IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta ya Koreya yatanze imfashanyo ku barundi bari mw’ikambi y’impunzi i (...)

Reta ya Koreya yatanze imfashanyo ku barundi bari mw’ikambi y’impunzi i Mahama

mercredi 30 Kigarama 2015

Reta ya Koreya yo mu bumanuko ibicishije ku buserukizi bwayo mu Rwanda yatanze imfashanyo y’ibihumbi 450 vy’amadorare azofasha kwigisha abarundi bahungiye mw’ikambi ya Mahama mu Rwanda ibijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza.

Mu gihe yashira umukono ku masezerano yo gufashanya hagati y’ubuserukizi bwa Koreya mu Rwanda n’ishirahamwe mpuzamakungu rikurikirana irwirirana ry’abantu,kuri FNUAP kuwa kabiri igenekerezo rya 29 Kigarama 2015, uwuserukira Koreya Park Yong-min yamenyesheje ko kuba bazokwisunga abagore n’abana ari ngira kamaro cane.

Park Yong-Min yavuze ko yibaza ko mu bikorwa vyose vy’iterambere bashizemwo imfashanyo,ico gikorwa arco gifise igiciro kinini,kuko ku ncuro nyinshi iyo habaye ibibazo mu miryango abagore arbo bashikirwa n’ingaruka ubwa mbere.

Yong-min yavuze ko ari muri iyo ntumbero biyemeje gutanga imfashanyo y’ibihumbi 450 vy’amadorali izofasha kubandanya kwigisha impunzi z’Abarundi ziri mw’ikambi ya Mahama uburyo bwo kugabanya imvyaro kandi akaba yizeye ko FNUAP izoshira mu ngiro ibiri mu masezerano.

Umukuru wa FNUAP mu Rwanda, Jozef Maerien yamenyesheje ko bashimye iyo mfashanyo bahawe n’ubuserukizi bwa Koreya kuko izofasha kubandanya bigisha ubuhinga bwo kugabanya imvyaro ku barundi bahungiye mw’ikambi y’impunzi ya Mahama.

Jozef Maerien yavuze ko iyo mfashanyo yatanzwe na Reta ya Koreya izofasha FNUAP kubandanya akazi kenshi batanguye kandi bakongereza inguvu mu bikorwa vyo gufasha abagore n’urwaruka.

Maerien yavuze kandi ko abagabo nabo batazosigara inyuma ndetse ko ikindi gishimishije ari uko umunsi Abarundi bazoba batashe mu gihugu cabo bazokwigisha abo basizeyo ivyiza vyo kugabanya uruvyaro.

Kugeza ubu FNUAP imaze gushikana uburyo bugezweho bwo kugabanya imvyaro ku bagore 652 bari mw’ikambi y’impunzi ya Mahama.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.