IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > UA yashize ahabona umugambi wo kurungika abasirikare mu Burundi

UA yashize ahabona umugambi wo kurungika abasirikare mu Burundi

vendredi 18 Kigarama 2015

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryamenyesheje umugambi wo kurungika abasirikare babungabunga amahoro mu Burundi,mu ntumbero yo gukingira abanyagihugu.

Naho Reta y’Uburundi yagumye yerekana ko irungikwa ry’abasirikare mvamakungu ritarishigikiye, ico gikorwa gishobora gukorwa n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.

Iyo nteguro y’ingingo yafashwe n’inama y’amahoro n’umutekano y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika yabereye i Addis Abeba mw’ijoro ryo kuwa kane ,ariko iyo ngingo itegerezwa kwemezwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Umuvugizi wa Reta y’Uburundi akaba n’umuvugizi wayo Filipo Nzobonoriba yavuze ko Reta y’Uburundi itazokwemera abasirikare b’Ubumwe bwa Buraya badahawe uburenganzira n’ubutegetsi.

Ishirahamwe mpuzamakunu ONU rigereranya ko n’imiburiburi abantu bashika 400 bamaze gupfa kuva mu kwezi kwa Kane bimenyekanye ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza azosubira kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

  • aaaaa!!! murahumbasha. ivyo abarundi bumutima turavyiyarije izubarova, abobasirikare turazivyabo. abaheruka muburundi basize basambujingo nyishi bisigana batagirabase!!. abo bazoba bajegukingirinkozi zibibi nogusambura uburundi, rero turasavye reta itunganyimyerekano yokwiyamirizibibintu tuyikore kugirango amakunga aboneko abashigikiye reta turibeshe e isegenya, kugeraho basidumuja bamirwa nisigenya ryabarundi bumutima. abakuru bimitumba abashefu bamakartiye banyumbakumu mwumvikanumusi nisaha hama mubitumenyeshe kugirango dusidukane niyonka mukwiyamiriza akakarenganyo. kuki 72 ,93 batabarungitse??? 93 hagandaguwe umukuru wigihugu nabafasha biwe, kobatabarungiste? Ubu amazoni 3 yomugisagara niyoagomba gukwegerigihugu cose mungorane.....nibabanze bihanizuRWANDA........................

  • aaaaa!!! murahumbasha. ivyo abarundi bumutima turavyiyamirije izubarova, abobasirikare turazivyabo. abaheruka muburundi basize basambujingo nyishi basigana batagirabase!!. abo bazoba bajegukingirinkozi zibibi nogusambura uburundi, rero turasavye reta itunganyimyerekano yokwiyamirizibibintu tuyikore kugirango amakunga aboneko abashigikiye reta turibeshe e isegenya, kugeraho basidumuja bamirwa nisigenya ryabarundi bumutima. abakuru bimitumba abashefu bamakartiye banyumbakumu mwumvikanumusi nisaha hama mubitumenyeshe kugirango dusidukane niyonka mukwiyamiriza akakarenganyo. kuki 72 ,93 batabarungitse??? 93 hagandaguwe umukuru wigihugu nabafasha biwe, kobatabarungiste? Ubu amazoni 3 yomugisagara niyoagomba gukwegerigihugu cose mungorane.....nibabanze bihanizuRWANDA........................

  • Erega biyemeje. Ngaho iryavuzwe riratashye. Yewe burundi wagowe wagambaniwe ubu ugiye guterwa nubumwe bwuburayi afrika namerika buryo urakomeye amabuye ufite muri tanganjika nibwoko ki amabere. Sindumuja itangira imidugararo amassade yamerika mu burundi yafatiwe ibirwanisho ku kibuga cindege. Ibindi bifalla bivaho u vila ubwo barashi kan kuzana ibirwanisho bya kumarisha abantu no guhamagara cnared. Imana irababona Barundi bene wacu aho niho onu igihe kunyuza ubukozi bwibibi bwinshi. Kandi ngo urucira mukaso rugatwara nyoko reka tunihange amaso niminsi

  • murakaza neza muje tubanyotewe nayo iyoreta ishaka kuguma inigagura abene burundi nimunyaruke abarundi turuhuke kunyagutwacu kunguvu

  • Ndabizi farao ntazokwemera

  • Ndabizi farao ntazokwemera

  • None izo ngabo za Africa zizoza gutabara mu Burundi ko zitaraja gukingira abanyagihugu birigwa baragandagurwa muri Nigeria. None ko kuva kirya gitero cabereye ku makambi y’abasoda caburijwemwo n’abasoda b’igihugu, none ko ari agacerere mu gihugu cose? Ahubwo abo bagomba kubera iki batotangura kugira inama abo barungika ibibondo vy’abandi kugira ibitero vy’iterabwoba ngo bareke kuja kwiyahura! Museveni ko azokwitoza ubugira gatanu ko ata nakimwe amakungu abivugako? Ahubwo abo basoda bo hanze nibaze biteguye, bamenye y’uko bava amaraso nk’abandi, nibaze bazohangana n’igisoda c’Uburundi hamwe natwebwe abarundi tutipfuza gusubira mubuja twasezereye abavukanye imbuto.

  • Ikibazo cuburundi samatora yabaye kandi sikiringo cagatatu kuko umukuru wigihu siwe atumabantu bicana none mubindi bihuguhoho kwabantu bapfa iburayahoho ntibafpa intandaro yavyose nubukene kukwabantubenshi bagomba ivyo batabiriyicuya nabazungu bariko baradusamaza iterambere rizotuvako nubukene butuvako kubera ubunebwe ntaco IMANA itaduhaye yaduhaye igihugu ciza uwusambura urwiwe bamutiza umuhoro

  • Uwicisha inkota azokwicisha inkota umuntuwese azobazwa ivyoyakoze iyaba abantu bakundana ntanza tubadufise jewe kondikumwe nabarimyi barenga 800 babarimy kwtawuduha imfashanyo ngotuduze umwimbu twokwimbura toni zirenga 1000 tones kumwaka ariko iyo riba ishirahamwe ryabasambanyi riba rironka finansema raba ivyiza dukora bifasha impfuvyi nabapfakazi kuri site wb / www.cpsburundi.org nimba mugomba umutekano nimushigikire ibikorwa vyabarimyi bishwe ninzara

  • reka turindire Imana itabara itarinze gutabaza mbona bigoye

  • banyakubahwa ntimwemere izongabo.namayeri yokugira bazekwica abategetsi bacu.twe bwe twivunumwansi adutera niba zirungike ,murwanda Ho harikuvumwansi adutera .twebwe abanyagihugu umutekano wacu urakwiye neza.izo
    ngabo zirimwabanyarwandaarinabo bariguhungabanya umutekano wuburundi Abaribobaza kook?

  • nibanyarutse bataratumara.

  • Jewe,haribintangaza Bavuzekera Ngobazorungika Inteko Babivuzekeratwararambiwe Abantubapfakubwinshi Hatagiragitabara Rekaturabe Ivyabo Ukobizogenda

  • yewe ibya Barundi mwandika birasekeje MWe muribande mwahangana na UA gusa intambara yumunwa murayayishoboye.

  • Nta muntu numwe akunda u burundi na Barundi yo kwanka izo nteko nya frika. mu razi neza ivyiza za koze mu Burundi igihe zaje ku garukana amahoro. abanka izo nteko bakunda inda zabo. Mbega hamwe mwo kwanka u Gwanda rugafata iyambere kugarukana amahoro ninde yo hagarara imbere yi Ngabo zu gwanda. n’Ubuganda bwazireze burubaha u Gwanda mu vya gisirikare. UGwanda ruzibiye inzira zose gicamwo igitoro vyoba birangiye. Kandi nta gihugu gi shobora intambara kiri mu bihano. Mwanse ingabo nya Frika ONU IKARUNGIKA INGABO ZA BAZUNGU BO BAZA BAJE GUKURA UBUTEGECI NO GUFATA UMUKURU W’IGIHUGU NA LETA YOSE NU MUGAMBWE URI KUBUTEGECI. NKUKO VYABAYE MURI LIBIA NA IRAK BARIBAKOMEYE MU VYA GISIRIKARE. ZA SENTARE MPUZA MAKUNGU ZITARAZA. KANDI IMANZA ZA BAKOZE AMABI BOSE BARITEZWE. NTAKURUSIMBA. GAKOZI E I PRETORIA

  • Nyaruka nyaruka, twebwe abamaraya tugiye kuronka abaclient bariha neza

  • Yemwe bategetsi buburundi murabe maso ngwaho.kandi ntihaze hagire umusoda womugwanda muzemera kubutaka. Bwacu naho bagejeje abeneburundi.nimba mwokwemera ko abobasoda boza harimwo nabo kwa kagome muzoba mugitangishije amaboko 2 muzoba munahemukiye abarundi .mureke abantu bazobiyamirize.Imana irinde uburundi nabenebwo.

  • AU yataye intumbero kuko twebwe abarundi twese dufatanye munda rero namba ari ubukene nibagende basege neza bareke kudusegerako ariko iconzi coco bihenze bakadutera turi tayari kwivuna umwansi kuko baba tumye kuza kwiba ubutare bwa nickel bwacu. ivyo kwanza nibisuma. bigira bitwinjirane.

  • nibanyaruke turarambiwe n,ubwicanyi bukogwa n,abapolisi baguma bafata ac jeunes bacisha kubu homba.Kumusaga ho batumaze

  • uburundi burifashe hama barakaza tuzobakiriza ururimi bumva atarwo bazi bwzotangara kuko ntibwitaha

  • Hoi hoi hoi ! Kananira bagabo nti.....,! Mbega ntimuramenya ko kuva 2005, u Burundi hani bwaje gutwarwa n’abantu bafise "QI" iri médiocre ? Raba nka Nkuru... raba banyamitwe ,ba Philippe ,n’abandi benshi baba DD ,bafise "QI" nkiya Idiyami Dada .None iciza mwari mubarindiyemwo nikihe ?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.