IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > RwandAir yagabanyije ingendo ikorera mu Burundi

RwandAir yagabanyije ingendo ikorera mu Burundi

mercredi 11 Munyonyo 2015, par egide

Kuva mu mpera z’ukwezi kwa Gitugutu, ishirahamwe RwandAir ry’ukwunguruza abantu n’ibintu n’indege ryaragabanije ingendo ryakorera mu gihugu c’Uburundi.
Ingendo zahora zikorwa na RwandAir zari mirongo ine mu kwezi, ubu ni mirongo itatu gusa.

Kuri ivyo biharuro bitangwa na RwandAir, biboneka ko hahora hakorwa ingendo cumi mu ndwi, ariko ubu hakaba hakorwa ingendo indwi gusa ku ndwi, ni ukuvuga rumwe ku munsi.
Izo ngendo zagabanyijwe bitumwe n’ukuba ingenzi zija mu Burundi zaragabanutse, nk’uko bitangazwa n’ubuyobozi bwa RwandAir.

Mu kiganiro n’Ijwi rya Amerika, Ariella Kageruka ajejwe ibikorwa vy’ukumenyekanisha n’ugutanga amakuru muri RwandAir yagize ati: “Kugabanya izi ngendo twabitewe no kuba tutari tugifite abakiliya bahagije ku ngendo zingana zityo, baragabanutse”

Ariella Kageruka yemeza ko iyo ngingo itafashwe ku mvo z’umutekano utifashe neza mu Burundi, kuko muvyo bajejwe hatarimwo kugenzura umutekano “Nta kibazo dufite aho ngaho, n’igihe iby’umutekano byari bikaze bikaba ngombwa ko duhagarika twarabikoze by’igihe gito kandi turabimenyekanisha […] Si mu Burundi gusa twagabanyije, hari n’ahandi twagabanyije ingendo nk’uko hari aho twazitangiye cyangwa se tukazongera.”

Umwe mu ngenzi ziyunguruza n’indege RwandAir hagati y’Uburundi n’Urwanda yaganiriye n’Ijwi rya Amerika yamenyesheje ko atewe impungenge n’iyo ngingo, kuko n’aho bitaratangura kubagiraho ingaruka, akeka ko ingendo za RwandAir zizobandanya kugabanuka gushika iryo shirahamwe rihebe gukorera i Bujumbura.

Ariella Kageruka ajejwe ibikorwa vy’ukumenyekanisha n’ugutanga amakuru muri RwandAir amenyesha ko ingenzi nizasubira kwiyongera ingendo za RwandAir zizosubirwa ku rugero zariko.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.