IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ruyigi : Umugabo yafatanywe abana 10 ku gituro c’imiduga

Ruyigi : Umugabo yafatanywe abana 10 ku gituro c’imiduga

mercredi 23 Ndamukiza 2014

Umugabo w’imyaka 44 y’amavuko wo mu ntara ya Ruyigi, yafatiwe mu gisagara Ruyigi ari kumwe n’abana 10, aho bivugwa ko yoba agira urudandazwa rw’abana.

Uyo mugabo afise amamuko muri komine ya Mishiha mu ntara ya Cankuzo ariko ubu yari asanzwe yarirukanywe n’igihugu ca Tanzaniya ku butaka bwaco, akaba yafatiwe iruhande y’umuduga wa OTRACO ari kumwe n’abana 10 bagira bamanuke mu gisagara ca Bujumbura, kugira munyuma aze ashobore kurondera iyo ajana abo bana, narirya yikekwa kuba akora urudandazwa rw’abana, nk’uko uwujejwe igiporisi mu ntara ya Ruyigi yabimenyesheje. Uyo mugabo yafashwe akaba abihakana, kuko avuga ko yigorewe, itongo ryiwe ubu ryafashwe n’iyindi miryango itatu mu ntara ya Cankuzo, nawe atagira iyo ata umutwe.

Uyo mugabo rero akaba apfungiwe mu ntara ya Ruyigi, mu kurindira amatohoza. Tukabamenyesha ko igikorwa kibi co kudandaza abana, cahagurukiwe mu Burundi kuva aho bimenyekaniye ko hari bamwe mu bantu bafashe iyo ntumbero yo kudandaza abantu, ndetse n’amwe mu mashengero akaba amaze kugira ingendo, aho biyamiriza urudandazwa rw’abantu rubiteye isoni, ndetse bagasaba ko, ako kamaramaza ko hagurukirwa vy’akarorero, kagaterwa ivyatsi n’abantu bose.


Aristide Nizigire

Messages

  • AMANYANGA YABATEGETSI. IYO BABA ABABATEGETSI IVYO NTIVYOVUGWA

    MBE ABAVYEYI BABO BANA NIBO BAHAMAGAYE POLICE?
    IYO MUVUGA NIMWITONDE BENSHI BAFISE INZIGO KUKO ABABO BATARIKO BASHOHOKA IGIHUGU.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.