IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Richard SEZIBERA yankiwe kwinjira mu mubonano utegura ibiganiro

Richard SEZIBERA yankiwe kwinjira mu mubonano utegura ibiganiro

vendredi 30 Gitugutu 2015, par egide

Umunyamabanga mukuru w’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, Richard SEZIBERA yarankiwe kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 28 Gitugutu 2015 kwinjira mu nama nkenguzamateka y’Uburundi, ahagira hakirwe Crispus Kiyonga umushikiranganji w’ukwivuna abansi wa Uganda. Inama nkenguzamateka y’Uburundi imenyesha ko Richard SEZIBERA atari ari ku rutonde rw’abatumiwe muri uwo mubonano.

Kuva mu gatondo ko kuri uwu wa kane, ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye hiriwe havugwa amakuru avuga ko Richard SEZIBERA, umunyamabanga mukuru w’umuryango wa Afrika y’ubuseruko yankiwe kuri uwu wa gatatu n’abajejwe umutekano kwinjira mu nama nkenguzamateka y’Uburundi.

Richard SEZIBERA yankiwe kwinjira mu nama nkenguzamateka y’Uburundi mu gihe Reveriyano NDIKURIYO, umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi yagira yakire Crispus Kiyonga, umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’igihugu ca Uganda, akaba kandi n’intumwa idasanzwe ya Yoweri Kaguta Museveni umukuru w’igihugu ca Uganda aheruka gusabwa n’amakungu ko ariwe yohagararira ibiganiro vy’ukurondera gutorera umuti ibibazo vya poritike biri mu Burundi.

JPEG - 48.2 ko
Richard SEZIBERA, umunyamabanga mukuru w’umuryango wa Afrika y’ubuseruko

Inama nkenguzamateka y’Uburundi isigura ko Richard SEZIBERA yankiwe kwinjira muri uwo mubonano kuko atari ari ku rutonde rw’abo Reveriyano NDIKURIYO umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi yari kwakirira hamwe na Crispus Kiyonga, umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’igihugu ca Uganda.

Mu gihe bivugwa ko Richard SEZIBERA, umunyamabanga mukuru w’umuryango wa Afrika y’ubuseruko yasunitswe n’abajejwe umutekano mu nama nkenguzamateka y’Uburundi, mw’ikete ryandikiye kuri uwu wa kane umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, inama nkenguzamateka y’uburundi imenyesha ahubwo ko Richard SEZIBERA ariwe yashatse kwinjira ku nguvu muri uwo mubonano, abajejwe umutekano baramwankira.


IGIHE

Messages

  • Ntimube mwaca mumushira mumvuto uwomushumba Wa Kagome, abonibamwetwita abasumyi burusaku murahagabira urwanda mugwikureko burundu kukobacumbikiye abansi bacu

  • Ntimube mwaca mumushira mumvuto uwomushumba Wa Kagome, abonibamwetwita abasumyi burusaku murahagabira urwanda mugwikureko burundu kukobacumbikiye abansi bacu

  • Ako kagabi ntimube mwaca mugashira mumvuto, abanyarwanda mubiyamirize mubiganiro tugiye kujamwo naho nagasumyi kurusaku intumwa ya Kagome acumbikiye abansi ni gihugu cacu

  • Ako kagabi ntimube mwaca mugashira mumvuto, abanyarwanda mubiyamirize mubiganiro tugiye kujamwo naho nagasumyi kurusaku intumwa ya Kagome acumbikiye abansi ni gihugu cacu

  • Ntibyumvikana umuyobozi ku rwego rwikirenga nka Amb.Sezibera ngo bamucumurize imbonerakure.ibyo n’agahumamunwa

  • Tuzobanyara ba sha! Ngaho mubandanye gukinisha Kigali! Uwufise inzu ya nyakatsi ntiyoba akinisha umucanwa!

  • EWE DD URANUTSE.IMVUGAKURI YOSE ICINYIZWE?MURATEY ISONI.YAMARA BURAKEY TUHEREK ABAGABO.IMANA NTABWO IZEMERA KO INTUNGANE ZIGUMA ZIZIRA UBUSA.

  • Muba Mwaramuka Akinjira Kuko Siwe Ateye Ibibazo Muburundi Ababiteje Bariho

  • Biteye isoni n’agahinda aho inzego z’umutekano zifata nka mayibobo, umuyobozi we wagacimbiri wo musunika, noneho ugasunika umunyacubahiro nkuriya, ni ubugesera kweli, nta soni abarundi bafise, erega ahagarariye EAC ntabwo ahagarariye agahugu kamwe.

  • Mbe Yinjira Kunguvu Nkande?Erega Abanyarwanda Uburundi Barabwitiranya Nu Rwanda!Ahubwo Yobamugirira Akantu,urwanda Rwamye Rudusotora.Ngira Yaraje Kuraba Kwa Ta Gisoda Nigipolisi Bigihari.Yarakwiye Kumeswa.Gusa Abarundi Isinzi Turindiriye Ifirimbi Ya Mutama Icotuzokora Turakizi Kuko Akagaye Ni Kabi.

  • Ntawobarenganya c est la sauvagerie et la barbarie qui vous caracterise. Imagine un pays ou regne la sauvagerie . Je connais Sezibera un homme calme et sage qui ne peut pas entrer par force ce que vous dites c est du pure mensonges. muranse muragaragaza ubunyamusozi n ubutindi

  • ndashimye kuba yarabonyeko UBURUNDI atari ikibuga cabadayimoni aragenda abaririnkuru kagame.ABARUNDI turapanze

  • Abategetsi bayoboye u Burundi muri iki gihe bafite amatiku menshi, ashingira ku birego bidafite ishingiro, ubwo se ko Dr. Richard sezibera, ahagarariye EAC kandi akaba yungirije umuhuza, ndavuga Perezida Museveni. Kuki niba baratumiye umuhuza mu biganiro bihuza abarundi bumva ko umuhuza yaza wenyine asize abamwungirije bafatana ingingo, Murashaka se kwihererana umuhuza kgo ariwe mukorana ibiganiro gusa ?ahubwo bigaragara ko haribyo mushaka guhisha, Icyo nzi cyo muribeshya ntacyo muzageraho, iyo ngoma yanga u Rwanda n’abanyarwanda ntacyo mwadutwara na kimwe. Nta bwoba abanyarwanda dufite bw’ako gatsiko k’ubutegetsi bwa Bujumbura, turahari uzadushaka isaha n’isaha azotubona. Komeza muwatse basha muzawota.

  • Mbe mwe muvuga amajambo yuzuyemo ubujuju bwinshi muziko Dr ambassador Sezibera ari Sec Gen wa EAC kandi akaba ariyo inategura inafasha mu biganiro bihuza abarundi akaba anafashanya na Kiyonga,mbe muziko kiriya gikorwa API yakoreye Sezibera gisuzuguza uburundi nindongozi zabwo!Ivyakozwe vyagaragaje ivyiyumviro biri hasi cane naho kubabivanga n’URwanda ntibaruzi,mukomeze iminsi izabereka ko mwihenze cane.

  • mamaweeee!!! kuki batagafunze?? bazubaye basi. yayayayayayaaaa!!! ibi birarenenze.kuki batamwagirije nugusuma urusaku? kwitumira munamana kabisa?? akagaye kabo turakarambiwe ndakenda mama..sinababariye KO cenared izondukwegera akarambaraye?? EE ngivyo.....

  • None uwo mugabo aritumira?
    Erega kuba Umunyamabanga wa EAC ntibisigurako aca yitasha mugihugu kirimwo beneco!
    Respect!
    Buryo iyo haza kuba ari iwabo rwari kwitaha?
    Yitaye mundya nk’Isazi, barakabna bamwirukanye.

  • Ariko mwakagira Imana mweee! None abanyarwanda ntamigenzo y’ikirundi bazi ? Murabamenyesha ko iburundi atawuza murubanza atatumiwemwo. Niyo wamwibutse abandi bamaze gufata icicaro urisuganya ukazomusaba imbabazi ubundi ntaca hejuru yabamaze gufata ivyicaro niko twakuze tubona bikorwa.

  • Reta y’uburundi ikora politique irimo ubuswa bwinshi.Bazakomeze umunsi wa 40 nugera bazabona igisubizo gikwiye.

  • Kandi nabibonye kare ko politique y’abarundi itarimo ubwenge,nibuka bica abantu iwabo barangiza bakazana imirambo muri Rweru ngo ni Rwanda yabishe.ubwenge buke buba bwinshi!Mission ya CNDD ku Rwanda irazwi bategereze the right answer.

  • Mwagize neza cane kugrira ada souilla ingoro y’inama nkeguzamateka. Twarabonye aho Kagome yaja muri campus ivyakwirikiye. Nta munyarwanda agenzwa n’amahoro mu Burundi. Bari bakwiye bose gutaha iwabo, ubwo bwoko bw’abicanyi. Bagumane iwabo za jenoside.

  • Ahubwo ngo iyo wigize akarima rireze, umuntu uwo ariwe wese araguzuzugura, uwo munyarwanda ntaziyuko arinda gutumirwa imbere yuko afata inzira.
    utu tugabo tutu nyarwanda ni kutumara amanyama kuko iwacu i Burundi atari kwigira nk’ibiro vyeze.

  • Ubujuju buri mu bategetsi b’i Burundi burenze urugero, bandukije n’abanyagihugu bose. Amb. Richard ahagarariye EAC igizwe n’ibihugu vyose vyo mu karere. Kumufata nabi nugufata nabi Kenya, Tanzania, Ouganda,Rwanda namwe barundi mutisigaje inyuma. Ni mwikebuke kuko abababesha ngo barabashigikiye bikomeye nta numwe muzobona, uburorero murabuzi bwinshi hirya no hino kwisi, nimureke kwifata nk’ibitambambuga!!!!!!!!!!!!

  • 😎😎😎 yuri mbobo uhora uri imbobo aba rundi bamwe murimwe tuzajya tubasengera mwe ntacyo muvuze kabisa

  • Abanyarwanda hamwe n’umuryango wa EAC batubabarire kurivyo vyashitse.Vyaratubaje abarundi b’umutima.Nimuvyihanganire,mubirengere ntimukazihore ngo mumere nkabo,muzoba mutsinze ako karwi kabikoze.

  • Ivyo ntangorane, mu misi mike abo bapolisi bashatse kwereka Petero Nkurunziza ko umusi uri izina nawe batazomwemerera kwinjira mu biro! Ikindi naco namba ariwe yabatumye, ico umuntu abiba nico azimbura! Uko abigisha gusuzugura abategetsi bagenziwe niko nawe bazomukengera.
    Rira bien qui rira le dernier!

  • None Reveriyano yavuye inyuma y’impene z’i makamba agaca mu mbonerakure imbere yuko bamutazira umukuru w’Inama Nshingamateka mwashaka akore iki kindi? Ivyo ni vyo yamenyereye mu bunywero bw’i Makamba ariko aniganira inyama z’impene. Nta kundi, mu kurindira yuko inzego zitwagwa n’ababishoboye, abashitsi b’Uburundi bazokubagurwa n’Imbonerakure. Uburundi buzosaba ikigongwe plus tard.

  • Ariko koko CNDD iranze irica igihugu cyabo!Jye narinzi ko nyuma yo kuva mw’ishamba muzahindura ibintu buri murundi wese akabaho neza,none mwerekanye ko mudashoboye!Imyaka icumi mumaze kubutegetsi aho kugira igihugu gitere imbere cyasubiye irudubi,mu bukene bwinshi,mu macakubiri muri aba mbere,...!U Rwanda,uBubiligi,Sezibera n’abandi sibo babateye ibyo bibazo murimo,ahubwo nibyo mwebwe mwikururiye mushyiraho Peter. URwanda ni murufashe hasi, nta mwanya wo guterana amajambo nkamwe,twebwe turi muri train itugeza ku majambere na Kagame Wacu.Naho Sezibera musuzugura, ntiyatumwe n’u Rwanda ahubwo ahagararariye EAC yose.Ntana diplomacie muzi!!!!

  • NDABO":urasuzuguritse.le BURUNDI N’EST PAS UN PAYS DES DEMONS COMME SEZIBERA ET KAGAME MAIS AUSSI IL YA LA DIFFERENCE ENTRE RDC ET LE BURUNDI,

  • Iyo bagakora mumajigo bakakavanamo amenyo ako kaginga ngo ni SEZIBERA. Abanyarwanda bo muri FPR basigaye arimbwa kabisa. umuntu muzima kujya munama atatumiwemo.

  • Urevye uwomugabo Sezibera igihagararo afise muri EAC suwokwinjira mu Burundi yihetse mukwaha kwuwundi muntu canke ngwaboneke nkuwukorotse ngoba munamankenguzamateka yu Burundi ngoba! Turetse jewe kumugaya, wenyene arigayishije bitaribaboneke kumuntunumwe kuva uburundi nurwanda birose intahe yokwikukira! Kubijanyenaho nuko arumuntakomeye muri EAC ngoyocazarakorokera murivyobihugu ukwashatse, uwovyiyumviragurtyo ntayobatandukaniye numuntu yavutse arise ubwenge budakwiye. Rekandababaze mbeyoyagiririra accident mu Burundi harigutangazwako yarimurugendo rwakazi murikigihugu cu Burundi mugihe ataantu atabutumire yarifise canke ngo abeyaramenyeshejeko murugendo rwuwo mushikiraganji wa Bugande azogirira Burundi atinanje nashimye kotuzobaturikumwe? Akamaraaza.com!!!.

  • Ndajegenyutse nahora norosha ibintu oyandabona arukwahuka tugashira mumigere kukondabona guhendahenda birase agaheriheri urwanda rurabayendase kuburundi! Mbentimubonako uwomuntu Sezibera yafatiwe mucaha gikomeye cogusuma urusaku mu Burundi?

  • Dr sezibera niba abujijwe kwinjira ubwo abo batavuga rumwe bobo bazobareka binjire? harya ngo baciye babaha imitahe yo kubafata ngo batazoza mu biganiro, mbe ko Nkurunziza yari yarakatiwe ugwo gupfa, byamubujije kuza mubiganiro, mu kinda mugaramye, muvuga ayamuhe nisha kwelezeya Nkurunziza, ibiganiro bizoba neza cane, naho kugabisha abarundi bigumye, reka kwikoza isoni mwikura ahashushe ngo Dr sezibera, niwe wazanye manda ya 3, niwe wakoze ikinamico ngo kudeta, niwe niwe niwe?

  • igisiga cugwara rurerure cimenye inda basha none gusunika Dr Richard uhagarariye EAC arigikorwa cubutwari na mwebwe muyirimo. hhhhhh ngo nuko arumunyarwanda. nagira nikibazo co gukunda ubutegetsi gusa kumbe na politique ntayazi . bandanya sha ntuzotinda kubonako wihenze.

  • JEWE NAGIRA MPANURE NYAKUBAHWA P.NKURUNZIZA IYO MENDA NAYIREKE IVYEREKEYE AMA DOSSIER NAYO TWEBWE ABARUNDI TURAMWEMEREYE KUZOMUFASHA GUSA IKIGONGWE AMAKUNGU HAMWE N ABARUNDI.!!!?

  • nkurunziza ntimugire icyo mumubaza kubyabaye kuli sezibera . kuko we ntajambo afite mugihugu . ibye nimpene ni mvoka gusa. yibeshye agahana ababikoze yarara apfuye. ahitamo kwicecekera. abamulinda nibo ba kibamba.

  • haa! ivyo uburundi biragoye

  • Abarundi dusigaye turi igitutsi mu makungu. twari dukwiye kwikebuka kuva Uburundi bwiswe Uburundi niho tucumva iryo bara ryaraye ribaye, Ntitugisonera abahakorera ntitugisonera Abashitsi. Ntitugisonera ubuzima bwa Bantu. Muncamake ntitucubaha Imana ingaruka ya babikora umwe wese nayironkere!!

  • Sezibera si mana ku Barundi,ni mana iwabo mu rwanda,nabanze ahuze kagame na kayumba,arekuze INGABIRE V,atahukane aba FDRL,arekuze BIZEMUNGU P,ahagarike kagame guhindura i bwirizwashingiro,niyabiheza aze afashe abarundi nabo

  • Abanya rwanda bibaza kwari abanyabwege bikirenga ariko bari very stupid kuÄ·o ubwenge bwabo nta displine bufise.How honorable nÄ·a SENZIBERA ashobora kwinjira mu atatumiwe mwo nkaho womenÄ£a yinjiye mu Ä·abaĺe canke toilet.abanyarwanda bari bakwiye kumenya ko hariho itandukaniro rinini hagati ya Congo n’UBURUNDI

  • Barundi b’umutima ibya SEZIBERA ntabwo bigomba kubakanga mwakoze ibyo mugomba gukora ABANZI B’UBURUNDI mugomba kubereka yuko bagomba kwikosora no guhinduka. ABARUNDI bageze aho UMWanzi YIFUZA.
    Mu nama nyinshi mugomba gukora kandi muzakora NTABWO MUGOMBA KURYA IMINWE MUGOMBA KUDOMA U RWANDA hamwe na KAGAME KUKO ATEZA AMABI I BURUNDI, CONGO ,TANZANIYA ko abangamiye AFRIQUE CENTRALE yose ikibazo ntikibe POLITIKI Y’U BURUNDI ahubwo ko ikibazo ari U RWANDA RUTEZA IBIBAZO MU KARERE KACU.MUBIVUGE MURI CGLR ,MURI UA(UNION AFRICAINE) SADEC ABAYOBOZI BOSE BA AFRIKA CYANE MUGABE ROBERT yabafasha guhashya umwanzi wanyu KAGAME muri iki gihe atwara UBUYOBOZI BWA AFRIKA NA SADEC

  • abarundi mugeze habi kabisa ubwo muribazako mwasuzuguye urwanda ahubwo mubonye ibara musuzuguye EAC yose muri ibijuju muri politique kabisa , ariko muraje mubone ko mwakinishije utakinishwa akanyu karashobotse sasa, baturetse koko tukabashira kumurongo muzima koko mukabona ko byose bishoboka

  • Hh yewe Burundi urasuzuguritse cyane kubona uza nokumwanya wambere mubihugu bikennye Kwisi? Ibibazo byanyu byabananiye kubikemura mujijisha amahanga ngo ni Urwanda rubibatera nubwicanyi bwanyu. Politike yo yarabananiye uretse kwicana ntakindi mushoboye. Intwalo Yari iya buyoya naho abobahutu bayobowe Na Nkurumbi nabokwicana gusa

  • Yaje mu nama atatumiwemwo en plus ashaka kwinjira ku nguvu muribaza,un compotement primitif,erega ubunyagwanda buba bwumva bufise droit mu burundi bwacu,murabe nivyo bwandika umengo dusangiye igihugu ,muzotuviraho tu murahumba,tuba dukenye ,ubukene n’ubwacu tuzobwimenyera ja i wanyu mukize mutureke.Nous n’avons rien àadmirer chez vous.

  • fidelite wirakara kuko Niko bimeze murasuzugura sana ariko akanyu karabaye izo nterahamwe zizobakorako nukuri mubaze kabila aho zimugeze muri ibyasama kweri

  • None uburundi burongogwa nibijuju kweli, gusunika umuntu nka sezibera kweli!!!! nta diplomacy kabisa administration yanyu ni bizarre kabisaaaaa ahaaaaaaaaaaaaa!!!!! ico si gihugu mutegeka omengo nisoko.

  • ewe burundi uratangaje warivyariye agasema ,ariko harihagez aho ivyo bitamba mbuga bitemba harageze

  • @Mureston. Uburundi si kongo bazabakosora mwicuze.Gahoro gahoro bazabasya nk’amamera. Kuko inkotanyizimidigi isasu niryo ryazishobora ngira tonnes maganatatu mwataye kongo kumanywa mutaribagirwa

  • hakili kidogo gusunika Sezibera niwo muti wokurangiza ibibazo byanyu? mura mapumbafu gusa akiyo reta yanyu karaza kumenyekana nkuru nguhaye 3mois, kandi mubyandike.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.