IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Uburundi bukwiye kwitondera ingingo bwafashe yo kwinjira muri Afrika (...)

Uburundi bukwiye kwitondera ingingo bwafashe yo kwinjira muri Afrika y’ubuseruko

vendredi 12 Nyakanga 2014

Ku bijanye n’ingingo yafashwe na Reta y’Uburundi yo guhagarika ibikorwa bimwe bimwe vyo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko, mu kiringo c’amezi atandatu, mw’ishirahamwe PARCEM bavuga ko Uburundi bwari bukwiye kwitondera iyo ngingo.

Umukuru w’ishirahamwe PARCEM, Faustin NDIKUMANA, akavuga ko kwinjira muri iryo shirahamwe EAC ari kimwe ariko kuhakura inyungu navyo ari ibindi. Ku bwiwe rero, haracari ivyo gukora vyinshi kuko biboneka ko Uburundi naho bwinjiye mu muryango wa Afrika y’ubuseruko, ata nyungu ikura muri ako karyo ifise ko kuba muri iryo shirahamwe. Ivyo rero bikava kumvo nyinshi nk’ukugoyagoya mu nzego zijejwe urwo rwego (faiblesse des capacités institutionnelles).
Faustin Ndikumana, umukuru wa PARCEM avuga ko bibabaje kuvuga ko Uburundi budafata imigambi ya Afrika y’ubuseruko nk’iyabwo, kandi bumaze imyaka 7 bwinjiye muri iryo shirahamwe rihuza ibihugu vyo muri Afrika y’Ubuseruko (EAC). Nk’uko Faustin Ndikumana abimenyesha, umenga Uburundi ntibuzi iyo buriko buraja. Ivyo bikerekanwa n’uko ubushikiranganji bujejwe uwo muryango w’ibihugu biri muri Afrika y’Useruko bugifise ingorane mu gutunganya iyinjira riboneka muri uwo muryango (coordonner le processus d’intégration) mukwiha intumbero zirashe, kandi ntibukorane neza n’abarwizatunga bo mu Burundi, mukubereka ico bakwiye gukora, ivyo bigatuma abo bagwizatunga baguma mu kutamenya no kudatera imbere mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

JPEG - 56.8 ko
Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM

Izindi ngorane zo gutorera umuti, n’uko amahera ategekenywa mu bisata vy’ubudandanji, amahinguriro, imyuga mitomito n’ingenzi adahagije kugira Uburundi bugire ico bushitseko muri iryo shirahamwe, ivyo bigatuma ata nyungu ziboneka mu butunzi bw’Uburundi. Faustin Ndikumana akavuga ko hategerezwa gukora mur’ubwo bushikiranganji abantu bafise ubumenyi bukwiye kandi bashoboye (des cadres très expérimentés), kandi ko Reta y’Uburundi itegerezwa gufata nkankama ako karyo yaronse ko kwinjira muri Afrika y’ubuseruko, kugira ubutunzi butere imbere. Atari uko, Uburundi buzocika gusa "Abarorerezi n’abaguzi" muri uwo muryango.


Nadège Irakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.