Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwatswe uburenganzira bwo gutora muri ONU
Uburundi bwatswe uburenganzira bwo gutora muri ONU
mercredi 27 Nzero 2016
Uburundi bwatswe uburenganzira bwo gutora mu nama nkuru y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kubera hari amafaranga busabwa gutanga muri iryo shirahamwe butaratanga.
Vyose hamwe ni ibihugu 9 kw’isi vyatswe ubwo burenganzira bwo gutora mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU,ariko ku mugabane wa Afrika ni 3,navyo ni Uburundi,Mali na Libiya.
Umuvugizi w’umukuru w’igihugu muri Mali yavuze ko ivyo bishobora gushikira igihugu icarico cose kandi ko bariko barakora kugira ibintu bije mu buryo.
Ku ruhande rw’abatavuga rumwe na Reta muri Mali bavuga ko ari ibiterasoni ku gihugu,kandi ko bikura icubahiro ku gihugu.
IGIHE
Messages
27 Nzero 2016, 11:24, par che
BITEYE ISONI!
27 Nzero 2016, 13:39, par INTAGOHEKA
NAKARE MBONA NIYO ONU MUVUGA ITUBAHIRIZABOSE
27 Nzero 2016, 19:54, par athanas
Gusa nuko bwabaheranye mutakigira nicomwibanga muteyisoni pe!eka urintagoheka.
27 Nzero 2016, 20:49, par Yosuwa
Birateye Isoni Kubona Baturenganya Jewe Ntavyo Numva?
27 Nzero 2016, 23:06, par Kanuma
Mbe ko muvuga ingene vyifashe muri Mali ntimuvuge ico abategetsi b’uburundi babivugako! Kwandika bisa n’ibitaboroheye.
28 Nzero 2016, 10:54, par kamaro
uburundi burafise igituma cumvikana, kuko ayokubariha yaciyakora mumatora.. amakungu niyoyanse gutaga amahera yamatora!!
28 Nzero 2016, 16:24, par Idd Jaffar
Erega Ntagihugu Kibuze ubutegetsi botomoye coja mumatora ya onu erega bamenyeye bakoresha inguvu mugutwara!
28 Nzero 2016, 16:25, par Idd Jaffar
Erega Ntagihugu Kibuze ubutegetsi botomoye coja mumatora ya onu erega bamenyeye bakoresha inguvu mugutwara!
28 Nzero 2016, 17:27, par nduwayo
Bibaho ntakundi
28 Nzero 2016, 18:31, par rukundo innocent
nibabahe ubwoburenganzi bazoyariha bukebuke..com
28 Nzero 2016, 19:01, par Ntamuhingawisi Major
Ntagitangaje Kuko Nomukwinjira Muri Eac Twarihiwe N’URWANDA
28 Nzero 2016, 20:03, par Kabango
Nagahomamunwa
28 Nzero 2016, 21:02, par j.claude
vraiment ivyo biratey isoni mugabo nabonyene baramenya y’uko uburundi buhoze mungorane kandi mumeny ko amatora atwara amahera menshi ONU gira ikigongwe kuburundi .!!!!!!!!!!!!!!
28 Nzero 2016, 23:28, par Nshwazenegger
Hariho umuntu ashaka kurihira uburundi ayomafranga $1360 dufitiye ONU ashaka ayarungike direct muri ONO kubwivyo nginibamubwire account yabo ayashiremwo.Ngohanyuma akokadenderezo Isi ikomeje kugirira igihugu cuburundi kagabanuke. Uwomuntu ashaka kuriha ayomahera numwongereza.
29 Nzero 2016, 03:16, par Gahungu Adolphe
Abarundi Bagize Baravuga Mwivugira Ngo Bashaka Intwaro Z’igikenya ; Non Onu Nayo Ishaka Iki ?
29 Nzero 2016, 12:09, par JOJO MUGABE
bwoyakurahe?honyen abanyagihugu barugarijw nubuken ahubwo ONU nigirire ikigongw uburundi. nimba hari igihugucofash kikaburihir sinon harababa
29 Nzero 2016, 13:23, par Mahoromeza
Igihe.bi : muratubwira nimba mutagikora imisi yose ,muzopfume muduha urutonde rw’iminsi tworonderera amakuru ku rubuga rwanyu,kuko nikenshi turondera amakuru tugasanga ntayariko mashasha ariko,nimisi nki 3 igahera atankuru nshasha ,ikindi ubu menga mutarose inkuru yega leta ntayindi nkuru mukivuga nayo abatatga rumwe na leta kubwanyu ntabakibaho,uwutanze iciyumviro kidahayagiza leta ntimukigishira kurubuga rwanyu
30 Nzero 2016, 07:10, par Bacisi
Hahiriwe uwuzotorwa N’imana ivyo vya ONU nivyo mwisi twebwe rero igihugu cacu Imana ndaziko igihagaze imbere nakare Imana iruta vyose
30 Nzero 2016, 15:51, par Nkunzurwanda
@mahoromeza. Niba utari ubizi wowe nabandi barundi. Igihe com mukinyarwanda cyangwa mukirundi ni DMI yabishinze. Amakuru bandika ni avuga neza kagame kandi intego yabo ni imwe (gushinga Hima Tutsi empire)
6 Mukakaro 2016, 22:32, par korode
nashamafoto