Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Shombo : Musitanteri yakuwe mu mabanga
Shombo : Musitanteri yakuwe mu mabanga
mercredi 30 Ntwarante 2016, par
Inama mpanuzwajambo ya komine Shombo intara ya Karusi yafashe ingingo y’uguhagarika mu mabanga BASABOSE Moise, Musitanteri wa Komine Shombo.
Nk’uko bivugwa n’umukuru w’inama mpanuzwajambo ya Shombo, umushingamateka Jean Pierre NIZIGIYIMANA, mu nama y’urwego mpanuzwajambo yabaye, basanze harabaye ugusesagurwa kw’itunga rya komine Shombo, ivyo navyo bikagirizwa Musitanteri aramutwa iyo Komine, ariwe BASABOSE Moise.
Uwo Musitanteri yagirizwa ko n’impanuro yahawe atigeze azikurikiza, kuko no mu nama yari yabaye muri Kigarama abagize inama mpanuzwajambo ya Komine bari bamuhaye impanuro, ariko akaba atigeze azishira mu ngiro, ari nakwo gufata ingingo y’ukumubogoza.
Buramatari w’intara ya Karusi avuga ko atarabimenyeshwa, akaba arindiriye icegeranyo c’ivyavuye muri iyo nama mpanuzwajambo ya Komine Shombo.
IGIHE
Messages
30 Ntwarante 2016, 13:06, par Melchiade
Abantu nkabo unomusi ntibakenewe.
30 Ntwarante 2016, 14:06, par Pascal
Barakabona Bamukuyu Kuko aho tugereye ntitugikeneye bansumirinda baza guta amampa mukazi aho guteza imbere komine yacu
30 Ntwarante 2016, 18:39, par tari
Nukurabaneza burya ntiyarashigikiye ikiringo 3 kidahuye namategeko hamwe nazambonerakure zankurunziza zirirwa ziranigagura abantu ikindi bashaka nibabakure Bose kuko nivyaduka kuko ntawabatoye
30 Ntwarante 2016, 19:57, par Consolatrice Butoyi
Komera Komine Yacu Ntigende Akagirire Turabashigikiye
30 Ntwarante 2016, 21:21, par Renovat
Niba yanyuruje Amatungo Yakomine Agende Ayarishe
30 Ntwarante 2016, 23:08, par kiranvu shombo
Emwe Vyarabonek Ww Yibazko Kuryayabibonabirunze Arivyasebirunze Biharuye Kand N 3 Menda!