IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubuhanga bwafatiwe ku mutariyano Guissepe buva mu gihugu ca (...)

Ubuhanga bwafatiwe ku mutariyano Guissepe buva mu gihugu ca Congo

vendredi 8 Munyonyo 2013

Uduhanga twatowe kuri wa mutariyano Guissepe Favaro, mu cegeranyo kiva mu baganga bamenyesha ko ari uduhanga bw’abantu bakuze. Uwo mutariayano Guiseppe Favaro avuga ko ubwo buhanga yabugurira umukongomani yitwa Mutoka Kisasa, akaba yamugurira agahanga kamwe amafranga ibihumbi 50 vy’amarundi, uwo mutariyano nawe, Guiseppe Favaro agaca abugurisha amadorari y’abanyamerika 300 kuri kamwe.

Mu gihe ubuhanga 38 bundi aribwo bwafashwe n’igiporisi ku rugo rw’uwo mutariyano Giuseppe Favaro aheruka kwagirizwa kurungika uduhanga tubiri, hamwe n’uwundi muzigo w’agahanga kamwe wagarukiye mu gihugu c’Ubushinwa, hakaba hamaze kumenyekana umukongomani azwi kw’izina rya Mutoka ko ariwe yoba ari mubo bakorana n’uwo mutariyano muri urwo rudandazwa. Uwo mutariyano amenyesha ko ubwo buhanga abugurira kuri uwo mukongomani.

JPEG - 91.8 ko
Giuseppe Favaro, umutariyano yafatanywe uduhanga tw’abantu

Télesphore Bigirimana, umuvugizi w’ibiro bikuru vy’igendereza amenyesha ko ibihugu yoba ashoramwo ubwo buhanga bitaramenyekana, kiretse kamwe muri ubwo buhanga kafatiwe mu gihugu c’Ubushinwa. Ku bijanye n’ukumenya namba ubwo buhanga bwoba ari ubwazuwe canke bwoba ari ubw’abantu bishwe, umuvugizi w’ibiro bikuru vy’igendereza yishura ko amatohoza akibandanya. Amatohoza abandanya kandi kugira bamenye namba utwo duhanga tugurishwa n’umukongomani Mutoka ari utw’abarundi canke abakongomani.


Floxella Karire

Messages

  • Ewe africa waragowe, ubwo buhanga aho buva hose ari muri congo canke mu burundi nico kimwe numuri africa none mubona tuzokira gute ? aritwe twigurisha, mugatuka abazungu , jewe nibaza ko mwobareka kuko nimwebwe mwiyambura impunzu iyo wiyambuye impuzu ntanumwe azikwambika, uwo bavuga ko azigurisha ku mutaliyano numuntu azwi mumamaguye menshi mu burundi kubera iki adafatwa ngo abazwe kuva no kuntwaro za frodebu yarica agakiza, jewe nama mvuga basigaye kugurisha abana bavyaye nabagore babo.

  • abacongo! ntibagurisha udutwe ahubwo ubwo nutwi burundi? mugurisha mukinyegero

  • Abacongomani. ntibagurisha udutwe?? abarundi nibwabwicanyi bwanyu bwimonogoje! musigaye guhamagara amakungu

  • Ntibitangaje kuba ivyo vyos biba,none kuwo mutaliyano acidegemvya ho wumva bisigura iki?nimba utwo duhanga tuva muri Congo OBR yo ikora iki kugira bwinjire?

  • BWABWICANYI BWANYU! BUZOMENYEKANA

  • icokorwa nuko uwo munyamahanga wu mutaliyano yopfungwa ubuzima bwiwe bwose be nabo vyakorana,ntavyamatohoza kandi ibimwagira bihari,jewe ikintangaza nikimwe ngo bari gutohoza? Mutohoza iki kandi ibimwagira mwabifashe,dendura urubanza atagukebaguzwa abo ni abarundi birirwa bica batwara ubuhanga.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.