karaveri Mbonimpa yatumweko n’ubutungane

Petero Karaveri Mbonimpa yatumweko n’ubutungane

mercredi 7 Rusama 2014

Umukuru w’ishirahamwe APRODH riharanira agateka ka zina muntu n’akapfungwa, Petero Karaveri Mbonimpa yararungikiwe ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri umutahe wo kwitaba mu butungane ku mvo z’amatohoza, kubera ivyo yashikirije ko Kazungu, umukozi w’igendereza yinjiza urwaruka i Kiliba mu myimenyerezo ya gisirikare.

Mbonimpa Petero Karaveri, umukuru w’ishirahamwe APRODH (Association Burundaise pour la Protection des Droits Humains et des Personnes Détenues) riharanira agateka ka zina muntu n’akapfungwa yamenyesheje ko afise amakuru n’ivyemeza ko umukozi w’igendereza ry’Uburundi azwi kw’izina rya Kazungu yama mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, mu karere ka Kiliba Ondes ahavugwa ko hajanwe urwaruka mu myimenyerezo ya gisirikare. Abanyagihugu bo muri ako karere nibo batanguye kumenyesha ko bibonera Kazungu yinjiza urwo rwaruka, akongera akaruzanira imfungurwa aherekejwe n’abajejwe umutekano bambaye impuzu z’igisirikare c’Uburundi, ku butaka bwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. N’aho mu gisirikare c’Uburundi no mu rwego rw’igendereza bahakanye ko batazi ayo makuru, Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru wa APRODH aremeza ayo makuru akamenyesha mbere ko afise n’amasanamu ya Kazungu n’urwo rwaruka bivugwa ko ari Imbonerakure rujanwa mu myimenyerezo ya gisirikare i Kiliba Ondes.

JPEG - 28.6 ko
Petero Karaveri Mbonimpa, arongoye ishirahamwe APRODH

Inyuma y’ukwo gushira ahabona ko afise ayo makuru n’ivyemeza vyayo, Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru w’ishirahamwe APRODH (Association Burundaise pour la Protection des Droits Humains et des Personnes Détenues) yaciye urungikirwa umutahe wo kwitaba ubutungane kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 7 Rusama 2014. Petero Karaveri Mbonimpa yitaba mu biro nimero 59 vy’inyamiramabi kw’i Jabe, kw’isaha zitatu n’iminota mirongo itatu ku masaha y’i Bujumbura. Ku mutahe yarungikiwe bakaba banditse ko ari ku mvo z’amatohoza. Ivyo yabajijwe n’ibigiye gukurikira turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma. Uruganda rw’itohozamakuru rw’ikinyamakuru IGIHE ruriko rurabikurikirana.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ni bamureke ashikirize ukuri aho kuri, reta yo yarahevye abanyagihugu. Kandi akomere arashigiwe bimwe bidasanzwe. Abashingantahe baracariho,naho abagabo batagomba ko abashingantahe babakebura. Bizohinduka uko bizogenda kose. TUGIRAMAHORO.

  • Ni bamureke ashikirize ukuri aho kuri, reta yo yarahevye abanyagihugu. Kandi akomere arashigiwe bimwe bidasanzwe. Abashingantahe baracariho,naho abagabo batagomba ko abashingantahe babakebura. Bizohinduka uko bizogenda kose. TUGIRAMAHORO.

  • ariko sinzi ko abarundi ari ibijuju akagene uyumugabo ntamezi 5 arahera avuze ko amafuto ahingugwa kuri computer ngo agashobora nokwambika umuntu impuzu aitari rwiwe icogihe hari kurubanza rwa BAMVUGINYUMVIRA. uyumunsi ngo afite amafoto yabantu bafite imbunda ngo nikwo kuri kwiwe bagabo !!!!!! hari abantu bazofata ibarabara bagasara ni cdd-fdd isubira gutsinda ndakurahiye ukwo ni uguta wakuba ngo baburagize umugambwe uri kubutegetsi ...

  • @Muco, uwomugabo ivyoyigeze kuvuga nivyo, abamuharirije araberetse kobishoboka arabikoze, kandikiriyagihenyene yavuzeko ashobora guphotora umuntu arimubicu ngokandi uwomuntu atigeze ajayo.Wewe Petero Kraver mutitonze mwinomyaka tugezemwo mugiyekuzomaramazwa nabuzukuru Banyu! jewembere nasanze igiheyabivuga akavugako ivyabona arabamenyeshamakuru nasanze haraho nabibitse cokimwe nabimwe Bamvuginyumvira yarikwaravuga ngo umugore niweyamuhatiriye ngonayahandi ivyobintu ntavyonkoreramwo, Mwiyimwaka ntuzokwihende ngowashizeho ishirahamwe ngohariho uwowokanga kiretse niwashinga ivuriro canke ishure uzovugancebugufi!.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.