IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ruyigi : Abantu babiri harimwo n’umuporisi baguye mu gitero

Ruyigi : Abantu babiri harimwo n’umuporisi baguye mu gitero

mardi 24 Munyonyo 2015, par egide

Abantu batatu harimwo n’umuporisi nibo baguye mu gitero cabaye mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere muri komine Gisuru, intara ya Ruyigi.

Nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, niho abantu bane bitwaje ibirwanisho batera ubunywero bwo mu Gisuru, hafi y’urubibe Uburundi buhana na Tanzaniya. Abo bantu bishe umuporisi umwe hamwe n’umuyobozi w’ishure rya Kabuye yari muri ubwo bunywero.

Hassan Abdallah, buramatari w’intara ya Ruyigi amenyesha ko abo bantu ataco bivye muri ubwo bunywero, rikaba ribaye irya mbere iyo ntara ibamwo igitero kuva umutekano utanguye guhungabana mu Burundi.

Abo bitwaje ibirwanisho baciye bahungira mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya.


IGIHE

Messages

  • inama nogira abarundi n’uko mukwiye kwihana umuntu wese akareka inzira yiwe mbi akagaruka k’uhoraho.uhoraho nawe azotugarukira.ivyo vyose n’ingaruka yokutumvira IMANA.urukundo rwarabuze mu batuy’isi.none mu burundi hari abitwa abakirisu bangahe? ibuka ivyabaye muri kahise k’abisrael.iyo bagir’umwami mwiza igihugu cagir’amahoro,iyo bagir’umwami mubi n’abanyagihugu bamwe bàba babi kandi bakagwa mu ngorane zikomeye.ntanumwe yashobora kubakiza atar’IMANA.IMANA niyo izokiza izi ngorane nitwayironderana umutima wacu wose,n’ubugingo bwacu n’inkomezi zacu zose.

  • inama nogira abarundi n’uko mukwiye kwihana umuntu wese akareka inzira yiwe mbi akagaruka k’uhoraho.uhoraho nawe azotugarukira.ivyo vyose n’ingaruka yokutumvira IMANA.urukundo rwarabuze mu batuy’isi.none mu burundi hari abitwa abakirisu bangahe? ibuka ivyabaye muri kahise k’abisrael.iyo bagir’umwami mwiza igihugu cagir’amahoro,iyo bagir’umwami mubi n’abanyagihugu bamwe bàba babi kandi bakagwa mu ngorane zikomeye.ntanumwe yashobora kubakiza atar’IMANA.IMANA niyo izokiza izi ngorane nitwayironderana umutima wacu wose,n’ubugingo bwacu n’inkomezi zacu zose.

  • none abo babo bararondera ibiganiro canke ibyicaro bya politoke. ndamaze kubona ko niyo leta yaja mubiganiro canke niyo Peter yasokora uturwi twabagizi banabi tutazohera,ahubwo leta nibahagurukire ntagufyinyata kuko bashobora kuzavamo bokohalam canke ISS ushami rikorera muburundi,leta nibiyigora izasabe ubufasha muri SADEC,ariko iyomirwi ituzwe.

  • A cause d’un seul homme de Nkurunziza Pierre, les burundais continuent d’etre aveugles et de mourrir. Une armée professionnelle et divisée par un seul homme. Ces memes militaires vont bientot mourrir un a un. Ils n’arrivent pas a voir clair et a chasser cet homme qui continue a éliminer les leurs. Incompréhensible mais vrai.

  • Non abapolisi ko bakwirikiy ubwij nibemer bawote,abasoda bagaragaj ko badashigkiy herode baryama 24/24,mbabajw n’uwo munyagihugu aziz ubusa

  • ruyigi nay igira yadukigwe?ivyo nivyahariy i bujumb.

  • Ntukamazina urabeshya uturwi uvuga twatangujwe na Nkurunziza hamwe na cndd fdd bashatse gufata igihugu nkumurima wabo nubu niyomoke urabe ko amahoro ataboneka

  • President ,amakungu nibo bakwiye kugira ico bakoze kugira abarundi twogorore ahandi ho vyose biri can can kuri president pierre Nkurunziza.Aba Polisi nabo nibarwote urubeya kuko nabo nyene barabizi.

  • Kazehe1 wabonye Tugiyekuronka,gahenwe

  • Kazehe1 wabonye Tugiyekuronka,gahengwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.