IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Shombo : Musitanteri yakuwe mu mabanga

Shombo : Musitanteri yakuwe mu mabanga

mercredi 30 Ntwarante 2016, par egide

Inama mpanuzwajambo ya komine Shombo intara ya Karusi yafashe ingingo y’uguhagarika mu mabanga BASABOSE Moise, Musitanteri wa Komine Shombo.

Nk’uko bivugwa n’umukuru w’inama mpanuzwajambo ya Shombo, umushingamateka Jean Pierre NIZIGIYIMANA, mu nama y’urwego mpanuzwajambo yabaye, basanze harabaye ugusesagurwa kw’itunga rya komine Shombo, ivyo navyo bikagirizwa Musitanteri aramutwa iyo Komine, ariwe BASABOSE Moise.

Uwo Musitanteri yagirizwa ko n’impanuro yahawe atigeze azikurikiza, kuko no mu nama yari yabaye muri Kigarama abagize inama mpanuzwajambo ya Komine bari bamuhaye impanuro, ariko akaba atigeze azishira mu ngiro, ari nakwo gufata ingingo y’ukumubogoza.

Buramatari w’intara ya Karusi avuga ko atarabimenyeshwa, akaba arindiriye icegeranyo c’ivyavuye muri iyo nama mpanuzwajambo ya Komine Shombo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.