IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Uburundi burashobora guterwa n’imirwi y’iterabwoba

Uburundi burashobora guterwa n’imirwi y’iterabwoba

lundi 3 Munyonyo 2014

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko bafise ibimenyetso ko ya mirwi y’iterabwoba ishobora gutera igihugu ,asaba abarongoye intwaro n’amashengero kugabisha abakirisu barongoye.

N’ubwo yemeza ko umutekano wifashe neza muri rusangi , aremeza ko hari ibimenyetso vyerekana ko ya mirwi y’iterabwoba ishobora gutera igihugu c’uburundi, bamwe mu bakorana nayo bakaba baza baramaze gufatwa nko mu ntara ya Kayanza. Edouard Nduwimana yabimenyesheje mu nama yagiranye n’ababuramatari b’intara hamwe n’abasanzwe barongoye amadini n’amashengero kuri uno wa mbere kugira baganire ku cerekeye ubuzima bw’igihugu.

Muri iyo nama baciye hirya no hino ibibazo bitandukanye bisa n’ibihanze abarundi muri kino gihe yaba icerekeye umutekano ku bimaze iminsi bivugwa mu ntara za Bujumbura rural Mwaro na Rutana. Ariko ababuramatri b’izo ntara uko ari zitatu ,bararahira bakarengwa ko atabicika mu ntara barongoye ahubwo bagiriza ibimenyeshamakuru kuba ariyo bishikiriza amakuru aca ivutu .

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu nawe yemeza ko umutekano ukwiye mu gihugu, ariko aratunga agatoke ibimenyeshamakuru ko rimwe na rimwe bikoresha imvugo ndezarugero mu gusasira canke bagahindukiza uko ibintu bimeze.

Muri iyo nama yagarutse kandi kubo yita abavugishwa b’ibinyoma aho yasavye abo barongoye amadini n’amashengero kugabanya akajagari kibonekeza mu mashengero iwabo aho yagarutse ku witwa Zebiya Ngendakumana, Gakwaya Damascène aherutse kwirukanwa mu gihugu c’ Uburundi hamwe na Sosthène Serukiza. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu avuga ko ivyo vyose bivugwa bitumwa n’ibihe vy’amatora Uburundi buba bwimirije.


Floxella Karire

Messages

  • nduwimana turamenyereye imvugoziwe

  • Mureke kubwmesha!!!!!! mwe cndd.fdd. kuva mwarahuvye guhindura ibwirizwa shingirro kugeza ubu turazziko ntamahoro muraronka. eregga iyo bumenyumwe vyari ikinsi...... none nimwaba muziko binjiye kubera iki mutabafata???? aha ntimunonako bafse umugambi wa kumara abantu ngo baze baabeshe ngo ni al shababu. ibiziga mwishe muce mubitwara mi rweru mubeshe ngo ni abanyarwanda......

  • Inkuru iryoshe. Banamarimwe namwe Barundi mwese mwari mwihebuye. Imana yaraye yerekanye neza ko FNL igiye kuramutswa igihugu. Hari I Cape Town muri Africa Yepfo isaha 21:00 aho abarundi,Abashikiranganji nabandi banyecubahiro bari baje bavuye I Burundi. Bose bakababari bahejeje kwakira umukuru w’igihugu president Nkurunziza Pierre. Twese duca tuja aho twategerezwa kwicara kugira president adushikirize ijambo. Mugihe twari tuvyagiye mugacerere ntangere. Tugire duhaguruke Ngo president yinjire muri sale tuza twumva ururirimbo rwa FNL rurasamiranye maze President, na Karera Denis WA mukuru w’imbonerakure Baca basubira inyuma biruka. ABA DD, Ashikiranganji n’Abarundi Bose haraho barumigwa. ABA DD batangura gushahana. Babazanya ukuntu urwo ruririmbo rwashitse aho. Nkurunziza Pierre aca asohora itangazo avugako atakibonanye n’abarundi bivanye nuko amagara yiwe atamukundiye. Ngo yarushe eka vyabaye ibimenyetso bikomeye. FNL izotsinda ntankeka

  • Uyumuntu yiyise Chris aranyibukije FNL icitwa Palepehutu tukirimwishamba nihotwabona mumakambi abantu bibonekako bariko baragabanura guterera noneho icogihehararitawe inama noneho tubwira abantuko Kabura Kossani ariwe azozakubaramutsa, noneho kubera isaha iyonamayaberako habarimwijoro nikokurundera umuntu yiyota Kossani arahezabariwe avuga arikoyiyitakwari Kosani warumugambiwokugira turebeko abaterera bokwongera gukazanya, none uyu Chris aranyibukije konubundihariho aba FNF batarahinduka! Nonenkuko abivuze mwumva gukora ombinu nkizo bisigura Rwasa kubimukuru wigihugu gayemwe?

  • NDATANGAYE PEE! MBE IVYO MUVUGA NTIMUBONA KO NAMWE MUTAVYIZE ? FNL ITSINDA? NZOBA MBONA

  • ndabakebuye reka guta umwanya fnl ntiragera gutsinda amatora peut etre inyuma ya mandat 3 uhereye kuyizohera.jewe kuva ndumwana,ndumunyeshure,kaminuza...ndi muri yo ububeshi bwabo ntaco buzobashikanako baza Habimana.nayo CNDD-FDD ntigira umupinzani yarahweje mugani w,abamoso.occasion Rwasa yatakaje akikura mu matora aheruka ahenzwe n,abatutsi bo muri uprona ntibizomworohera kuyigarukana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.