IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rwasa Agathon:"Ibiganiro nivyo vyonyene vyokiza Uburundi"

Rwasa Agathon:"Ibiganiro nivyo vyonyene vyokiza Uburundi"

vendredi 2 Gitugutu 2015

Icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka Rwasa Agathon amenyesha ko ibiganiro bihuza abarundi bose atawe bikumiriye,ariyo nzira yonyene yokiza igihugu c’Uburundi.

Mw’ijambo yashikirije mu ntara ya Rumonge kuwa kane igenekerezo rya 1 Gitugutu 2015,Rwasa agathon yavuze ko ingorane zugarije Uburundi,ziraba abarundi bose ata numwe avuyemwo.

Icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka yavuze ko naho biri ukwo,hari abarundi bari mu gihugu basa naho bagomvye gukumira abarundi bahungiye mu bindi bihugu mu biganiro bigiye gutangura bizohuza abarundi.

Kubwa Agathon Rwasa,ni abarundi bose bategerezwa kwitaba ibiganiro ku bibazo vyose bituma igihugu kija mu ngorane.Avuga ko ibiganiro bikenewe kandi mu maguru masha kugira igihugu gisubire mu mutekano,gutyo kibandanye mu nzira y’iterambere,bikaba kandi vyotuma abahunze bagaruka mu gihugu nabo bagafasha mu bikorwa biteza imbere Uburundi.

Rwasa Agathon akaba yarangije asaba indongozi kuva ku rwego rwo hasi gushika ku rwego rw’intara ko botwarira neza abo barongoye.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Kera Twibaza Ngo Rwasa N’ Incabwenge Ngo Atwaye Igihugu Vyoba Mitende Ariko Turabonye Ko Atanakimwe Ashoboye. Muri Missions Z’ Umushingamateka, Kuja Mu Rumonge Akavuga Ivyo, Ni Iyihe Mission Aba Ariko Ararangura? Kugenzura Ibikorwa Vya Leta? Gutora Amategeko? Gutanga Itegeko Wiyumviriye Munama Nshingamateka? Aratumaramaza Cane. Twagira Ngo Guhemukira Abanywanyi Biwe Bishwe Bagapfunwa Bamuzira Vyarakwiye, None Aguma Ahemuka Leta Imuhenda Akaja Kuyikorera Aho Kuyicontorora.

  • niko bimeze Rwasa yamye ashira imbere ibiganiro kuko arazi neza ko intambara ataho yagejeje u burundi kandi ko ntawatsinze cg agatsindwe intambara amahoro duvukijwe na cndd fdd twayaronse avuye mu biganiro

    KOMERA RWASA kukuri wamanye utarya umunwa

  • niko bimeze Rwasa yamye ashira imbere ibiganiro kuko arazi neza ko intambara ataho yagejeje u burundi kandi ko ntawatsinze cg agatsindwe intambara amahoro duvukijwe na cndd fdd twayaronse avuye mu biganiro

    KOMERA RWASA kukuri wamanye utarya umunwa

  • Maskini rwasa ikirirahabiri wewe ntajamboryawe kwisi umuntu yosubira guha valeur isakirire winumire

  • Ewe rwas aho nta ni son wumv ufis umaramar buhor kwer rindira gus uzojan na nkurunziz

  • Komera Mutama 2rinyuma yaw,warerekany kudahemukira igihug n’abanyagihug korez gusa m8tegurira 2milles vingts igihug nirwanyu

  • Nimwihangane ncuti zanje
    .Ngo ntirumarir’Imana,tugume dusenga ntiturambirwe Imana niyo ifise ijambo rya nyuma kandi kuri wese na vyose.Igihe kizogera umwe wese ahabw’ingero ikwiranye n’ivy’azoba yarakoze.Mubibutse ko ivyo bakora vyose bibi ar’ukwisenyer’inkwi zizobaturira gusa,ubundi nk’uwishwe ab asanzwe ar’umu candidat w’urupfu.None?!Mwibuke Farao.Kira mtu na mzigo wake.Mwikomeze mu mitima.

  • giramaho mutama rwasa nubwotwahunze turagushigikiye.

  • EGO MUTAMA UVUZE UKURI AHUBWO NEJO NIBATANGURE BAGANIRE NIHO TWOGIRA ICIZERE KO AMAHORO ARI YOSE.

  • Nyakubahwa Rwasa, iryo jambo uvuze niryo! Dukeneye icodukura muri kano kaga turimwo; ntayindi nzira ihari atari ibiganiro y’abegwa ikibazo c amahoro mu Burundi bose. Nimubishire mu ngiro mu maguru masha turuhuke.

  • Igihugu c’uburundi nicatwese kandi I Mana yakiduhaye ibonako bikwiriye reka tujehamwe turabe ikibangamye kuva muri za mirongindwi mpaka nubu rwasa numusingantahe kuruhande wriwe ariko nimba nabandi banyepolitike biyunvira gushiribiganiro imbere igihugu kizishika kuntambwe yiterambere rirama reka kwihirana kuko nico cishuburundi murakoze

  • Mbega kariyo ,rwasa mureke n’abaporona bari kumwe bagomba kuja mu nzego z’igihugu,ntavyo wabonye kuri i wacu ko yves sahinguvu yoba ashaka kugaruka muri 1er vice presidence ngo bashire hanze sindimwo ngo ni umu congomani,rero ronderera no mu batutsi b’i wanyu nimba ari ibihemu niyo vyuzuye,mureke rwasa basha mwashatse kumukoresha azopfe areka amaboko imbere yanyu ngo muzomuha ibiruta ivyafise,mumureke arye utwiwe atekanye,yarabikoreye ni umu politicien atoroshe,vous vous etes faits avoir bande de cons ntavyo mwari mwiteze de la part d’un hutu.

  • IGIHUGU C-UBURUNDI TUZOCUBAKA CANKE TUGISAMBURE TWEBWE NYE.DUHITEMWO ICOBA CIZA

  • MADAKOZE UKOMUSHOBOYE NGO AMAKUNGU AGIRINGUVU AREKE KUGUMA UMENGA ARAREREKEYE ABARUNDI BINCABWENGE BATAVUGARUMWE NARETA BARAHERA RABA NTAMUNTU AKIRONKA AKAZI ATARI MAMUGAMBWE VYARI BIKWIYE KUMUNTU AKORA AKAZI KUKO AGASHOBOYE ARIMUGAMBWE CANK ATARIMURIWO

  • Agathon Serukira Abarundi Vy,ukuri

  • Komera,mutama,wacu,ivyuvuganivyo,banyangoma,bataje,mubiganiro,ntamutekano,uzoboneka,mugihugu

  • ndasaba nkabari ahabereye amasezerano arusha bagire ico babi vugaho kuko nibo vyabona bamufatire ibihano uzuba acinzwe hagati yabagwanya reta/na pier nkurunziza

  • ndasaba nkabari ahabereye amasezerano arusha bagire ico babi vugaho kuko nibo vyabona bamufatire ibihano uzuba acinzwe hagati yabagwanya reta/na pier nkurunziza

  • ndasaba nkabari ahabereye amasezerano arusha bagire ico babi vugaho kuko nibo vyabona bamufatire ibihano uzuba acinzwe hagati yabagwanya reta/na pier nkurunziza

  • Ego Kuganira Nivyiza Mugihe Babihurijeko

  • Rwasa narye hanyuma ahore nta jambo afise.

  • abasore bakuguye inyuma babakata imitwe muri safisha wigaramiye none uruhiye inda abahutu twari beza ariko inda zi iwacu n ibimenabanga mukore na mutama turabemera

  • Turashigikiye iciyumviro co kuganira ku kibazo cose cabujije amahoro bamwe n’abandi bagahunga igihugu.Ibiganiro rero vyojamwo abanyamigambwe bafise ico bapfa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.