IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ruyigi : Abantu babiri baragandaguwe abandi bafatanwa inkoho mu (...)

Ruyigi : Abantu babiri baragandaguwe abandi bafatanwa inkoho mu Rumonge

lundi 9 Ruheshi 2014

Abantu babiri baragandaguwe mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, ku musozi Businde wo muri komine Ruyigi. Abajejwe intwaro bamenyesha ko amatohoza yatanguye kugira bashobore kumenya abakoze iryo bara.

Mu giporisi n’abajejwe intwaro bikeka ko ubwo bwicanyi bwoba bwavuye ku kaborerwe n’ukwagirizanya uburozi, bagasaba abanyagihugu kwirinda inzoga z’umurengera.

Ubwo bwicanyi bwavuzwe mu gihe kuri uwo munsi nyene, ku mugoroba wo ku munsi w’Imana, igiporisi cafashe inkoho zibiri zo mu bwoko bwa Karashinikov, ku musozi Busebwa, zone Gatete, muri komine Rumonge. Izo nkoho zari mu muduga wo mu bwoko bwa Hiace wari uvuye i Nyanza.

Abafatanwe izo nkoho baciye bajanwa kwumvirizwa mu biro bikuru vy’igendereza i Bujumbura, ku mvo z’amatohoza.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.