IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > « Reta izokwitaba imibonano, atari ibiganiro»

« Reta izokwitaba imibonano, atari ibiganiro»

jeudi 19 Rusama 2016, par egide

Reta y’Uburundi yemeza ko yamaze kuronka ubutumire bw’ukuzoja i Arusha kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 21 Rusama 2016, ariko muri Reta bakavuga ko atari ibiganiro, ahubwo ari imibonano (Consultations) hagati y’imirwi itandukanye.

Willy NYAMITWE, umuhanuzi mwishikira ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu amenyesha ko i Arusha atari Abarundi bazoba bariko barahura ubwabo, ahubwo ko ari imirwi itandukanye izoganira n’umuhuza Benjamin William Mkapa.

Ku nsamirizi y’igihugu, Willy NYAMITWE yavuze ko iyo mibonano izoba ifise intumbero y’ukumenya aho Reta y’Uburundi igejeje ibiganiro bibera mu Burundi, hamwe n’uguhanahana ivyiyumviro ku bibandanya bisabwa n’Abarundi muri ivyo biganiro bibera mu Burundi birongowe n’umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro (CNDI (Conseil National du Diaologue Inter Burundais).

JPEG - 23.5 ko
Willy NYAMITWE, umuhanuzi mwishikira ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu

Mu gihe Reta y’Uburundi ivuga ko yamaze kuronka ubutumire kandi izobwitaba, muri CNARED, urunani ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bahakanye kuzokwitaba ubutumire bahawe, kuko umwe wese mubagize urwo runani yatumiwe yitirirwa umugambwe arongoye, mu gihe bari basavye ko botumirwa nka CNARED. Mu mubonano umukuru w’urwo runani yaheruka kugirana n’umuhuza Benjamin William Mkapa, bari basavye ko urunani CNARED rutegerezwa gutumirwa kuriryo zina, atari kw’izina ry’imigambwe igize urwo runani.

Willy NYAMITWE yasubiriye kwibutsa ko Reta y’Uburundi itazigera yicarana n’abashatse gutembagaza ubutegetsi mu Burundi

«Inkozi y’ikibi ikibanza cayo si mu biganiro, n’uko inkozi y’ikibi ifatwa igashikirizwa ubutungane. Rero nta Reta y’Uburundi izoja kwicarana n’inkozi z’ikibi, abashatse gutembagaza inzego zitorewe n’abanyagihugu, abagiye mu migumuko mbere bagatako bakica n’abantu, bagaturira amazu n’ibintu. Abariko barakurikiranwa n’ubutungane bose bategerezwa kubandanya baronderwa kugira bafatwe bashikirizwe ubutungane. »


IGIHE

Messages

  • Aaaahh ESE GA nyakubahwa Willy Nyamitwe uwogozwa niki ijambo niryarindi abanyagihugu badutumye bati kubijanye nabashatse kubavuguruza ko ntanagasonga bugari bazohabwa mugihugu c’uburundi ico abarundi bapfunditse nuko se barundi H.E Petero Nkurunziza aguma kwivora murakoze.

  • mbenga aho bitwaza abanyagihugu imisi yose twarabahinyuye namwe mwuve ntanimisi iheze bahakana ko iyo manda atari 3 gwabanyagihungu ntibatoye mbenga abobatumye barakoze icobatumwe munyuma murabivuguruza ubunaho uva ivyo muvuga muri bantaho fatwa isubireko bigishoboka

  • Willy ndabubaha caaaane! rero Imibonano nisawa ariko murabe neza ntimubonane nababamenja batuririye imitima yabarundi bagashoza amaraso yabenewabo,abarundi twarababwiye ko atakwicarana nabo bicanyi ntaciza bariko baturonderera birigwa basabira ibihano abarundi tumaze imyaka itatu(3) atamfashanyo ariko abakozi ba leta barahembwa rero ntimugakangwe namahenehene impene zaturutse! mbe hamwe umuryango wa ERIC umwe baturirira mu nyakabiga hamwe bokumva ko mwicaranye nabaduhekuye,turekuwo imiryango yababantu bicira kumutakura bakabakura mwimitima bakaca baja kuyifungura,ubwo vyobaryohera?ntawokwibagira abicirwa mububare mumasoko munzira bategwa za grenade barondera ivyo biganiro!ntimuduhemukire!! ahubwo nimubafate bafungwe bishobotse babambwe ,kuko kutahana imbwa bigwiza imisega,mercieeee!

  • Willy ndabubaha caaaane! rero Imibonano nisawa ariko murabe neza ntimubonane nababamenja batuririye imitima yabarundi bagashoza amaraso yabenewabo,abarundi twarababwiye ko atakwicarana nabo bicanyi ntaciza bariko baturonderera birigwa basabira ibihano abarundi tumaze imyaka itatu(3) atamfashanyo ariko abakozi ba leta barahembwa rero ntimugakangwe namahenehene impene zaturutse! mbe hamwe umuryango wa ERIC umwe baturirira mu nyakabiga hamwe bokumva ko mwicaranye nabaduhekuye,turekuwo imiryango yababantu bicira kumutakura bakabakura mwimitima bakaca baja kuyifungura,ubwo vyobaryohera?ntawokwibagira abicirwa mububare mumasoko munzira bategwa za grenade barondera ivyo biganiro!ntimuduhemukire!! ahubwo nimubafate bafungwe bishobotse babambwe ,kuko kutahana imbwa bigwiza imisega,mercieeee!

  • Mbe CNARED kiguma igira ubwoba?Rinda nta kundi umugabo apfa nk’umugabo hama mwemange muti:"NTAWUDAHUBA" hama musabe ikigongwe IMANA naho ABARUNDI sinzi ni hatari!!!

  • SINAHEAD BATAJE GUTEGURA AMATORA YA 2020 NTABWO BAZOBA ARI ABARUNDI,MUZOCE MUBAREKA BAYERERE ISI YOSE.BAZOZA BARABATAHANA ARI IBIZIGA ATACO BAKIMARIRA IGIHUGU CABIBARUTSE!

  • Abashatse gutembagaza ubutegetsi bikabata kuwamazi bangana nababandi bagandagura incungu ya Democrasi Ndadaye. Abo bashikanwe imbere y ubutungane kandi ntibifpishe bataracirirwa imanza.

  • KOBA ARINAKAMARAMAZA URETSE ABASHATSE GUHIKA UBUTEGETSI IBIGANIRO KOVYAHEZE INZEGO ZIRIMWOBESE NTITUZE TUNAVYUNVEMWICARANYE IGIHE BAJA MUMAKUDETA BASHAKA KUGANIRA NIBAJE KURIMA RETA NIBARONDERE BAFATWE BARAGAPFA BATAGANIRIYE NUKUNTU BAGONBA GUTIGIHUGU MUKAGA ICOBADUHA IYOMISEGA

  • VYITE UKO USHAKA ARIKO BIBE. URI IKIGUGU NYAMI. UVUZE IMIBONANO. AMASO NIYO ABONA. IBIGANIRO NI KUGANIRA. KUYAGA. NONE KUBWAWE, BAZORABANA MUMASO GUSA BAGENDE BATAVUZE?

  • mbe iyo coalition irakenewe kuruta kwicarana umwe umwe mukaganira ico umwe yiyunvira.?
    Sha CNARED igiye yaboneka ko ari parti politique avec un president belge ou rwandais cacher.
    none ko mugizwe nimigambwe myinsi komutabareka bitabe ubwabo konakare mutagiye mumatora mugiye kuganira.
    CNARED niyi idashaka amahoro
    gouvernment yarikwiye guheba ivyo biganiro

  • Mheshimiwa willy nyamitwe umenibariki, murakoze!pastor Benard from Arusha A town.

  • Ndatangara cane numvise willy nyamibwa avuzeko reta izoja mumibonano mugabo Atari ibiganiro mbe iyomibonano yo muyigiramwiki ko mwivugirako ibiganiro mwavyimariye mugihugu hagati jewe sinumva ikiriko gituma mugenda mubintu mwijujuta jewe ahubwo nobemera gose mugize muti ntabiganiro bindi biduhuza nabo tutavugarumwe tuzopfa duhonyoyemwo kirize yankinamico mwirirwamwo Ngo nibiganiro jewe niho nobemera ko muri abagabo nimureke kwirirwa muhenda urwaruka murutesha amashure murwigisha kwica benewabo mubabesha ngoharivyo muzobaha ngonimumara gutsinda urugamba kandi atarwo muzopfa mutsinze none ko mwirirwa muhenda izo mbonerakure muzishora mubwicanyi mukazibwira ko mutazoja mubiganiro ariko bwaca mukurira amadege mubijamwo ahubwo nagira nkebure urworwaruka mwirirwa mukoresha mugusesamaraso yabenewabo korwobava inyuma kuko ejo ahobukera nirwo ruzikangura rusanga ruvundiye mumunyororo namwe mwifatiye amadege nkukonyene muruhenda Ngo ntabiganiro muzojamwo mugabo bugaca muvunamaguru mubijamwo ikindi nobwira akokarwi ka nkurunziza nuko mushaka niyo mibonano mwoyihoza kuko kizigenza wabarundi ariwe cnared atabitumiwemwo muzoba mukora ubusa nihamwe muzobijamwo mukazotanzwa nukwumva bujumbura yafashwe urumva rero ntimute umwanyawanyu mubesha abarundi namakungu Ngo muri mubiganiro

  • We wiyita MASO, wa MUBEMBE we va muvy’abarundi ntibikuraba. Wewe utazi n’insiguro y’umubonano woba ur’umurundi wahe! Subira mugwanda canke i Bubembe.

  • WESHA MUREKE. MBEGA AHO BANKA GUTUMIRWA ICO CNRED CAVUTSE EJO KO ABAZWI IYO BAJE BAVA HO HEMEWE KUKI ABO BATUMIWE BATOZANA IVYO VYIYUMVIRO VYA CNRED TUKUMVA. AHO BAGOMBA BACE BAZANA NIYOMBARE UCE UMENGO BARATSINZE TWIBAGIRE ABANTU BAPFUYE ABANDI BAGAFUNGWA, AMAZU NABANTU BAGATURIRWA KUBWA COUP D’ETAT? ZANA VYAVYIYUMVIRO CNRED WAMA WIHAYA ATARI KUVUGA IVYIHONYABWOKO GUSA

  • none mwumva bazojayo abo baswa.

  • None Iyo rapport ushiriye Mukapa azoyikoziki? ereguraduhenda ushitseyo ivyo ujanye bazobicanga nivyabandi bace basanga bingana none hazokwemerwa ivyande? ariko ndakwizigiye ko utazosubirayo hageze kugosora wob uduhemukiye twebw imbonerakure.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.