IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > RSF isaba ko umumenyeshamakuru wa RFI na Bonesha FM yofungurwa

RSF isaba ko umumenyeshamakuru wa RFI na Bonesha FM yofungurwa

jeudi 27 Kigarama 2012

Inyuma y’amazi 13 Hassan Ruvakuki umumenyeshamakuru w’iradiyo y’abafaransa RFI na Bonesha FM aheze afunzwe,ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe Reporters Sans Frontiers, RSF risaba ko yorekurwa.

Mw’itangazo ryagiye ahabona, ishirahamwe RSF rimenyesha ko Hassan Ruvakuki ata caha yakoze mu kuja kuvugisha uwurongoye abarwanyi bari batangaje ko bashaka kurwanya Reta bari muri Tanzaniya.

Umunyamabanga wa RSF Christophe Deloire avuga ko ifungwa ry’umumenyeshamakuru ryacafuje u Burundi bikwiye. Avuga ko ubutungane bwokwikubita agashi bukarekura Hassan Ruvakuki. Amenyesha kandi ko vyokwerekana ko ubutungane bwigenga.

Iryo tangazo ryibutsa ko umumenyeshamakuru Ruvakuki yahoraakora mu rurimi rw’igiswahili ata caha yakoze kuko ngo kuvugisha umurwanyi ntibisigura gucika umurwanyi.

Hassan Ruvakuki yafashwe n’igipolisi c’iperereza italike 28 ukwezi kwa Munyonyo 2011. Yaciye aja gufungirwa mu gasho k’igipolisi mu ntara ya Cankuzo. Yahamaze iminsi 40 aca yungururizwa mw’ibohero rikuru ry’intara ya Ruyigi. Yagirijwe icaha co gukorana n’imigwi y’abarwanyi mu nyuma icaha kirahinduka yagirizwa gukorana n’imigwi y’iterabwoba. Aho yaciye yimurirwa mw’ibohero rikuru ry’intara ya Muramvya, nubu niho akiri.

Sentare nkuru y’intara ya Cankuzo yamuciriye igihano co gufungwa ubuzima bwiwe bwose italike 20 ukwezi kwa Ruheshi 2012.

Yarunguruje urubanza muri sentare isubiramwo imanza i Gitega. Ruzosomwa italike 8 Nzero 2013.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.