Accueil > Amakuru > Ubutungane > Sendika y’abacamanza yandikiye umukuru w’igihugu
Sendika y’abacamanza yandikiye umukuru w’igihugu
mardi 10 Ruheshi 2014
Sendika y’abacamanza bo mu Burundi yandikiye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza bamusaba ko yahagarika ibikorwa n’umushikiranganji w’ubutungane vy’ukwivanga mw’itunganwa ry’iyo sendika ihuza abacamanza. Basaba umukuru w’igihugu ko yohagarika itotezwa umushikiranganji w’ubutungane akorera bamwe mu baserukira abacamanza.
Désiré Nzigamasabo, ari mu bajejwe kumenyesha amakuru muri sendika y’abacamanza (SYMABU : Syndicat des Magistats du Burundi) amenyesha ko umushikiranganji w’ubutungane ashaka gutera ubwoba abaserukira abandi bacamanza. Muri iyo sendika bagiriza Pascal Barandagiye, umushikiranganji w’ubutungane, ko ashaka gushinga inzego za sendika zimuyoboka, mu kwirengagiza izashizweho n’abacamanza ubwabo ku genekerezo rya 16 Ruhuhuma 2014.
Muri urwo rwandiko sendika SYMABU yarungikiye umukuru w’igihugu, bamwereka ingene umushikiranganji w’ubutungane Pascal Barandagiye ariko akoresha bamwe mubo arongoye mu gutoteza abitorewe n’abacamanza kugira babaserukire. Basaba umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ko yohagarika iyo ngendo, uwo mushikiranganji Pascal barandagiye nawe bakamusaba gushira imbere ibiganiro n’umwumvikano muri vyose.
Egide Nduwimana
Messages
13 Ruheshi 2014, 14:00, par mukobwajana
TAKAMBA MUTIVUGIYE MURAHAGWA EREGA ABO BA DD NATCO BASIGA INYUMA RABA INGENE IBITURIRE VYIRAYE !!!!