IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi irashima ivyavuye mu biganiro na UE

Reta y’Uburundi irashima ivyavuye mu biganiro na UE

jeudi 10 Kigarama 2015

Reta y’Uburundi imenyesha ko inezerezwa n’ivyavuye mu biganiro vyayihuje n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya,n’uko ibiganiro vyasubiriye gutangura hagati y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya n’Uburundi.

Willy Nyamitwe umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe kumenyesha amakuru avuga ko mu biganiro vyabaye,basiguye nk’abaserukira Reta ifise ubumwe bushingiye ku mategeko kandi mu ntumbero y’ibiganiro n’abayifasha igatanga insiguro zifashe.

Willy Nyamitwe yavuze ko mu gihe cose amategeko y’Uburundi abibarekurira,biteguye gushira mu ngiro ibisabwa n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya.

Ku bijanye n’amakenga y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ku bijanye n’amaradiyo yugaye hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike,Willy Nyamitwe yamenyesheje ko bipfuza ko amatohoza yokorwa vyihuta mu mezi abiri ivyavuyemwo bikaba vyamenyekanye basanze ayo mashirahamwe ata kiyagira akaronka uruhusha kwo gusubira kwugurura.

Mu gihe ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryerekanye ko ritanyuzwe n’insiguro zatanzwe n’intumwa za Reta y’Uburundi,ku ruhande rwa CNARED bamenyesha ko bashima aho ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rihagaze.

Bamenyesha ko vyari kuba vyiza ishirahamwe rya Buraya rifashe ingingo zikomeye kuko amabi abera mu Burundi asaba inguvu zikomeye.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Barundi nimureke gutaburana"ehe dusangiye igihugu, tuvuga ururimi rumwe, dusangiye Imana, "Ihane muhindukire!!

  • Komushima Ivyavuye Mubiganire Kandi Ivyo Mwashikirije Bitemewe Ubwo Sukuriri Kukiziga Wikoreye Umusaraba .

  • Mwarakoze guseruka mugasigura . Uburundi bukeneye abantu bavuga kuneza yabarundi atari ubwoko nkamwe.mugire amatohoza abarundi bamenye ukuri ayugurugwa yugururwe.

  • kucipfuzo cabarundi bose twasaba ko ayomasezerano asinyugwa kugira ibihugu vyaburaya bivemwo bitange isoko kuko abayishaka nibeshi harimwo ubushinwa uburusia ....... mwibuke ko ubushinwe buherutse kwemerera imfashanyo yi miriyaridi 65. zamadorare ibihugu 59 vya afrika. rero ufashe 65/59= 1.10 bilion usa dollar ntubona ko tuzorinda dupfa turya.

  • Nonekwishirahamwe ryu bumwebwaburayaritashimishijweninsiguroyatanzwenareta yu burundi yafashe uyuhemuti?ahubwo icombona ayamashirahamwenagire inguvu akingire agatekakamuntukabangamiwe nahandi abantubohhera

  • Mwankamwemera Icocitsongonireta Kirasambugwa Vyansebikunda Kuneza Ok Kunabi Ok Uwuzagusiga Uramurindira Ndumusirikarewigihugu Nkurumbi Azotwara Adutambutsimivyimba

  • Ewe CNARD ntushimishwe Cane n’ingingo z’iburayi Burya urukiza s’ikirenga uzera umwam’imuhana Ugaterekera rirenze kandi Akimuhana kaz’invur’ihise None aho muriko mwiyunvira yuko ingingo z’ABAZUNGU ko arizo zizobashika muntebe z’ivyubahiro m’uburundi
    reka da

  • MBEGA CNARED AHO NTIYOTUZA.EREGA MUBURUNDI HARI BENEWABO NA BASHIKI BABO.AHO BISABIRA INTAMBARA NIWO MUTI WOGUSUBIZA HAMWE NABO BATUMVIKA BAHISEMWO?NIBAMENYEKO URUKARIHIRIZA MUKASO RUGATWARA NYOKO.MWIBUKE ABAKUYE KADAFI AYO BARIKO BABONA.AMATA NTIBAKINWA?NAMWE NIVYO MUSHAKA?ABOBAZUNGU NIMUBIKWEGERE MUZOBABONA
    AGAKUKU KAKURIMISHA URWIRI NTIKAGUFASHA KURUKANGAZA

  • Ikibabaje Nuko Iyo Cnared Ivugwa Igizwe Nabantu Bakoze Ivyaha Bikabije Vyo Gutembagaza Inzego,kandi Amategeko Mpuzamakungu Arabigwanya Kiretse Cnared Kubera Zari Intumwa, Mbere Bahawe Indaro Mubibanza Vyiza Cane, Baturiye Abantu N’ibintu Kandi Kuva Isi Ibaho Ntibigigwa Kuko Nimpene Ntiyotswa Ikanura,abigira Ngo Bahagarariye Agateka Kazina Muntu Mwisi Nzima Ntawarukuye Mukanwa, Nibindi Vyaha Vyinshi.Abo Rero Kuvuga Uko Ntagitangaje Kirimwo Yamara Uburundi Bugona Buri Maso

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.