IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta yarikwiye gutegekanya uburyo bwo gufasha imigambwe

Reta yarikwiye gutegekanya uburyo bwo gufasha imigambwe

vendredi 13 Ntwarante 2015, par IGIHE

Mu gihugu c’Uburundi hafi imigambwe yose irakenye kiretse iyiri ku butegetsi canke iyigeze kububako, bishikirizwa na Sylvestre Ntibantunganya yahoze ari umukuru w’igihugu, mu gihe yariko ashikiriza icegeranyo c’icigwa yakoze abitumwe n’ishirahamwe OLUCOME.

JPEG - 1.5 Mo
Sylvestre Ntibantunganya ari kumwe na Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME

Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME avuga ko babitumwe n’uko hari ikibazo kidasanzwe mu bijanye n’ingene imigambwe ironka amafaranga , mbere akenshi mu bindi bihugu hamwe no ngaha mu Burundi, ugasanga iyo migambwe ironka amafaranga adaciye mu mategeko, aho hashobora kwibonekezamwo ubunyonyezi.

Sylvestre Ntibantunganya yakoze icigwa avuga ko basanze bitoroshe kuko ikibazo c’uburyo ata n’umwe ashaka kukivugira hejuru, mu migambwe yose bagiye babaza. Sylvestre Ntibantunganya amenyesha ko basanze imigambwe yose ikenye kiretse iyiri ku butegetsi canke iyahigeze. Avuga ko ahandi mu bihugu vyateye mbere , bashizeho amabwirizwa mu vyerekeye gutunganya gufasha imigambwe mu bikorwa vyabo vya minsi yose , canke mu gihe bagiye kwiyamamaza kuko babonye y’uko iyo umugambwe ugiye ku butegetsi, ucurondera uburyo kubera iryo teka uba watewe ,ivyo rero birononera demokarasi, kuko iyo uwo amuhaye uburyo bidaciye mu mategeko uko abumuhaye harico aba arindiriye inyuma. Ivyo rero basanze bishobora kwonona intwaro nziza mu gihugu. Mbere benshi bakaba basaba ko Reta yofasha imigambwe kubaho hamwe n’ingene Reta yofasha mu gihe co kwiyamamaza, kuko usanga hari imigambwe, irya imitsi kurusha iyindi, aho usanga imigambwe iri ku butegetsi ikoresha imiduga ya Reta, ibinayamakuru vya Reta, uburyo bwo gutumatumanako amakuru n’ibindi.

Mu migambwe yagiye ibazwa ,muri make rero bose bavuga ko ari amafaranga bakura mu ntererano z’abanyamigambwe yabo, na cane cane abari mu nama nshingamateka, mu nama nkenguzamateka,hamwe n’abagwizatunga babaterera, nk’uko Sylvestre Ntibantunganya abandanya abishikiriza.

Ishirahamwe OLUCOME risaba ko hobaho icigwa co kuraba ubutunzi bw’iyo migambwe hamwe n’amafaranga asanzwe atozwa n’iyo migambwe hamwe naho bakura uburyo wbo kwiyamamaza, kuko hariho igipfungu cinshi mbere ugasanga ivyo bifise inkurikizi mbi nyinshi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.