Accueil > Amakuru > u Burundi > Imigenderanire y’Uburundi n’Ubutariyano igiye kuvugwa
Imigenderanire y’Uburundi n’Ubutariyano igiye kuvugwa
jeudi 13 Munyonyo 2014
Uburundi bwaronse ubutumire mw’ihayanisha rizobera mu gihugu c’Ubutariyano, kuva mu kwezi kwa Rusama kugeza muri Gitugutu umwaka uza w’2015.
Ivyo bikaba vyavugiwe mu mubonano wahawe umurwi ukora mu gisata kijejwe ubudandaji hagati y’Ubutaliyano hamwe n’Afrika yo Hagati .Iryo hanishwa rizobera mu gisagara ca Milan mu mwaka w’2015 rero rikazotuma Uburundi bumenyekana nk’uko bivugwa na CESTARI Alfredo yari arongoye intumwa z’uwo murwi. Avuga ko igihugu c’Uburundi gikwiye imashanyo uravye inguvu zikoreshwa mw’iterambere. Amenyesha ko hamwe Uburundi bwo kwitaba iryo hayanishwa, buzohabwa ikibanza giciye amafaranga y’amanyaburaya angana n’umuriyoni buzokwerekaniramwo ibokorwa vyabwo, hongere harihwe itike y’indege ku bantu 10.
CESTARI Alfredo akaba kandi amenyesha ko hamwe Uburundi bwitavye, kakazoba ari n’akaryo keza ko kumenyekanisha igihugu mu barwizatunga b’abatariyano, kugira bashobore kuzana imitahe mu Burundi. Ku bwa Laurent Kavakure umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, akaba amenyesha ko ashimira cane uwo murwi wo mu gisata c’ubudandaji hagati y’Ubutariyano n’Afrika yo Hagati, ariko akaba anavuga ko imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ubutariyano igoyagoya.
CESTARI Alfredo ahiwe akemeza ko agiye gukora ibishoboka vyose, kugira iyo migenderanire isubire ikomere, co kimwe no kwerekana ishusho nziza y’Uburundi.
Aristide Nizigire
Messages
13 Munyonyo 2014, 14:40, par miburo
u Burundi bugeze ahabi kweri. nico gihugu rudende kizohabwa aho gihayanishiriza ku buntu bakanarihira abazojayo itike y’indege. yoooo ewe burundi bwatwibarutse, urakengerewe.
13 Munyonyo 2014, 19:38, par So
Wewe wihise miburo urakwiye kumenyerako iyigihugu gitanguye kubigijangange murwego mpuzamakungu kicagitangutakwitabwahocane mbewaruziko kubigihangange atarukugirubutunzigusa? Mbewibazako baryabavukanyibacu birirwabajagutangamaraso kugira bafashe kugarukanamahoro kwarukubera kurondera amahera nkukobamwenabandibakunze kuvyihendako? Umvaro uyumusi ntabutunzidufise bwotuma tubibihangange kurwego mpuzamakungu, arikomenyako abasirikare bigihugucacu bashoboye kudushira mwicokibaza cokuba ibihangange, uvyemere canke uvyanke nukwobimeze ikizobokwemeza nivyobihangange ubona bikomeje kuza kudutemberera, nonekuvugango bazakubera uburundi bugezehabi nibindi wagogose uvuga keramuza 72 , 88, 93 kobatasurasurana nkukubimeze mwikigihe wibazako Ubuntu bitarivyarayangaye?
13 Munyonyo 2014, 23:55, par roza kamikazi
mbega wewe wiyita so ubu ntucitwa mama uzohava ugwara mumutwe bitebe bitebuke.
14 Munyonyo 2014, 19:45, par So
Umuntu yiyise Roza, ivy’avuze birananiye gutahura icoyashatse kuvuga!