IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubumwe bwa Buraya busaba Reta n’abo batavuga rumwe gusubira mu (...)

Ubumwe bwa Buraya busaba Reta n’abo batavuga rumwe gusubira mu biganiro

mercredi 17 Ruheshi 2015

Ingingo zafatiwe mu nama y’Ubumwe bw’Afrika ku Burundi nizo zotuma igihugu kiva mu ngorane kirimwo, nk’uko bivugwa n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya.

Ubumwe bwa Buraya rero mw’itangazo bwashize ahabona, buvuga ko bushigikiye ivyasabwe n’ishirahamwe ry’Ububwe bw’Afrika hamwe n’akarere k’Afrika y’Ubuseruko, mu gusubira mu biganiro hagati y’impande zose, mu maguru masha. Ubumwe bwa Buraya rero bukaba bwiteguriye kuzofasha uko bushoboye muri ivyo biganiro.

Ibiganiro vyo kuraba uko imyiyerekano mu Burundi yohagarara yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, ku bijanye n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu hamwe n’ugutegura amatora arimwo bose, bikaba vyagiye birahagarara bivanye n’ukutumvikana kwa bamwe n’abandi.


IGIHE

Messages

  • abo nabo ndabona batanguye kugarukira reta,narababwiyeko nyuma y’amatora bose bazogaruka,ahubwo amatora aratevye weee, ngo twitorere abarundi unsinzi bitorere undongozi. maze abatabishaka bamaramare abandi barebe uyo baja kwihisha.

  • Nibaganire Ntibadsubiz Muntambara.Bakur KUdadaza Bos.

  • Ahubwo Nibadukurekunzir

  • Iyo muvuga guhera kera muti turi POUR ou CONTRE mandat ya gatatu ntituba tugeze aha.N’ubu muguma kwakundi nyene.Ni kuki mutobwiza ukuri leta canke opposition aho muhagaze!!!Akarorero mukavuga muti President turashigikiye ukwitoza kwiwe gutyo opposition ikamemya neeeeza aho muhagaze!Canke muti nubw amatora yoba ntituzokwemera ivyavuyemw!!!??Twe abarundi tubona umenga muzoguma muvuga imvugo za politique hama amatora asubire kuba nka 2010

  • Ahubwo Nibadukurekunzir

  • mugondose kandi nta kuntu amatora yoba duhunga abandi baraswa banyuruzwa hotumahaza mfatakibanza izanamahoro ndayizeye mtiyayitwaye

  • peter bakwiy kumugira nkuwa sudani nukwatahakija canke leka arindire lahe azabazwe zanzoya emwe jewe zarambabaje pe!

  • Ahubwo icihutirwa, nibarungike ba bahinga muvya gisirikare barabe uko imbonera kure zakwa ibirwanisho. Nayo ubumwe bwa buraya kuvuga gusa twabihaze. Ni bashire mungiro ivyo bemeye. Leta yo biragaragara ko idakeneye kuganira. Ariko izobikora kunguvu kuko n’amatora imaze kuyigiza inyuma kabiri kunguvu.

  • Uyumuperezidawe Agombakudutwara Abanje Guhonyangamategekowewe ,aho Arabonaneza Ikinjana Tugezemwo ? Sentare Yirahe Yibazako Yayipfunzamaso Canke Perezidawa Sudani, Ribiya Nahandi Kuki Atahakuricigwa.Amategekompuzamakungu Nayobucashobora Kuyahonyanga ? Nagerageze Turabe !

  • Bumwe bwaburaya turiteze ivyo muzoduha kuko ivyomuvuga biratunezera

  • Nubwo muvuga anyaporitique baraduhenda cane guko iryobwirizwa shingiro nibo baduhamagara ngo tuje kuritora bamwe ngo tore ego abandi ngo tora oya.rero nibareke tuje mumatora guko namwe mubiravyo biragaragaza niza ko yokwitoza.kandi nasanze abanyapolitique buburundi badatahura amategeko agenga ivyo biyemereye bonyene.

  • Nubwo muvuga anyaporitique baraduhenda cane guko iryobwirizwa shingiro nibo baduhamagara ngo tuje kuritora bamwe ngo tore ego abandi ngo tora oya.rero nibareke tuje mumatora guko namwe mubiravyo biragaragaza niza ko yokwitoza.kandi nasanze abanyapolitique buburundi badatahura amategeko agenga ivyo biyemereye bonyene.kandi abinyene nibo bagaruka kwisamburirako nkimpene.ahubwo umana yidufasha bose bagatahura icarico ibwirizwa shingiro,guko bapfa kubishira mubifaransa atanico bazi.nibareke nkurunziza yitoze amategeko yarabimwemerera.ahubwo yobapfuma bavuga ko yobaha nabo bakarya.

  • IYI LETA NA CENI NIBO ARINTAMBAMYI YAMATORA MEZA PET NKU SUBIRA UVUG ’IMANA

  • abantu babashinkantahe mubihe nkibiniho baboneka arko baje muzira y imana ntibaje muyabisi

  • Ako kazi baduha ni kenshi,abashaka amatora bazoyajamwo abatayashaka bazoyareka,ibiganiro ni ba pacifique na ba vitali babihagaritse,ubu amatora ni yo ari prioritaires,ba murajugumira abayatinya,nta biganiro bindi bishoboka ,kuko nta transition dushaka,abayizeyz ba murarira mwihanagure!

  • Peter ntiyihende ngo azotwara iki gihugu ku kakagagzo !!! Ategerezwa kugenda akabisa abandi kuko ikiringo ciwe yarakwije!!! Emwe ndabivuze kandi ndabisubiyemwo intumva zumve ! Peter wanyu ntimukomeze kumurohera kw’ICUMU nta 3è mandat azokabakaba namba , abavyiteze nimwimoshe kuko igihugu si iciwe , si ic’aba dd bonyene , si ica ba so gusa , ahubwo n’icabarundi twese , donc Uburundi n’ubw’abarundi twese , nico gituma habwirizwa kuba ibiganiro bihuza abarundi bose , hagakurikizwa itegeko ryubahiriza amasezerano ya Arusha ritomora ko mandat zitarenga zibiri gusa , oya nizibiri gusa si zitatu. Aba dd nibabe bamenya gusigura ibintu umugani wa Président MUGABE wa ZIMBABWE , aho kwama bavuga aya muhe ! Peter nawe amenye ko Kuba Président ari kwemera kubahiriza amategeko atari ukuyahonyanga mu ntumbero y’inyungu ziwe n’abiwe.Baramubesha ba Adolphe ba Ndakugarika, ba Kazungu , ba Bunyoni, n’ubundi bugabo bwigize bwa bugabo bwigaba , bwibaza ko igihugu ari icana!Ni bateshwe bate ntibaze bibuke kubogora basheshe. Baribwira bati uyu musi turi ku butegetsi tugira ivyo dushaka! Oya s’uko bigenda mu vy’igihugu!!! Na kera murabaza ba so canke ba sokuru banyu ku bakibafise, umwami yagirwa n’abagabo apana abakungu ! Kandi ico abagabo bahanuye Umwami ntiyakirengako , kanatsinda ngo Kananira bagabo ntiyimye!!! Muraheza musiguze ico uwo mugani usigura nimba mutakizi! Kandi abagabo ndiko ndavuga si nka Adolphe, si nka Bunyoni, si nka Kazungu, si nka Ayubu, si nka Rwembe, si nka Edouard , si nka Nzobonariba , si nka Konsiriya, si nka Jacques, ....oya abo bose n’abandi ntashoboye kuvuga kuko a liste est longue , si abagabo ni abakungu kuko bataramenya ineza y’ukuvuga ukuri , ineza y’akaranga k’ubushingantahe , akaranga kubatse uburundi bukitwa iryo zina ntibwite Urwanda canke Tanzaniya canke ikindi.Abo nyene nibiyumvire barekure , bapfume bitoramwo umwe atari Nkurunziza , bamutange nk’umu candidat wa CNDD-FDD , yitoze hama uburundi bukire nimba koko bumva ko ari abagabo tutariko turabarenganya mukubita abakungu b’inyuma.Ahubwo kuri jewe sinobita abakungu b’inyuma ahubwo n’imihimbiri kuko muri bo nta kibi kitabaranga , bwaba ubusuma wosbeshera isiha , bwaba ubwicanyi ntibibanga n’uruyoya canke umutama canke umuyabaga eka mbere ni bamwe twita ba rwanka biyago uravye ubwicanyi bakoze mu1993, canke ubwo bakoze bakiri mw’ishamba canke aho barisokeye gushika n’uyu musi.Mpereye kuwubatwara nibasubize inkota mu rwubati bibuke ko bavyaye nakare ntawutera ibuye aho yateretse igi sabo , bibuke amatungo bamaze kwegeranya bibwire bati nawe nu mu myaka cumi tumaze ivo twaronse tubikingire mu kurekura iyi mandat mu mahoro n’umutekano , tutarinze gusambura ubuzima bw’igihugu ( ubutunzi , amasoko, amashure , ubumwe bw’abarundi, ubuzima bw’abantu , ..).

  • Aidez-nous Dieu vous guidera pour que la population ne puissent pas tomber dans la tentation

  • MURI AFRIKA TUZOKWAMA DUFISE INGORANE BIDAHINDUTSE KUBERA ABATEGETSI BATABA BAKIRANGURA IMIGAMBI BEMEREYE ABANYAGIHUGU.MANDAT 3 SIYO ITEYE INDURU,AHUBWO AMATEGEKO NAKURIKIZWE,ABARI KUBUTEGETSI BASHIRE AHO AMATEGEKO ASHIZE,NTIBAFATE IGIHUGU NK’ICIBARE CABO.NIBEMERE BAHANURWE KUKO KANANIRA ABAGABO NTIYIMYE.YAKWIGIRA UMUNTU ASENGA,NONE AMASENGESHO YIWE NI NYABAKI? NARINDIRE HASIGAYE IGIHE GITO,AGIYE KURIMBUKA NABO BIKORANA,"INTABARIRWA YABWIWE N’UKO AMASO ATUKUYE"

  • None Komuvuga Ntiyumve Ntimubonako Bagayanye Bavugutire Agafunya

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.