IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta yemera ibiganiro n’abadafise ivyo bagirizwa

Reta yemera ibiganiro n’abadafise ivyo bagirizwa

samedi 27 Ruhuhuma 2016, par egide

Reta y’Uburundi yemeye ibiganiro bidakumira, ariko nk’uko bivugwa na Reta y’Uburundi, hisunzwe ingingo ya 2248 y’inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ivuga ko ibiganiro na Reta bizohuza abatagira ivyo bagirizwa.

Inyuma y’imibonano n’abanyeporitike, abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike hamwe n’abaserukira amashengero, abakuru b’ibihugu barungitswe n’ubumwe bwa Afrika babonanye kuri uwu wa gatanu n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. N’aho ubumwe bwa Afrika butarashikiriza icegeranyo c’ivyavuye muri iyo mibonano, Reta y’Uburundi, mw’itangazo yasohoye, yamenyesheje ko yashimye ingene iyo mibonano yagenze.

Iryo tangazo rya Reta y’Uburundi rimenyesha ko abo bakuru b’ibihugu bahojeje imiryango yabuze abayo n’ivyabo mu ntureka zabaye mu Burundi kuva mu mwaka 2015. Muri uwo mubonano, Reta y’Uburundi yabwiye abo bashitsi ko yaneguye abahisemwo inzira y’ibirwanisho, Reta ikanegura kandi n’uruhara Urwanda rwagize mu gutanga ibirwanisho hamwe n’ugukoresha imyimenyerezo ya gisirikare impunzi z’abarundi ziri mu makambi y’impunzi.
Reta yibukije kandi abo bategetsi ko Urwanda rwahaye indaro abashatse gutembagaza Ubutegetsi.

Reta y’Uburundi yemeye ibiganiro bidakumira, ariko ivyo biganiro na Reta bikazohuza abatagira ivyo bagirizwa.
Reta y’Uburundi ikavuga ko abakuru b’ibihugu bagendeye Uburundi bemeye ko bagiye gukurikiranira hafi ibijanye n’imigenderanire y’Uburundi n’Urwanda.

Mu kurindira ivyavuye mu mubonano n’umukuru w’igihugu biza kumenyeshwa mw’itangazo ry’ubumwe bwa Afrika riza gusohoka kuri uwu wa gatandatu, tubamenyeshe ko inyuma y’umubonano n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA wamaze amasaha arenga ane, abandi bakuru b’ibihugu bose baciye batahuka, mu Burundi hasigara Jacob ZUMA wenyene, umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo.


IGIHE

Messages

  • NIBASOHORE IRYOTANGAZO MUGABO BAMWE BITAZ IRIYE BA SINDUMUJA BAHAVA BIYAHURA KUKO BABWIWE KO MANDA YABO ITARAGERA

  • Get the hell (Jacob Z) out of our country. Shame on him!!!!

  • Nibarisohore turibone

  • What is going on ?I know every one support another one never think if you will get good news from Africans leaders because all are other one every one want be leaders till end

    AHO MURITEZE IVYIZA KUBA PEREZIDA BO MURI AFRIKA? MBE NTIMUZI KO BASHIGIKIRANA?
    NINDE MWOMBWIRA YEMEYE KUVA KUBUTEGETSI KUNEZA ATARI ABAZUNGU ? NTIMURABIRE KURI TANZANIA

  • twarasenze twebwe IMBONERAKURE turumvirwa twongera dusengera abarundi bose ko ico IMANA itegets atawugihinyuza.uwo mushitsi niyitond arikosore kuko umutekano niwose niyo yokwigumanira na mutama twitorey,ntangoran?iryo jambo turitez yompi,mutama naw niyiryoherererwe twebw abarundi tukuri inyuma

  • Nagira ndababwireko mukora ubusa kuku uwo mugabo nkurunziza wogirango baramutomoye amatwi ahandi naho wogirango niwamuhungu bita George baneti niwe iyo bamubwiye gukora ikintu akorana nigihushane caco ndababwije ukuri uwo hatabaye ukumwumvisha hakoreshejwe inguvu ntakintu azopfa yibwirije gukora kuneza mbe iyongingo avuga wewe kwitigeze umufata igihe yarakiri mwishamba koyariko asasika inganda arahoho nawe ntiyobijamwo kuko nubu ariko arasasika inganda nagire vuba aje mubiganiro areke kuguma atesha umwanya abarundi namakungu ataraho naho nibamukure vuba bashireho uwundi muntu muntu yohagararira igihugu murivyo biganiro kanatsinda araziko manda yiwe yarangiye nareke kuguma amase kuriyo ntebe kuko ntikiri rwiwe kandi twipfuza ko boshiraho umuntu winkerebutsi nka buyoya mwese mwarabonye ingene yahagarariye igihugu mubiganiro kandi bigashika kumasezerano meza ashimisha abarundi Bose ok

  • Abatutsi b’iburundi ngo Gahunda yabo ni uko hajyaho perezida umeze nka Ntibantunganya maze bakamuhoma amabyi!! Ntibazzi ko isi igeze muri 2016... Nibabe bagaramye mumakambi kagame wabahaye statut y’ubuhunzi nyuma y’icyumweru azabahe na nationalite... Gusa mbabona hano murwanda banitse amenyo muribo ntanushoboye kuvana amaboko mumpuzu.

  • Barundi, mwese kunda igihugu canyu mureke kugisivya kuko kera muzohava mwinovora intuntu kandi ngo uwuja gusenya urwiwe bamutiza umuhoro.
    Ntabwo ari Kagame canke abo ba rebelles bazozana umutekano nugusivya igihugu
    canyu gusa.
    Mugabo nagira nibutse Kagame wa mugani uvuga ngo: " Ruriye Abandi rutamwibagiye canke ngo akari mu nkoko niko kari mu ntama.

  • BOVYEMERA BATOVYEMERA,NTACO NKURUMBI YISHIMIRIJE MBONA,NIYITEGURE KWEMEZWA,NDIKUYEKO UMUCAFU WIYITA INTAGOHEKA,UNKURE MURAKO GASAKINA KAWO ,NTAHO DUHURIYE,IZINA RYA ,IRIBUKA,SINDUHIJE,PACIFIC,VITAL ,KAGAME,BUYOYA,AYOMAZINA NIMBA ARIYO AMUTETSE UMUTWE N’EJO NAHIRYA YEJO AZOGUMA AYUMVA ,YASHESHE AMARASO MENSHI AYABO ARACARINDIRIYE ARIKO YORINDIRA YOREKA AMASO AZOHERA MUKIRERE

  • NAGIRA.BWIRE.ABARUNDI.BAKOMEZE.GUSENGA.IMANA.BAGUME.KUMAVI.NAYAHANDI.WAPI.KWERI

  • Hewe Tekanantawuhorakungoma Nankurumbi Azokukuruka Nejo Burakeye Tuvyerekabagabo

  • Mbejuma Nabutari Zuma Wasigayemuburundi Ukoriki?Ivyakuzanyetwarayetubibonye Niwigire Uburero Wasigaye Mucuritseumutwehamwe Nankurumbi Aguhendahenda Nguzumuvugereneza Urarabaneza Ntutamikweijambouzoshikiriza Mubagutumye

  • jenabonye abobakuru bibihugu abose bameze nkankunziza kukobase baringungira kubutegetsi

  • Jewe nubwo ndumurundi abarundi barantangaza, ngo ibinganiro aravyemera rwariko abafise ivyo bagirizwa ngo ntibarimwo ! ndabaza kowe mumyaka ya maze mwishamba uwobahura atarimuruhande rwabamushigikiye koyarara amugandaguye abita ngonivyitso, kobwakeye akijira mubiganiro ryi arusha? munyuma akaza kurongora aboyagizipfuvyi nabugingonubu akibandanya gukoramaraso. abonabo yi tako bafise ivyobagirizwa nabariyumutima amenyo bakiyamiriza ihonyarwa ryamategeko yu burundi na yarusha. mbega murabo bamwegereye kombona kuvayijiye kubutegetsi kobabandanije gusesa amaraso mama ngo na ba efunere, mama ngo naba Sinduhije nabandi nabandi ntiriwe ndadondagura ! kwaribo bafatanije kugifukama munda ?.uwo rero afise ivyo yagirizwa ya riko aharanira agateka kigihugu, ntigasubire mugikoroni cabinyegeza muvyi Mana birirwa barayitukisha mubikorwa vyabo. uwumva niyumve, Thanks.

  • EWE MANA YANJE FASHA UBURUNDI NA BARUNDI UBU NYENE KARASHIZE INGANI IGIHUGU CACU KIBE ISIBANIRO RYINTAMBARA EREGA RETA NIYABANDANYA IVUGA KO IZOGANIRA NABADAFISE ICO IBAGIRIZA NUKUVUGA AMAKUNGU AZOCA YUNVA KO RETA YU,BURUNDI ATABIGANIRO IKENEYE REKA MBE MWA BATEGETSI MWE UBU NTIMWOVA IBUZIMU MUKAJIBUNTU NTIMUZIKO INTWARO YACU BATARI BANAYIKENEYE NUBUNDI BOROHEZE MUZOGANIRE BOSE NTIBAZORONKE ICO BITWAZA IMBERE YAMAKUNGU BAZOMARAMARE NTANAMATORA BAZIGERA BATSINDA NINTAMBARA NTIBODUTSINDA OROSHA TUZORABE ICO BAZOPFA BAGEZEKO DUCE TWIHUNGUKIRA IMIGAMBWE NIMIGAMBI YABAHUTU ITERIMBERE OOOOYEEEEEEEEEEE

  • Jewe Ndatewe Umutima Uhagaze,nabobaserukizi Ijana Bagisilikale,kuko Mfatira Kwiyinjira Ry’abasoda Ba Amerika N’africa U A,baja Kurwanya Al Chabab,hatangiy Kugenda Bakenkabajanye Imfashanyo;ariko Namba Ataruko Nibaze.Urwanda Kuvyo Buregwa,arivyo Nibukurikiranwe N’ubutabera Bubigenewe Muri Afrika N’uburayi.Ndangiza Nsaba Abenegihugu Kudasubira Guhendwa Naba:Sesa Nkuyoze.Kuko Imana Izobaza Umwewese Icoyakoze.Ibaze Kwica Mweneso!Mbe Imana Ntiyaremye Adam Na Eva?None Ntitwumva Ko Twempi Tuvukana?

  • Jewe Ndatewe Umutima Uhagaze,nabobaserukizi Ijana Bagisilikale,kuko Mfatira Kwiyinjira Ry’abasoda Ba Amerika N’africa U A,baja Kurwanya Al Chabab,hatangiy Kugenda Bakenkabajanye Imfashanyo;ariko Namba Ataruko Nibaze.Urwanda Kuvyo Buregwa,arivyo Nibukurikiranwe N’ubutabera Bubigenewe Muri Afrika N’uburayi.Ndangiza Nsaba Abenegihugu Kudasubira Guhendwa Naba:Sesa Nkuyoze.Kuko Imana Izobaza Umwewese Icoyakoze.Ibaze Kwica Mweneso!Mbe Imana Ntiyaremye Adam Na Eva?None Ntitwumva Ko Twempi Tuvukana?

  • Hahaaa Biraciye Birazatwibereho Neza Imana Nihabwe Icubahiro

  • Abatavuga rumwe na reta murambabaje, Jacob Zuma nisoma mbike na Nkurunziza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.