IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi buzoserukirwa mu nama y’abakuru b’ibihugu izobera i Kigali

Uburundi buzoserukirwa mu nama y’abakuru b’ibihugu izobera i Kigali

jeudi 14 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umuvugizi wa Reta y’Uburundi, Firipo NZOBONARIBA amenyesha ko Uburundi buzoserukirwa mu nama y’abakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika itegekanijwe mu gisagara ca Kigali kuva kw’igenekerezo rya 16 Mukakaro 2016.

Mu gihe hari abibaza ko Uburundi butazokwitaba muri iyo nama izobera mu Rwanda kubera icuka kitari ciza kiri hagati y’ivyo bihugu bibiri, Firipo NZOBONARIBA amenyesha ko Uburundi bwamaze kuronswa ubutumire bw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, akavuga kandi ko ubwo butumire Reta y’Uburundi izobwitaba.

JPEG - 66.7 ko
Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi

Nk’uko vyashikirijwe n’uwo avugira Reta, nta mpamvu n’imwe yotuma Uburundi budaserukirwa muri iyo nama, akavuga ko Uburundi buzokwitaba iyo nama nk’uko yoba yabereye mu kindi gisagara icarico cose co mu kindi gihugu, kuko n’ubundi iyo nama itateguwe na Reta y’Urwanda.

Firipo NZOBONARIBA amenyesha mbere ko uburundi bwamaze kurungika mu Rwanda abahinga bategura inama y’abashikiranganji b’imigenderanire n’ibindi bihugu izoba imbere y’inama y’abakuru b’ibihugu.


IGIHE

Messages

  • Abanyarwanda n’abarundi turi abavukanyi.Tuvuga ururimi rumwe kandi dusangiye vyinshigusa izo Nterahamwe mwinjije mu gihugu nizo zatumye tutihanganira kwinjira kwazo.Umunsi mwazisohoye nta nkeka umubano ni sawa.

  • What? Ngo abahinga? means experts. So Kigali need experts from Burundi for the AU Kigali summit to be a success? Just curiosity

  • @ Rugira. Erega imbere y’uko aba Présidents bahura, ibihugu vyose birarungika des "techniciens" pour preparer la conference... Ntibaba bagiye gufasha igihugu kiberamwo inama! Mukirundi bitwa abahinga. So you have to understand the correct way of this.

  • RUDUHA ngaho ngo uravuze! Interahamwe ziri mu BURUNDI wotubwira aho ziri neza na neza tukagufasha kuzirondera? Mbega uvuze interahamwe mu Burundi uba ushatse kuvuga iki? Ndakumenyesheje ko kwirukana ubwoko aho tugeze ubu mutazobikora mu Burundi nkuko mwabikoze mu Rwanda aho umuhutu mumwita interahamwe! Mu burundi nta nterahamwe zihari hari Abarundi gusa. Interahamwe, Sindumuja bari mu Rwanda.

  • Ico nzi co ntabwo leta y’Uburundi yari izi ko iyi nama izotegurwa kandi ikakirwa n’U Rwanda, muzoyitabire ntaco muzoba abanyarwanda ivyo nta mwanya babifitiye!

  • Egome twahejeje gutahura muvyo uvuze ko ata Nkurunziza azohonyoza ikirenge ciwe mu nama ya AU iriko irabera mu Rwanda, vyumvikana ko Sindimwo ari prêt ày aller. None umunsi hatowe Kagame kurongora iryo shirahamwe rya AU muzoca mufutamwo Uburundi ? Ntivyoroshe nukuri. Nta Burundi n’u Rwanda bitumvikana, kuko abanyagihugu bavyo baguma basangira vyose. Nibavuge ahubwo ko ibitameze neza biri hagati y’abaperezida n’ivyegera vyabo.

  • Mbe dindimwo komumugaya?azobatwara mwaka mwemera

  • nyamwigendako ntarimira impeshi kandi umubanyi niwe muryango.Abarundi barakeneye ababa hafi maze ibibazo bafise biheze bigabanuke kuko hari ivyo uburundi bufise n’ibindi bukenye bitegerezwa kuboneka hari imigenderanire myiza n’ibindi bihugu.ikibabaje gusa n’amaraso abandanya aseseka, amarira n’agahinda bigasonga abarundi kubera ububegito bwadashaka gusangira n’abandi mu guhonyanga amategeko bakoresheje inguvu n’agasuzuguro

  • UMUPFU NTIYINUKIRA. N’INDIRIMBO YA CNDD FDD YO KUTUKA NYAKWUBAHWA PAUL KAGAME! ABATWARE B’UKURUNDI,IBIBURASONI.

  • U Rwanda ntakibazo rufitanye n’u Burundi, birya mwumva bavuga ngo umutekano muke n’u rwanda ruwuteza sivyo, irya ni imitwe ya Willy Nyamitwe na Mukuru wiwe barobdera gusamaza amakungu ko abantu bariko baricwa batazobabazwa, aba jeunes b’abatutsi bishwe, abagore bafashwe ku nguvu, abagabo bashahuye bakabica nabi, etc,... bagira barabe ko vyo kwitirirwa u Rwanda hama bibata kuwamazi kubera ivyo vyose babikora bagira barabe ko Nyenicubahiro President Kagame yoshavura akabasubiza hama nawe aca arinumira. Bahavuye babura ayo bacira n ayo bamira. Diplomatie y’u Rwanda irakomeye basha mwa ba dd mwe

  • Iyomihimbiri yi nterahamwe ni tuvire mugihugu, itahavuye naho bazohava nabi. abo nabo bivugisha ngo ngurwanda, nibagende ntangorane murwanda, abategetsi Burwanda bariyubashe.nubwo babatutse bazobakira nurufasoni kuko rwagateka ahokanye, kandingo ubuntu burihabwa. namwe ubuntu bwarabavuyeko bitumwe nukutubaha kiremwa muntu.

  • None karashize ingani dutwarwe n’umuntu atigera aja mu nana na rimwe? Ntibizoroha kabisa.

  • iKIBAZO NI nKURUNZIZA YAZANYE MANDAT YA 3 KUNGUVU, SI U RWANDA CANKE IKINDI GIHUGU. nONE IBIRIKO BIRABA VY UBWICANYI SI NKURUMBI NA nYAMITWES BE NA BUNYONI, aFISA mOSI SIMWE MUMUGANDAGUYE,M aDOLPHE SIMWE MWAMUGANDAGUYE? dARIUS SIMWE MWAMUGANDAGUYE, NONE NGO IKIBAZO KIRI HAGATI Y ABATEGETSI B URWANDA N UBURUNDI?? SIVYO IKIBAZO NIRWANYU MURAHUMBA MWABA DD MWE

  • None iyonama ya AU ibereye mu Rwanda harubuhangange vyaka Nyenyeri ya Afrca nyecubahiro H.E Papa Petero Nkurunziza?

  • None kuvuze ngo ntiyateguwe n’Urwanda, iyo itegurwa n’urwanda ifitiye inyungu abaturage canke abenegihu burwanda nuburundi ntimwarikuyitabira. Ubwenge bwabatware buburundi nibukeya cane. Birumvikana igituma mwama mwabaye abanyuma mu migambi yose. Change is needed

  • Nkurunziza niwe president wambere ugira ubwoba.

  • Nkurunziza niwe president wambere ugira ubwoba.

  • umunyabwoba rwose

    peter azageza kuki abarundi atitabira amanama ? murababaje vraiment

  • TURASIGIKIYE KO UBURUNDI BUZOKWITABA IYONAMA IZOBERA MURWANDA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.