IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rutana : Indwara ya suna iratuntuje aborozi b’inka

Rutana : Indwara ya suna iratuntuje aborozi b’inka

vendredi 6 Ruhuhuma 2015

Muri komine n’intara ya Rutana, inka zirarembejwe n’indwara ya Suna (La fièvre aphteuse).

Nk’uko bivugwa n’umuganga w’ibitungwa aho mu ntara ya Rutana, avuga ko amagara y’ibitungwa yifashe nabi cane inyuma y’aho inka cane cane zifatiwe n’iyo ndwara ya suna. Aborozi b’ibitungwa rero bakaba basabwa gutanga amafaranga ibihumbi bibiri, kugira hagurwe ibikoresho hamwe n’umuti wo kuvura izo nka zabo. Inka zigera kw’ijana na cumi na zitandatu, zikaba zimaze gufatwa n’iyo ndwara, kuva mu ntango z’umwaka w’2015.

Richard Nduwayezu ajejwe gukurikirana amagara y’ibitungwa aho muri komine ya Rutana, akavuga ko inka zo muri komine ya Mpinga Kayove arizo zandukije inka zo mu Rutana, Kivoga, Kiganda, Karami na Maramvya, yose ikaba imitumba ya komine ya Rutana. Iyo ndwara rero ikaba yazanywe n’inka zigurwa zikazanwa zirwaye, zigaca zandukiza izo zihasanze.

Aborozi bo muri iyo komine, bagasaba ko nyabuna hoboneka urucanco rw’iyo ndwara ya suna, izigikomeye zitarafatwa. Bavuga ko iyo ndwara yabaciye umutima, kuko hamwe itovurwa mu maguru masha, inka zabo zohahonera.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.