IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero NKURUNZIZA : Mu mezi abiri umutekano wagarutse ku bice 92 (...)

Petero NKURUNZIZA : Mu mezi abiri umutekano wagarutse ku bice 92 kw’ijana

mardi 3 Munyonyo 2015, par egide

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyesha ko kuva arahiye mu kwezi kwa Myandagaro 2015 igikorwa yiyemeje c’ukugarukana umutekano mu gihugu cose, cane cane mu gisagara ca Bujumbura yagishitseko ku bice mirongo icenda na bibiri kw’ijana (92%).

Mw’ijambo yashikirije kuri uwu wa mbere, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasavye ashimitse, ko ata muntu n’umwe, yaba Umurundi canke Umunyamahanga, yofata mu mugongo inkozi z’ikibi, akamenyesha ko imirwi y’iterabwoba igoye kurwanya iyo yamaze kugajura.

Yasavye abarundi ko bokwitegurire ibiganiro bigiye kubera mu gihugu cose, baje inama n’ingingo maze amakungu asubire gutangarira abarundi. Muri iryo jambo, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yaragabishije aboshaka kubangamira ubutegetsi bwiwe, ababwira ko bazohura n’Imana.

’’Inganji twaronse tuyikesha abenegihugu, ariko n’incuti z’Uburundi zarabigizemwo uruhara. Uwuzokwitambika imbere yayo azohura n’Imana.’’


IGIHE

Messages

  • Urihenze ahubwo ijana kwijana mugikigwa wiyemeje co kwica abantu none mbega ugirumbandanye canke amaraso yakuduhiy?

  • Mbega urya mutima bakuye mururya musazi barawukokereje canke wawuriye mubisi ivyaha wakoze birakurunguriye

  • UMUTEKANO? IBYUWO MUKURU W`IGIHUGU BIRASHEKEJE KANDI BIRABABAJE KERETSE NIBA IBYO BIZIGA BIRIRWA BATORA? ESE 92% AVUGA NIYABARUNDI BAZIMA? ABANDI 8% N`ABAPFUYYE NABO ATEGANYA KWICA YARANGIZA NGO IMANA?ESE ARARWANA JIHAD?(INTAMBARA NTAGATIFU?) GENDA BURUNDI WARAGOWE WOWE UYOBOWE N`UWO MUGABO!

  • nivyo, nibo bayimuhaye kuko yatowe izuba riva, basesankuyoze ntako bataribagize ariko barabonyeko akamo kabo ataho kashitse. hama nibimaramare nakantu barata baromoka, yewe Ubu bupfuye bayerera nka gahini...muzinamakuru? CENARED buca isabuka!! kuko batanguye gucanamwo ngo ububirigi bwarabataye murudubi.....e nibemere basabe sebarundi imbabazi...ntabindu!!

  • basha biteye agahinda numubabaro nukuri, le burundi est gouverne par un malade mental ntakindi novuga nukuri, nta munsi wijana atakiziga gitowe hirya no hino, aba polisi baguma bicwa nabonyene ngo none hari amahoro a 92 pour cent iyo mana avuga ntayo azi nibazako ari iyiwe gusa atariyabantu bose basenga muga azoheza nabi cane

  • iyovyababishobokatwashakakobishikakurisampurusa!!!!!

  • Burya umutekano wiwe nuko abantu bapfa niko amashetani yiwe yamategese umunsi abantu batazoba bicwa niwo munsi wiwe wanyuma. Ariko azobanza gutanga mubomumuryango wiwe kandi yaravyemeye

  • Umushikiranganji wumutekano yatubwiye kumutekano wagarutse kubibe 98% none nawe utubwiye kumutekano wagarutse kubice 92% twemerende?

  • Nimwitegure Guhangana Na Dimanche Igiye Gutangazwakumugaragaro Ngabantu Ngobayiuhukeko,twiteguretuvyanke Kuko Sumugambi W"Imana :mbega papa wiroma nimana ninde mukuru?aka arimana rero muzetwemere Imana yomw;ijuru .isabato niyonkuru.soma kuvayo20:8-11.yeremiya17:27.

  • komera nyakwubahwa twagutoye tukwizeye imana usenga niyo abarundi bose dusenga dusenga dukora dukora dusenga irambire nijewe habarugira ndikuri doriya ngaha mwitenga.

  • nivyo, nibo bayimuhaye kuko yatowe izuba riva, basesankuyoze ntako bataribagize ariko barabonyeko akamo kabo ataho kashitse. hama nibimaramare nakantu barata baromoka, yewe Ubu bupfuye bayerera nka gahini...muzinamakuru? CENARED buca isabuka!! kuko batanguye gucanamwo ngo ububirigi bwarabataye murudubi.....e nibemere basabe sebarundi imbabazi...ntabindu!!

  • Je lance un cri d’alarme au prédident Paul Kagame. Monsieur le président souvenez-vous avoir dit que vous n’assisterez jamais a un autre génocide dans notre région. Je vous supplie pour intervenir par tous vos moyens afin d’empecher la poursuite du génocide en cours au Burundi.
    Veuillez svp tranmettre ce message.

  • Emwe Rike Tubirindire.Mbe Ko Yishima Cane!!! Ngo "Imana "None Ko Yishira Mukibanza C’Imana;hama Ngo Arasenga?Nawe Nyene Biramugoye.

  • Emwe Rike Tubirindire.Mbe Ko Yishima Cane!!! Ngo "Imana "None Ko Yishira Mukibanza C’Imana;hama Ngo Arasenga?Nawe Nyene Biramugoye.

  • Wewe wiyita KAMARO,uraraba neza,umutekano urihehe?aba police bicwa kumugaragaro abanyagihugu bicwa ijoro numurango.hama ngo 92% yumutekano?ariko ntimuzotumara mwena NKURUMBI,murindire gato.harijro ryijana atamuntu apfuye?ubure ubwenge kugera iyohose?niko mwabaye.ega ibinwamaraso niko bimeze ntabwenge bigira.muzopfa uko!!

  • None kubundabunda nikuki?ahubwo dukwiy kugutoza inzara

  • President wigihugu cacu cuburundi Pierre Nkurunziza nubwo ntamutoye ntegerezwa kumushigikira jewe nihomfise inyungu nkumurundi nabanyarwanda bashigikiye uwuraho nabombonabariho.

  • Yemwe Ahubwo Nashinge Imisi Yukwisonzesha Dusenge Cane Abantu Bihane Kuko Ivyaha Vyabaye Vyishi Mugihugu. Kugira Imana Ntiturandure Kuko Ivyobigwanisho Hariho Abatozokwemera Kubitanga Bafise Imitima Igumye. Twiyeze Imana Ntiturandure. Murakoze.

  • Mbe ayo matora muvuga ni ayahe? None ko na 2010 yivye amatora, hama en 2015 akaba yitoje mu ba DD basigaye inyuma yiwe. Abarundi benshi batagiye gutora, none abamutoye ni bandi? Uretse ibiharuro wenyene yishiriyeho. Ni muvuge ibindi ntimusubire kuvuga amatora.

  • ABOBAGABO BAGOM BA UBURUNDI BUBE IKIBUGA CABADAYIMONI? BAZOHIGANA NIMANA YOMWIJURU

  • jewe nibazako umutekano atari,92% ahubwo hamaze gupha abatavuga rumwe nareta 92%

  • none ko avuga ngo umutekano waragarutse ibirwanisho biri mubanya gihungu yabikuyeyo?ese abahunga bahuga ik? je bona namutekamo uri mugihungu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.