IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abategetsi batanu barungitswe kuganira ku kibazo c’Uburundi

Abategetsi batanu barungitswe kuganira ku kibazo c’Uburundi

samedi 6 Ruhuhuma 2016, par egide

Umuryango w’Ubumwe bwa Afrika wamenyesheje amazina y’intumwa zo mu rwego rwo hejuru zigiye kurungikwa mu Burundi kuganira n’abategetsi b’Uburundi, ku kibazo ca poritike n’umutekano muke bivugwa mu Burundi.

Mw’itangazo umuryango w’ubumwe bwa Afrika wasohoye, bamenyesheje ko izo ntumwa zitowe mu ntumbero yo gushira mu ngiro ivyasabwe n’inama y’abakuru b’ibihugu na Reta iherutse kubera i Addis Abbeba muri Ethiopia. Izo ntumwa zizoba zizanwe n’ukuganira na Reta y’Uburundi, n’abandi bose begwa n’ikibazo c’Uburundi, ku bijanye n’ibiganiro n’abatavuga rumwe na Reta, hamwe n’irungikwa mu Burundi ry’abasirikare b’umuryango w’Ubumwe bwa Afrika (MAPROBU), mu gihe Reta y’Uburundi yovyemera.

Izo ntumwa zigizwe n’abakuru b’ibihugu bahagarariye uturere dutanu twa Afrika, abo nabo akaba ari umukuru w’igihugu wa Mauritania Mohamed Ould Abdel Aziz azoba aserukiye akarere ka Afurika ya ruguru

Umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo Jacob Zuma, azoba aserukiye akarere k’amajyepfo ya Afrika

Umukuru w’igihugu wa Senegal Macky Sall, azoba aserukiye akarere ka Afrika y’uburengero

Umukuru w’igihugu wa Gabon Ali Bongo Ondimba azoba aserukiye akarere ka Afrika yo hagati

Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Hailemariam Desalegn, azoba aserukiye akarere ka Afrika y’ubuseruko.

Tubamenyeshe ko iryo tangazo ry’umuryango w’ubumwe bwa Afrika ritamenyesha igenekerezo ryo muri uku kwezi kwa kabiri, izo ntumwa zizozirako mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • Reka nimuze tuzorabe ikizovomwo, harigihe mwo bagondoza bavayo bakaba abantu nkabandi, ariko sinzi nabantu bandashoboka.

  • Ntagahengwe muduha kweli

  • Nibanyaruke Kandi Baze Bavugishukuri Ahokuri

  • Nibaze Barabe Ingene Uburundi Tubuze Isima Namabati Vyokwubaka Amashure Namasoko Namavuriro. Kubijanye Namaporeb, Ntibatumwanya Nibatuzanire Ivyo Kubaka Igihugucacu. Ariko Nabo Barakeny Sabanyafrika; Mugabumubanyi Niwomuryango Nibaze Tunababwire Amateka Yabadukoroneje. Niba Atarincuti Zabasinduhij Nabuyoya, Tuzobimenye Kumagerenade Azoterwa Ngoberekwe Ko Muburundi Bicika, Nkukovyabay Kuri Samanda Nabagenziw. Yewe Afruka!!!

  • Yaaaaa Kweri Ntacizere Ndabafireko!!! !

  • BAGOMBA KUBA BASHAKIRA UMUTI KU NDWARA ITALIYO. RAPPORT ZOSE ZIRAVUGA YUKO ALI URWANDA( KAGAME) ULI INYUMA YABYOSE. NIWE UTANGA IMBUNDA-NIWE UTANGA IMYITOZO-BYOSE KANDI ABIFASHIJWE NUBUBILIGI. NKAHO BAGIYE KUREBA KAGAME, BAKAMUHA GASOPO, AHUBWO NGO BAJE I BURUNDI. IKIBAZO KILI MULI KANO KARERE NI INGOMA YA KAGAME NTAKINDI.

  • MAPRObU ntayo, abashaka ubutegetsi nibatangure batubarire imigambi bazokorera abanyagihugu muri 2020., kuko ingingo ya 11. AU yasohoye nta maprobu muburundi. Gusa Ibiganiro sawa kuri bose Inyishu nayo yomubiganiro ni amatora yabose muri 2020. Ariko uwusubira kwigumura nahono azoca arindira ayandi inyuma yimyaka 5. Kandi gutorwa nuko abanyapolitike bazoba bashikirije imigambi yabo kubanyagihugu imbere yigihe. Hama abasa nabashaka MApROBU basubize amero mw isaho ,imbugita nayo bayisubize murwubati hama bayiturire.

  • nivyizakoboza.bakaganirakug.raturb.kotworuhuk

  • Nibaze Mugabo Ibiganiro Vyabo Na Leta Ntaco Bizovamwo,petero Yarananiranye.

  • Nibazenibaze.Ikinyoma.Gikubitigwe Ahabona.Nibasubirinyuma.Bazoce Babarungika.Ababahenze Bacirigwe Urubanza.

  • Ba nyamitwe ngo ikibazo c’irungikwa ry’ingabo carahez?iyo leta ntakindi izozanira abarundi atari abwicanyi,izo ngabo zirakenew kand vyihuta uwutazikeney nuko ariw arko ahekura abarundi

  • None Gayemwe Ayomaraso Aseseka Muburundi Nayiki?Aho Abakurira Uburundi Ntababona Ibibukoregwamwo?Nukuri Nibaze Birakwiye.Ariko Ntibahengame!!!

  • Nukuri Nibaze Baduhuze , Ark Naho Bashaka Kuza Muburundi Ntibazane Ikibazo C,inteko Mva Makungu , Kuk Umutekano Muburundi Urakwiye

  • Iyo les mafieux batwara iyi si bafashe ingingo mu rucuruzwa rwabo rwo gusesa amaraso y’Abanyafrika, ntibasubira inyuma, ni mpaka bashitse aho bashaka.Nico gituma mubona bacanacanako mu Burundi kuko bitabaye uko babiteguye, baba bahomvye amafaranga menshi. Ni urucuruzwa.

    Ariko kandi boga kubihari kumwe tuvuga ko uwutema urwiwe bamutiza umuhoro. Aba DD mwishinze kwiruka inyuma y’ibihumbi, corruption, ibikorane n’umupira; ubushomeri buriyongera....mwari muzi ngo abansi barasinziriye?

    Biratangaje kandi birateye ikigongwe kubona régime itamara imyaka 10. Mwaracanyemwo hagati yanyu ikimenyesto c’uko ata mboneza mufise kandi mutazi igituma muri ngaho, mutazi iyo muja niyomuva. Mwarahimvye ntacoyimena. Ivyo vyose rero nivyo umwansi acako, afatirako mu kubakanya.
    Vyarabananiye gutwara, vyarabananiye gukorana hagati yanyu no gukorana na opposition; reke rero babajegeze.

    Ingorane zitagutwaye ziragukomeza ni kimwe muri ivyo. Ingendo yanyu niyo igiye kubatwara ariko kandi hakoreshejwe ubwege izo ngorane zishobora kubaha icirwa.

    Naho mwokira ingorane za politique, iza social zo ntimuzozikura agahanga imbere. Raba urwaruka rwose ruri muri chomage, abahejeje amashure n’abatize bose birirwa bicaye; iki conyene kizobatwara agatwe. Ndavuga simvura.

  • KUBWIZO NZEGO TUMAZ TWITONDE ABARUND NTIMUHUJUKE TURINDIRE IKIZOVA MUNAMA YA ZIRYA NTUMWA

  • EMWE,INTUMWA NK’IZO NTISIBA KURUNGIKWA MU BURUNDI.ARIKO,NTAKIRAHINDUKA.TUZOBA TUBONA!

  • nibigumireyo barek kwonona amahra,cnk bary umunyeng gsa,ntakizovamw mubantu buntu! Ww kagaye ww nyamyoma,peter...abobos wokumvirizande?Imana yonyen

  • vyoba vyiza kugirango nkurunziza amenye ko ikiringo yihaye kitajanye n’ibwirizwashingiro atari rwiwe.Nagende abise abdi areke ubugunge.Nous avons assez de lui.Il faut que le bdi dise non par sa presence indigne. Les 5 presidents des differents de l’Afrique qu’ils se sentent forts et puissants pour convaincre le perturbateur en question.Comme ca le notre prenne pause des grenades ainsi que les barres de tout temps. Sans doute,le nouveau mediateur va s’y comporter comme un homme de grande envergure.Nkurunziza,fort de lui-meme n’a point plein droit de continuer a pietiner la constitution notre mère de la paix. Si possibilite il y a que MAPROBU vienne pour proteger le BURUNDI. NOUS AVONS SOIF DE LA DEMOCRATIE HUMAINE MAIS ADMINITIVE qui est aujourd’hui individuelle encore plus autoritaire.

  • vyoba vyiza kugirango nkurunziza amenye ko ikiringo yihaye kitajanye n’ibwirizwashingiro atari rwiwe.Nagende abise abdi areke ubugunge.Nous avons assez de lui.Il faut que le bdi dise non par sa presence indigne. Les 5 presidents des differents de l’Afrique qu’ils se sentent forts et puissants pour convaincre le perturbateur en question.Comme ca le notre prenne pause des grenades ainsi que les barres de tout temps. Sans doute,le nouveau mediateur va s’y comporter comme un homme de grande envergure.Nkurunziza,fort de lui-meme n’a point plein droit de continuer a pietiner la constitution notre mère de la paix. Si possibilite il y a que MAPROBU vienne pour proteger le BURUNDI. NOUS AVONS SOIF DE LA DEMOCRATIE HUMAINE MAIS ADMINITIVE qui est aujourd’hui individuelle encore plus autoritaire.

  • nizize zimwumvishe ateshwe ate kuko agiy kwibonerak!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.