IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Somaliya : Abasirikare b’abarundi babandanya gufata ibisagara

Somaliya : Abasirikare b’abarundi babandanya gufata ibisagara

mercredi 1er Gitugutu 2014

Abasirikare b’abarundi barabandanya kugarukana ibisagara bimwe bimwe vyo mu gihugu ca Somaliya vyari vyarafashwe, aho bari gufasha kugarukana amahoro.

Nk’uko amakuru ava muri ico gihugu abivuga, ibisagara bitatu nivyo vyagarukanwe n’abasirikare b’abarundi bafatikanije n’abandi bari kumwe mu bikorwa vya AMISOM. Ugukurikirana izo nkozi z’ikibi zo mu muhari wa Al shabab kugira bazituze, bivugwa ko ibitero bigenda neza, ndetse n’ibindi bisagara biriko birafatwa bukebuke, bakizera ko vuba igihugu cose kizoba kiri mu mahoro.

Abasirikare b’abarundi bahurikiye muri AMISOM bakaba bariko barafashanya n’ibindi bihugu vya Afrika mu gusubiza igihugu ca Somaliya mu mahoro, inyuma y’aho ico gihugu gisinzikarijwe n’intambara z’abari mu mirwi y’intagondwa.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.