IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Tanzaniya : Umurundi yafatanywe ibirwanisho i Morogoro

Tanzaniya : Umurundi yafatanywe ibirwanisho i Morogoro

mercredi 3 Nyakanga 2014

Umurundi azwi kw’izina rya Niyonzima niwe fatanywe ibisasu ntezwaminwe cumi, inkoho, ibokoresho vyo kuraba kure, imipanga 10, n’ibikorwesho vyo kuzibira ibarabara.

Uyo murundi yafatiwe mu gihugu ca Tanzaniya i Morogoro, nk’uko vyemezwa n’igiporisi co muri ico gihugu. Leonard Paul umukomanda w’i Morogoro aho muri Tanzaniya, akavuga ko uwo yafashwe yari yiketsweko kuba afise ibirwanisho. Aho uwo murundi yaba muri quartier nshasha yitwa Makaburini, abanyagihugu babana bakaba baramwikeka rwose kuba afise ibirwanisho. Igihe c’isaha 4 z’ijoro, uwo mugabo w’umurundi akaba yaciye afatwa n’igiporisi ca Tanzaniya, kuri uyu w’Imana uheze.

Amatohoza akaba yatanguye, kugira hamenyekane, imvo zatumye uyo mugabo aba atunze ibirwanisho nk’ivyo. Uwo mukuru w’igiporisi akavuga ko ubwo busuma bwoba bufitaniye isano n’ubusuma bw’imiduga hamwe n’ibindi bintu vy’agaciro muri ico gihugu.


Aristide Nizigire

Messages

  • Mwagize neza kumicakira ivyobirwanisho ntivyobuze abatanzania, abarundi, amanyarwanda, abakongomani nki 100 bihitana nasaba abakunda kurya ibiturire muzemurabirya mwongera muca mutungiragatoke uwabahayeruswa afatwe maze ducinkokoraaabatanzi bibiturire bizoruma ivyobirwanisho bireka kuguma bitumarako incuti nabagenzi.baduha turya twongera tubacakira.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.