IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abazoserukira Reta mu biganiro bemerewe uburyo bw’ugushika i (...)

Abazoserukira Reta mu biganiro bemerewe uburyo bw’ugushika i Bruxelles

jeudi 3 Kigarama 2015, par egide

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya mu Burundi ryemeye gutanga amafaranga agera ku miriyoni 45 z’amafaranga y’amarundi akenewe mu bijanye n’ingendo hamwe n’uburyo bw’ukubaho, kugira Uburundi bushobore kwitaba ibiganiro bitegekanijwe kw’igenekerezo rya 8 Kigarama 2015.

Mw’itangazo ryasohotse kuri uwu wa gatatu, ishirahamwe ry’ubumwe rya buraya ryamenyesheje ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta, ko ryemeye gutanga ayo mafaranga agera ku miriyoni 45 z’amarundi. Ubumwe bwa buraya bwemeye gutanga ayo mafaranga inyuma y’aho Reta y’Uburundi irungikiye urwandiko ubumwe bwa Buraya, Uburundi bukamenyesha ko bufise ibibazo bijanye n’uburyo, bugasaba ko ubumwe bwa buraya bwotangira amafaranga y’itike y’indege hamwe n’uburyo bwo kubaho mu Bubirigi, ku bantu cumi n’umunani bazoserukira Uburundi muri ivyo biganiro bizobera mu gisagara ca Bruxelles kw’igenekerezo rya 8 Kigarama 2015.

JPEG - 167.4 ko
Patrick Spirlet, aserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya mu Burundi

Reta y’Uburundi yasavye ayo mafaranga ubumwe bwa buraya inyuma y’aho umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi umenyeshereje ko Uburundi bwoshobora kubaho budatunzwe n’imfashanyo. Umugambwe CNDD FDD waheruka kumenyesha uti : « Uburundi ntaco buzoba kanatsinda kuri izo mfashanyo ivyo bihugu vy’abakoroni vyahora bitanga, ibice 80 kw’ijana vyasubira iwabo. Ubu rero ntitukiri mu mpari z’izo mfashanyo kanatsinda igihugu c’Uburundi Imana yakiremye irakibona ».

Ivyo biganiro bigiye gutangura inyuma y’ingingo igihugu c’Ububurigi giheruka gufata y’uguhagarika imfashanyo zahora zihabwa Uburundi, ziharurwa mu miriyoni 60 z’amafaranga y’amanyaburaya.

Inyuma y’ivyo biganiro, impande zompi (ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya na Reta y’Uburundi) zizoba zifise ameze ane kugira bumvikane ivyokorwa mu bijanye n’intwaro rusangi hamwe n’ukwubahiriza agateka ka zina muntu, kugira imfashanyo zisubire gutangwa ku Burundi.

Abazoserukira Reta y’Uburundi muri ivyo biganiro n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ni :

Alain Aimé NYAMITWE, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu

Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Serge NDAYIRAGIJE, umushikiranganji ajejwe intwaro ibereye

Aimé Laurentine KANYANA, umushikiranganji w’ubutungane

Tabu Abdallah MANIRAKIZA, umushikiranganji w’ikigega ca Reta

Martin NIVYABANDI, umushikiranganji w’agateka ka zina muntu

Valentin BAGORIKUNDA, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika

Willy NYAMITWE, umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyeshamakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu

André NDAYAMBAJE, umuyobozi mukuru w’igiporisi c’Uburundi

Becaud Gilbert NJANGWA arongoye ONELOPE

Colonel Ignace SIBOMANA

Jean Baptiste BARIBONEKEZA

Joseph NTAKARUTIMANA

Jean de Dieu MUTABAZI arongoye urunani COPA

Consiriya NIBIGIRA arongoye UPRONA yemewe na Reta

Emmanuel BAMENYEKANE

Christine Nina NIYONSAVYE

Jean Jacques NYENIMIGABO


IGIHE

Messages

  • imana ishimw ko bagiy,twizer k bizogenda neza,ark ic nobasab nuk boduserukira nkabagabo bakiyumvra inyungu zabarundi apana izabo""Burundi bwanje ndaguknda cane nubwo uri mungorane""

  • yemwe biranteyubwoba murabe neza umutekano windongozi zacu kuzoba wubahirijwe abakoroni sindabizeye kanatsina abajaganyi niyo bari yewe yemwe ntimuzogende mundege imwe oya oya abarundi twarabuze kenshi abobakoroni murazi ko badakunda iyi reta ikindi tubatunye muvugane abatagigwa nivyaha batahe baze mubaheko ariko abakoze amakosa babahe bahanwe kandikindi ikiringo ntimuzokoreko abene gihugu baravuze ntibahindura kandi ntimuzorye umunwa ababirigi barikwitwa badata none nibo battumaze mukuduteranya nurabereke ko ivyamoko twabisezeye mubereke kamoko yose aserukiwe muburundi ddemokrasi yaratsimbaye ntituzosubira inyuma nibareke kutungikamwo inkoho zimaze abana biburundi mugushigikira akagwi gato ataco kazoshikako atari kuriza bene burundi nkaba nifuje reta yacu urugendo rwiza nubwenge bwishi bwonkwishura ibibazo IMANA ibaje imbere

  • Mbega Nkurunzinza ntazogenda kadi ariwe bakeneye kobagomba kumubaza ibijanye nikirigo cagatatu haaaaaa Igoma ntigoye kwiba mugabo aho uyivugiriza niho hagoye....

  • Turasavye ubumwe bwa buraya ko ubwo bugabo nibwitaba ivyo ibiganiro muzoce mubufata mubutware IRAHE.

  • Komera ku muheto, muraduserukira neza, natwe tuzosigara tubungabunze U Burundi neza cane

  • CNDD - FDD izopfikwegeye abarundi,habuze ayitike bazoronka ayo gutunga uburundi mumyaka itanu(5)?abanyagihigu turasavye ubumwe bwaburaya buze bugondoze iyo nyanka burundi NKURUNZIZA arekure igihuga kandi bamenyeshe na CNDD - FDD kw’uburundi atari itongo ryabase na sekuruza kandi ko uwutigaba atigaburira

  • aho rero! Uburayi buzokwama budufasha.Ubu hoho ntavyitwazo,nibitabe ibiganiro,kuko abarundi tugez-ahatemba pe,ibiziga bitorwa imisi yose.Turarushe!

  • nimugeyo mufungure kuri ayo mahera,nakare muri leta hariyo make. gusa nayandi yose muzaza muyazanye muzasigure ibintu neza gusa mutange n’ibyemeza vyose.

  • CNDD FDD izokwama ikwegera abarundi,babuze 45 million bazoronka ayo gutunga uburundi mumyaka itanu?ahubwo NKURUNZIZA ntamaramara gutwara igihu cabagira bicwe ninzara kubera we nye.ubumwe bwaburaya tubusavye kugondoza iyo nyanka burundi,sinziko abanyagihugu bamukund kurusha MANDELA kand cndd fdd izirikane ko uburundi atari itongo ryaba se na sekuruza

  • e nibayange nyene ivyo biganiro nibo babitumyeko, reta ntiyarigusesagura amahera yokoresheje mubindi bikorwa bikenewe mugihugu. nayandi bazoyatanga batabizi, reta irayafise kuko imishahara yabakozi irasohoka burikwezi....banabuburundi muzogende abarundi bumutima turabifurije urugendo rwiza. hama nibabasaba amananiza muvyanke mwigarukire amahoro kuko abarundi bumutima turi kukivi.....nakare akimuhana kazimvurihise!!!! nakare kuzerinze cane biterubunembwe,, gusa musige mupanze ukuntu tusigara tucunze igihugu, kuko abagomba kugitabagura barakaka....ntimunze mwibagire kwagiriza CENARED kuko yamazebantu......

  • e nibayange nyene ivyo biganiro nibo babitumyeko, reta ntiyarigusesagura amahera yokoresheje mubindi bikorwa bikenewe mugihugu. nayandi bazoyatanga batabizi, reta irayafise kuko imishahara yabakozi irasohoka burikwezi....banabuburundi muzogende abarundi bumutima turabifurije urugendo rwiza. hama nibabasaba amananiza muvyanke mwigarukire amahoro kuko abarundi bumutima turi kukivi.....nakare akimuhana kazimvurihise!!!! nakare kuzerinze cane biterubunembwe,, gusa musige mupanze ukuntu tusigara tucunze igihugu, kuko abagomba kugitabagura barakaka....ntimunze mwibagire kwagiriza CENARED kuko yamazebantu......

  • Imana ikorera mubantu aho biriko biraza

  • abobadede bavugakobadakeneye ifashanyo none bayisabiye iki ? nibamaramarire hariya vyabataye kuwamazi ntantwarozabo twarabahinyuye

  • abobadede bavugakobadakeneye ifashanyo none bayisabiye iki ? nibamaramarire hariya vyabataye kuwamazi ntantwarozabo twarabahinyuye

  • ubwo batanguye kubaha amahera y’urugendo nayandi bazoyatanga.

  • Birababaje kubona abantu bariko bakora génocide bahabwa amahera yo kwitemberera. Kuko ntaco bazohindura ku umugambi ugayitse wo kwica abarundi. Imana ifashe, nayo ivyo biganiro avec UE ntaco bizofasha, kandi ntaco bizohindura. uko umusi uhaciye niko bica abarundi. Kandi babikora nkuko babiteguye. Amakungu ariko ata umwanya, nayo CNDD-FDD birayifasha mukwica one by one (kamwe kamwe). Gushika aho bazoheza abo bafise ku ma listes yabo.
    Ntakundi turi bugire.

  • Barabe neza ko Ubwa mber CNDD Itari yagagabutse.za ndishi zakababaro ku kimoko sogokuru yakubitwa zigezehe?Nibazirindire zib arizo bazogendako.Cank bazosabe indaro.erega ntakundi biri bugende.

  • Japhet urasara Uprona imyaka yatwaye yose mwarimuzi ko igihugu cari ca baso na banyoko? Ubundi ho kumushaka gutwara muzi ko ari canyu na banyoko ? Emere mutwagwe ubu twagiye muri domestic naho dutwagwa nuwo twitoreye ahomurahagorewe ubu ho nigute nukunyuka kuko mwibonekeje ko mutagomba ubwoko runaka ko gwotegeka igihugu, mwitegure 2020 mumatora yagatsiko kanyu Natwe tuyitegurire numugabwe wacu cndd- FDD. Nabobandi Bose babitegurire amatora nubutsiko bwanyu murabe ICO muzohanoba. Kuko murikwankiriza abarundi Niko muhaye muduha inkomeze zugukunda umugabwe
    Cndd-fdd mushe mwiyahure ntatwaro mfatakibanza mugiye kubina. Narirya Cenared barimwo barashihanira ivyicaro vyigihugu badafise ngo namwe muriko murakwirikira izonjavyi baniganira umufa usigaye kwisahani baririyeko!!! Ivyobiganiro bagira naze kumvisha abazungu ko igihugu kitagisubirinyuma murizatwaro bipfuza ko hasigaye araho amatora gusa uwutavyumva nawe arasaba ubuhungiro ubwo bazungu bazomwihera ubuhungiro kanatsinda ngo mubihugu vyabo Abantu barabaheranye badhaka abandi. Abagabo nabagore bimboneka rukavye 8/12/ 2015 bazoba baraho mububirigi.

  • hhhhhhhaaaaa hhhhhhhiiiiiii EU mwirwaga mutuka ibarihiye iticket hewe murasekeje pe hhhhiiiiii nyamitwe nawe arimo hhhhaaa mbe ya magambo yavuga arihe barinda gutabzza basaba ticket yewe burundi we muratangaje

  • Nimugende Muserukire Uburundi N’abarundi.Muze Muvuge Rumwe,bakabasaba Amananiza Muvyanke Muce Mwigarukira.Itike Siyo Ibuze Uwateguye Urubanza Niwe Ategegura Uko Yunguruza N’ingene Yakira,Akazimana Abashitsi Biwe!Tubipfurije Urugendo Rwiza!Komera

  • Ababirigi Nibamenye Ko Twikukiye.Abaruni Nabo Nimuze Dukunde Igihugu Cacu Tutaravye Ubwoko Bwacu N’ Intara Tuvamwo Kuko Ntakindi Tuzoronka Gisumba Iki Imana Yaduhaye.Mana Yacu Hezagira Uburundi

  • Nimutekane CNDD-FDD Ntayo Mwoshobora Ibisebuzi Yaciyemwo Nivyinshi.Kimwe Gusa Mumenyere Kwubaha Kuko Nk’umuntu Atuka Umukuru W’Igihugu Yatowe N’abarundi Isinzi Twovuga Ko Uwo Muntu Ataronse Indero Y’ikirundi Yo Haziko!Uko Yatowe Kwose Arafise Icubahiro Ca President Kandi Nayo Makungu Mutakambira Aramwemera Ko Ari UMUKURU W’IGIHUGU!Ok

  • Nimutekane CNDD-FDD Ntayo Mwoshobora Ibisebuzi Yaciyemwo Nivyinshi.Kimwe Gusa Mumenyere Kwubaha Kuko Nk’umuntu Atuka Umukuru W’Igihugu Yatowe N’abarundi Isinzi Twovuga Ko Uwo Muntu Ataronse Indero Y’ikirundi Yo Haziko!Uko Yatowe Kwose Arafise Icubahiro Ca President Kandi Nayo Makungu Mutakambira Aramwemera Ko Ari UMUKURU W’IGIHUGU!Ok

  • Nimwemere Ububirigi bubacire mukanwa aba dd.
    Ntimumaramaye ? Ä°gihugu ntigishobora guterimbere gitwagwa nibijuju donc ikiburabwenge.

    Muhendwa numuntu buca akurikiranwa nubutungane kubera kumena amaraso yabene gihugu.

  • None se kuki hagiye babandi nyene?ewe nyamitwe nta nisoni ugira!ubwo uribuka amagambo uherutse kuvuga kubu birigi?uwutigaba ntiyigaburira kweri.nuko gusa mukwegera abene burundi nayo mwebwe ivyo mwivye sibike.wogaya gute umuntu agufasha ijoro n’umurango?nta Burundi mukunda muragaragara

  • NIKUBERA IKI IBIGANIRO VYABERE MUGIHUGU CA KORONIJE UBURUNDI. UBWOBA DUFISE NUKO BIZOHAVA BIMERA NKO KWITARIKI 13-05-2015.

  • Mbega gatinya shengero ntazogennda?

  • ndabaramukije nurufasoni gwinshi. jw ndashimwe intambwe uburundi buriko buragira lubijanye nokugarukana imutekano mugihugu cacu.

    ariko nosaba ko niba vyoshoboka ko ibiganoro bitanguye ko abamenyesha makuru boza barashikiriza kumwanya kumwanya uko ibiganiro biriko biragenda abanyagihugu kandi mukongera mukabaha ijambo kubijanye nibiri kuganigwako.

    impanuro noha abazojayo binengesere kandi bave ibujumbura bagize ico twokwita dovination yibibazo nyamukuru bishobora kuza hanyuma bave ibujumbura babitoreye inyishu kugirango ntihabe guhuruduka.

    ikibazo bazokunva kibaremereye bagifatire umwanya uhagije wo kuciyunviraho muri rusangi.
    imbere yo kucishura.

    guze mugire urunani muvuge rumwe nacane cane mwibande gutanga uburorero bwivyo muvuga nivyo abazungu bakeneye.

    muserukire igihugu nabenegihugu nacane cane muze mwibande kukubeshuza ibinyoma vyose bitagira ishingiro kuko gushika ubu isi yose irazi ukuri nyako kubiri kubera iburundi

  • ndabaramukije nurufasoni gwinshi. jw ndashimwe intambwe uburundi buriko buragira lubijanye nokugarukana imutekano mugihugu cacu.

    ariko nosaba ko niba vyoshoboka ko ibiganoro bitanguye ko abamenyesha makuru boza barashikiriza kumwanya kumwanya uko ibiganiro biriko biragenda abanyagihugu kandi mukongera mukabaha ijambo kubijanye nibiri kuganigwako.

    impanuro noha abazojayo binengesere kandi bave ibujumbura bagize ico twokwita dovination yibibazo nyamukuru bishobora kuza hanyuma bave ibujumbura babitoreye inyishu kugirango ntihabe guhuruduka.

    ikibazo bazokunva kibaremereye bagifatire umwanya uhagije wo kuciyunviraho muri rusangi.
    imbere yo kucishura.

    guze mugire urunani muvuge rumwe nacane cane mwibande gutanga uburorero bwivyo muvuga nivyo abazungu bakeneye.

    muserukire igihugu nabenegihugu nacane cane muze mwibande kukubeshuza ibinyoma vyose bitagira ishingiro kuko gushika ubu isi yose irazi ukuri nyako kubiri kubera iburundi

  • Murateye isoni, umwanya umwe ngo murikwije uyundi mwanya ngo mukeneye imfashanyo.Gende mwirire natwe tubashe kwicwa ninzara.Ariko biraca biraza.Komereza aho nyene kuko impongo isubiye ku rubuko iba ipfuye.

  • Abarundi umenga mudateketeza’musigeho gutuka umuyobozi kuko nibyo bituma Imana ibakura ko amaboko.ntakinyabupfura mugira niyo mpamvu muhora mu ndyane zurutavanako.gutuka perezida bitera umwaku.nahoho ibyetekeye ziriya 45mlions ntabwo igihugu cyagombaga kuzitanga kuko nyabwo aribo bakeneye EURO UNION.Niyo ibakeneye niyatange. ikijuju nicyo cyayatanga!!!Abarundi mumenye ubwenge.

  • Leta- Nisayidiye mama!
    Jewe nahora mpanura uwo nshoboye ndamubwira ko atari vyiza gusegereza none ndihebuye, n’abiyita ngo ni bo batwara igihugu basigaye basaba impamba, iyo baba bamaramara baba baraheze; hanyuma ngo bagomba indishi y’ibimoko ubu ho babizaniye nta kigongwe

  • abobaza hagararira u Burundi bitonde kuko indege bazagendamo ishobora guhanurwa igenda or ivayo! kandi ishobora guhanurirwa mukirere cyuburundi! inama bagende incagucagu or bagende nimodoka bace Mugina bambukire TZ! kandi nabwo bagende mubihe bitandukanye! ibimugomba kubimenyesha l’e’tat y’u BURUNDI!

  • Mumajambo Make Gusa,turabonako Hariho Abantu Bari Kurushi Banka Cndd-fdd,mutama Wacu Nabamufasha,nigihugu Cabo, Bikabatera Kurogotwa ,bitumbisha Umutima Atanico Baribushikeko ,ivyo Vyose Bikabatuma Kwiheba!! Ehe Ndabereke Mwabishushungwemwe Nimba Vyarabananiye Kuja Kwanagira Murwanda,nimwiyahure,mwitemuruzi,mwimanike Ntako Twobagira,akase Uraheba ,kabisa Ndasubiyemwo Ntiyaruzwa Kirazira Nukuri,iragushishima.

  • Wewe mugabo uvuga ivyamaradiyo twebwenyene nitwetwayiyugariye kubera ugushikuza nububeshi gutanga inkuruzicavutu zitabaye akarorero nkivyo radio inzamba itangaje ndeme nikinyoma rekamba niba abagwanyi baratujije abajejwe umuteka muriyokomine barasizeho abiwabo

  • Uburundi Bwacu Imana Ibufise Mubiganza.Barundi Barundi Kazi,ntiduciki Ivutu Ngo Imfanshanyo Zirahagaritswe,nibajane Ariko Twanke Agasuzuguro Kuko Ntitukiri Mugikoroni Hamwe Baducura Bufuni Na Buhoro,aho Bavuga Ijambo Rikihenura Atawuvuze!Twihagarareko Twumvikane Muri Bike Dufise Tubisabikanye Hama Bazobonako Uburundi Atari Amakungu Ahubwo Uburindi Ko Ari Imana Ubwifitiye Mu Biganza!Badufasha Ariko Baduha Inyungu Yivyacu Badandaje Mugihe Badukoroniza!Twihagarareko Natwe Turashoboye!

  • Ntani ticket bafite ? None ngo bagiye mubiganiro byo gutwara igihugu? Biteyisoni kabisa. Ubwo se ninde uzigera yunva ibyo babavuga baribabuze nuko bagera Bruxelles. Mwagiye mureka gusuzuguza Afrika kweri, murarwanira ubutegetsi mutakigira na ticket. Africa yunzubumwe aho yabahereye. Murababaje.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.