IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > RFI/AFP: Basaba umukuru w’igihugu gufata ingingo ,abahohoteye Esdras (...)

RFI/AFP: Basaba umukuru w’igihugu gufata ingingo ,abahohoteye Esdras Ndikumana bahanwe

mercredi 12 Myandagaro 2015

Iradiyo y’abafaransa RFI n’itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP basaba abategetsi b’Uburundi kuva ku mukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,guhana abahohoteye umumenyeshamakuru Esdras Ndikumana akorera ivyo binyamakuru mu Burundi.

Babicishije mw’ikete bandikiye umukuru w’igihugu c’Uburundi,bakaricisha mu buserukizi bw’igihugu c’Ubufaransa mu Burundi,bakarishira ahabona kuwa kabiri igenekerezo rya 11 Myandagaro 2015,umuyobozi wa RFI Cécile Megie na Michèle Leridon umuyobozi muri AFP basaba ko abahohoteye Esdras Ndikumana bohanwa,ku buryo atawosubira gucutsa agatima ko kubikora.

Abo bayobozi babiri basaba umukuru w’igihugu gufata ingingo zose zikenewe kugira amatohoza ashobore kwerekana vyihutirwa abakoze ico caha,gutyo bacirwe urubanza kandi bahanwe.

Kubwa Cécile Mégie,umuyobozi wa RFI,ntibanezerejwe no kubona inyuma y’indwi irenga ataco abategetsi mu Burundi barashikiriza ku vyashikiye Esdras Ndikumana.Asaba ko abasinzikaza agateka ka zina muntu nk’ivyakorewe Esdras Ndikumana ariko akora umwuga wiwe wo kumenyesha amakuru bokurikiranwa kandi bagahanwa.

Mwomenya ko Esdras Ndikumana yahohotewe kuw’Imana igenekerezo rya 2 Myandagaro 2015,inyuma yaho ahagarikiwe ariko atohoza amakuru,ahari hahejeje kurasirwa Lt Gen Adolphe Nshimirimana yahoze arongoye igendereza ry’Uburundi.


IGIHE

Messages

  • Ivyonivyu butungane sivyumukuru wigihugu!!! Muranjrgenyuye nukuri!

  • NDIKUMANA PORE SANA MAIS COURAGE AMATOHOZA YO MUBURUNDI NAYO URAZIKO ARI SELECTIVE

  • Muriko muta umwanya wanyu. mbega ntimuzi ko aba dd ari inyamaswa canke ntimuzi ko SNR yahindutse abatoir yabifuza ko amategeko yokurikizwa.

  • ABOBASHENZI MBE WOBABAZA BAKAKWISHURA.

  • Yemwe Amatohoza Yo Mu Burundi Muzororera N,amaso Ahere Munzira! Mbega Abantu Birigwa Baricwa Ntihabe Amatohoza Banganiki? Aho Bisa No Kuribwa N,imbwa! Esdras Wihangane Ntamvura Idahita !Ndazi Bitebe Bitebuke Intahe Itegerezwa Gusubizwa Ijambo !Bampema Yuzuye Bibonereko!

  • emma
    mwa maradiyo mwavuga mugabo nuko mutanga amategeko mugihugu musanzwe muzi ko atarigwanyu, reta ya nkurunziza reke kuyigora kuvya bamenyesha makuru ibiyihanze sivyo vyumuntu umwe wanyu muhaya. Mbega umumenyesha makuru sumunyagihugu nkabandi?

  • Uwiyita Emma Nagira Ndamukebure, Baca Umugani Ngo Inkoni Ikubise Mukeba Urayirenza Urugo. Kubahuka Ukavuga Ngo Esdras N’ Umunyagihu Nkabandi None Yahohotewe Kubera Ico ? Erega Nta N’ Umwe Arekuriwe Guhohotera Umuntu N’ Umwe, Yaba Umunyagihugu, Yaba N’ Umumenyeshamakuru. Nizere Ko Uwo Wibaza Ngo Uriko Uravuira Ahubwo Uriko Uramukwegera Atiyumvira Nkawe Agandiho Ryoba Ari Ibara.

  • Iyigeze kure ntakitayigera ihembe. Mwarabonye ko Uburundi butwarwa n’imbungege; n’amassociation yose aha amategeko Leta. Ni akamaramaza. leta ntaco icambariye. Ntaho vyakabaye aho ama associations yose des malfaiteurs et des colonisateurs aha amategeko Leta. Mugabo niko uwigize igitebo bamuyoza amase. Ntiboja gutanga ayo mategeko mu Rwanda bakaraba. Nkurunziza warishinze gukina umupira wibaza ko ugutwara igihugu ari ugukina, raba iyo ukigejeje.

  • Yaja kurarika agahanga ahantu barasiye genera yibaza iki,nubwo bamuhashuye nke,yibazako wari umwanya wo kuza gufata amafoto,ba mureka kutubeshera,aho bamugize iki,nawe nasabe visa ahamvye karavera mu bubiligi nimba atari mu bufaransa;hari enquetes zikenewe kurusha izindi uyo nabe amenya aho yimiriwe naho arekuriwe,iyaba jewe naramuvuna ku buryo atazosubira gufatisha intoki ikintu na kimwe cnddfdd ndabemera muri des professionnels muri vyose,ehe ndabira,abatutsi bihe amabaraba,baturire abantu ,bahava atawubariye urwara,sans aucune egratignure,general wacu mucishe kuwepfo raba muguma mwigaramiye mu mazu muhimbaza votre coup,muduturirire ibintu ,ivyanyu biguma bihagaze,nimwivugire ariko ako kanyaro kazoteba gahere,burya kwisi vyose bifise iherezo.
    Ecotez les RFI/AFP,les enquetes sont en cour!!!!

  • Njye ndagaya abamukubise uwo mubisha kuko bagombaga kumuhereza urusoro ibindi bikaza nyumaa

  • Yazagukendakenderiki ahagandaguriwe umu Gen wigihugu iki!? Arinko mubufrasa bakagandagura umu Gen ukaza kuhakendakenda wokabona ngurizabamenyeshamakuru, nuwugize accida yimoto ntiwemererwa kuhashika nimpaka abajejwe amutekano nabajejwe ubuvuzi babanze bahagere hanyuma abanyamakuru bakazanyuma! Abomubigugu vyateyimbere basigaye batubona nkutuntu tutagira ubwenge.

  • emma

    kariyo wewe ntampanuro ndagusavye kandi ntanizo nzokwigera ndagusaba kuko wewe uri nikijuju. Hanyuma jewe ntuze urampangara kuko nokumira ukeneye kumbona uzobinsabe. Nayahandiho upunguze umunwa wawe.

  • Muburundi Yaba Ubucamanza Bwigenge Abantu Nkabo Baba Bakubitwa Intahe Mugahanga None Ingihugu Bagifukamyemunda Rika Turindire Ububutegetse Butagira Ijambo Buvehe Ntamvura Idahita

  • Jewe nibaza ko Emma atariwe, nibeza ko umutwe ari muto. ivyiyumviro vyiwe birerekana aho ubwonko bwiwe bugera. Ntakundi sha Emma umwe wese ni uko angana mu mutwe haha!!!

  • @gagima. None se se wanyu wagandaguye Bikomagu na Adolphe (Bikomagu) arihe?? Ndizera ko Bagaza na Buyoya nabo bakwiye kubazwa ibyo bakoze mukahise

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.