IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imigenderanire y’Uburundi n’Ubutariyano igiye kuvugwa

Imigenderanire y’Uburundi n’Ubutariyano igiye kuvugwa

jeudi 13 Munyonyo 2014

Uburundi bwaronse ubutumire mw’ihayanisha rizobera mu gihugu c’Ubutariyano, kuva mu kwezi kwa Rusama kugeza muri Gitugutu umwaka uza w’2015.

Ivyo bikaba vyavugiwe mu mubonano wahawe umurwi ukora mu gisata kijejwe ubudandaji hagati y’Ubutaliyano hamwe n’Afrika yo Hagati .Iryo hanishwa rizobera mu gisagara ca Milan mu mwaka w’2015 rero rikazotuma Uburundi bumenyekana nk’uko bivugwa na CESTARI Alfredo yari arongoye intumwa z’uwo murwi. Avuga ko igihugu c’Uburundi gikwiye imashanyo uravye inguvu zikoreshwa mw’iterambere. Amenyesha ko hamwe Uburundi bwo kwitaba iryo hayanishwa, buzohabwa ikibanza giciye amafaranga y’amanyaburaya angana n’umuriyoni buzokwerekaniramwo ibokorwa vyabwo, hongere harihwe itike y’indege ku bantu 10.

CESTARI Alfredo akaba kandi amenyesha ko hamwe Uburundi bwitavye, kakazoba ari n’akaryo keza ko kumenyekanisha igihugu mu barwizatunga b’abatariyano, kugira bashobore kuzana imitahe mu Burundi. Ku bwa Laurent Kavakure umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, akaba amenyesha ko ashimira cane uwo murwi wo mu gisata c’ubudandaji hagati y’Ubutariyano n’Afrika yo Hagati, ariko akaba anavuga ko imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ubutariyano igoyagoya.

CESTARI Alfredo ahiwe akemeza ko agiye gukora ibishoboka vyose, kugira iyo migenderanire isubire ikomere, co kimwe no kwerekana ishusho nziza y’Uburundi.


Aristide Nizigire

Messages

  • u Burundi bugeze ahabi kweri. nico gihugu rudende kizohabwa aho gihayanishiriza ku buntu bakanarihira abazojayo itike y’indege. yoooo ewe burundi bwatwibarutse, urakengerewe.

  • Wewe wihise miburo urakwiye kumenyerako iyigihugu gitanguye kubigijangange murwego mpuzamakungu kicagitangutakwitabwahocane mbewaruziko kubigihangange atarukugirubutunzigusa? Mbewibazako baryabavukanyibacu birirwabajagutangamaraso kugira bafashe kugarukanamahoro kwarukubera kurondera amahera nkukobamwenabandibakunze kuvyihendako? Umvaro uyumusi ntabutunzidufise bwotuma tubibihangange kurwego mpuzamakungu, arikomenyako abasirikare bigihugucacu bashoboye kudushira mwicokibaza cokuba ibihangange, uvyemere canke uvyanke nukwobimeze ikizobokwemeza nivyobihangange ubona bikomeje kuza kudutemberera, nonekuvugango bazakubera uburundi bugezehabi nibindi wagogose uvuga keramuza 72 , 88, 93 kobatasurasurana nkukubimeze mwikigihe wibazako Ubuntu bitarivyarayangaye?

  • mbega wewe wiyita so ubu ntucitwa mama uzohava ugwara mumutwe bitebe bitebuke.

  • Umuntu yiyise Roza, ivy’avuze birananiye gutahura icoyashatse kuvuga!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.