IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta iranegura mashirahamwe ahereza uburyo mu miduga no mu mishahara

Reta iranegura mashirahamwe ahereza uburyo mu miduga no mu mishahara

mercredi 22 Ndamukiza 2015

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza ahejeje kwugurura imiryango y’ibikorwa vy’amashirahamwe mpuzamakungu ategamiye Reta akorera mu Burundi. Aranegura amwe muri ayo mashirahamwe. Ico gikorwa kikaba categuwe n’umushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu.

Ku ncuro ya gatatu no ku civugo "Amashirahamwe mpuzamakungu ategamiye Reta n’iterambere ry’Uburundi"(Les Organisations Non Gouvernementales Etrangeres et le Developpement du Burundi"ONGE", ubushikiranganji bw’imigenderanire n’amakungu no gufashanya bwuguruye imiryango kugira bwerekane ingene bukorana n’ayo mashirahamwe.

Mw’ijambo ryo kwugurura ibikorwa ryavuzwe n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza, yashimiye amashirahamwe mpuzamakungu ategamiye Reta akorera mu Burundi. Yayashimiye kubera ibikorwa bitandunye vyiza yakoze kandi n’ubu akora kuva Uburundi bwikukira gushika uno munsi. Aradoma urutoke uruhara rwayo mashirahamwe mu bihe vy’intambara Uburundi bwaciyemwo, aho amwe muri yo yafashije cane abanyagihugu n’igihugu. Arashima kandi ibikorwa vy’iterambere bikorwa n’ayo mashirahamwe mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu.

Naho biri uko, Prosper Bazombanza, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu aranegura amwe muri ayo mashirahamwe. Uwo mutegetsi avuga ko hari amashirahamwe (ONGE) asesagura ubutunzi yazanye gufashisha abanyagihugu canke ubutunzi bwokoze imigambi y’iterambere, mu kugura imiduga myiza myiza, mu kwihemba imishahara minini, aho ibice 70% vy’imigambi biherera muri bo, hanyuma umunyagihugu agashikirwa n’ibice 30% gusa.

Prosper Bazombanza ku bwa Reta y’Uburundi, afise umwitwarariko kandi ku mashirahamwe araba ibi canke biriya mu gutanga ubuzi, eka aravuga kandi ko hari amashirahamwe ashima gukorana n’amashirahamwe yo mu gihugu arwanya Reta. Ati:" Nimba Reta iha ubwigenge ayo mashirahamwe, n’uko nayo yokorera ku kuri kugira na ntaryo ntagume afasha mu kuzura akaboze kashize igihugu mu kaga". Asaba kandi ko amashirahamwe akumira mu gutanga ubuzi yisunze ubwoko, intara, canke ibindi ko yokwikubita agashi. Atunga kandi urutoki amashirahamwe aza mu Burundi yitwa ko aje gufasha mw’iterambere, kumbe nayo aje gusahura duke tw’Abarundi, asaba ko boza mu Burundi bitunganije.

Ku bwa Catherine Gillet yavuze ku bw’urunani RESO (Rassemblement, Echanges, et Solutions), ati:" amashirahamwe mpuzamakungu ategamiye Reta aratandukanye bivanye na kahise kayo, ikiringo, igisata akoreramwo, uburyo akoresha n’ibindi... ni co gituma kenshi ibikorwa vyayo bitakirwa kumwe, kubera menshi adashira ku mugaragaro ibikorwa vy’ayo, ayandi abura amakuru, canke amakuru abonetse agatangwa n’abi".

Mwomenya ko igikorwa co kwugurura imiryango y’ibikorwa vy’amashirahamwe mpuzamakungu ategamiye Reta(ONGE) bigiye kuzomara iminsi itatu bibera kuri Hotel Club du Lac Tanganyika.

JPEG - 45.1 ko
Prosper Bazombanza agiye mu ma "Stands" kuraba ibikorwa vy’amashirahamwe mpuzamakungu yigenga akorera mu Burundi

Cherif Nkeshimana

Messages

  • Wa wundi ati :"umupfu ntiyinukira". None leta y’ Uburundi n’ isesagura, imishahara irenze, imiduga blingbling no gukora ibatagirira akamaro abenegihugu , niyo iriko irereka ayo mashiramwe ukuntu yokoresha ivyo izanye iwacu. Imbere yo gutosora abandi ni babanze bihereko kuko ibivu biri mu maso yabo ni vyishi. Ko infashanyo ziza kunganira ba nyarucari zigaherera muri Leta? Aho nta sesaguro ririmwo canke ubunyonyezi. Kubera iki Leta izeye inze kugira ikore , ihembe abakozi mugabo ugasanga ikoresha imiduga izimvye, imishara irengeye kandi igihugu ari gikene cane. Muratanga uburorero niho muzoheza mukabwiriza abaje kudufasha kubakwirikira

  • @ Mahoro, banzawemere Ko ivyonyakwubahwa icegera cambere cumukuru wigihugu Bazombanza avuze kwarivyo, ivyobanavyo bitagendaneza muri reta yiwe nizereko twamatubihumwanya ukwiye wokubinegura, ariko jewe mbonako nubwobirukwo dukwiye kumushimira twebwe banyagihugu batonato kubwivyo avuze, kuko nagombakubabwirako harihimfashanyonyishi zandikirwa abarundi kandi reta yu Burundi ikanzisinyira kozigiye kwinjizwa mugihugu gufashishwa abenegihugu ariko bakaziha amashirahamwe yigenga kugirabe ariyo azozishikiriza abenegihugu, arikorero umushikiranganji wigihugucacu aratweretse Ko ababazwanuko abozagenewe bahabwa 30% yizomfashanyo nonegayemwe uwomuntu avugiyenabi igihugu ciwe nabarundi? Jewe ndamubonyemwo ubunyakuri; erega Mahoro nubwowoba ukundakwandikacane ngaha kwururubuga nticobuzako uvugako najewe Nuwera nkundakwandika kandi abakundagusoma ivyonandika ntibuzako babonako uvuzukiri ngonuko nawe usanzwe ukundakwandika.

  • iyo havuga nabandi ntihavuge abagurishije igihugu kunda zabo gendera mwikabutura ya cndd.fdd uhore uri mpemuke ndamuke ikinezereza ni kimwe ntaco ndize kuvuga umutima uzobikubwira haaaaaaaa

  • haaaaaaaaaaaha! indege, apana imwe, oyaaaaaaaa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.