Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’u Burundi yahaye ubwato 12 kubahungutse bo mu kizuka mu (...)
Reta y’u Burundi yahaye ubwato 12 kubahungutse bo mu kizuka mu Rumonge
vendredi 8 Ruhuhuma 2013
Reta y’u Burundi yahaye ubwato bw’imoteri bwo kuroba 12,ibikoresho vyo kuroba,amatara yo kumurika,bikaba vyahawe abahungutse bo mu kizuka muri komine Rumonge
Ivyo bikoresho bikaba vyatwaye amafranga y’amarundi agera k’umiriyoni 140 z’amafranga y’amarundi.
Umuyobozi mukuru ajejwe abahungutse yaramenyesheje ko iyo mfashanyo yatanzwe mu ntumbero yo gufasha abahungutse kugira bashobore gushikama mungo zabo.
Arongera akamenyesha ko ubushikiranganji bwo gushigikiranira no gufatana munda bukora uko bushoboye kugira bufashe abagowe gusumba abandi.
Abo baronkenjwe iyo mfashanyo barashimira cane Reta ariko barongera bakayisaba kubaronswa igitoro kugira batangure ivyo bikorwa.
Grace Irimbere