IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Tabu Abdallah MANIRAKIZA yahinduriwe amabanga

Tabu Abdallah MANIRAKIZA yahinduriwe amabanga

dimanche 27 Ntwarante 2016, par egide

Tabu Abdallah MANIRAKIZA yahora ari umushikiranganji w’ikigega ca Reta niwe agiye kuba icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe CEEAC (Communauté Economique des Etats d’Afrique Centrale).

Ico kibanza cahoramwo Clotilde Niragira aheruka kurangiza ikiringo ciwe. Tabu Abdallah MANIRAKIZA azotangura icese ayo mabanga mu kwezi kwa gatanu 2016, ariko izina ry’uwuzomusubira mu kibanza yahoramwo c’umushikiranganji w’ikigega ca Reta y’Uburundi rikaba ritaramenyekana.

JPEG - 12.3 ko
Tabu Abdallah MANIRAKIZA yahora ari umushikiranganji w’ikigega ca Reta

Ishirahamwe CEEAC (Communauté Economique des Etats d’Afrique Centrale) rifise icicaro mu gihugu ca Gabon, mu gisagara ca Libreville, rikaba rigizwe n’ibihugu cumi arivyo Angola, Burundi, Cameroun, RCA, Congo, RDC, Gabon, Guinée équatoriale, Sao Tomé et Principe hamwe na Tchad.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.