IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi : Abanyarwanda bibutse ku ncuro ya 21 ihonyabwoko ryakorewe (...)

Burundi : Abanyarwanda bibutse ku ncuro ya 21 ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi

vendredi 10 Ndamukiza 2015, par Egide N

Ubuserukizi bw’igihugu c’Urwanda mu Burundi, Reta y’Uburundi hamwe na bamwe mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi bifadikanije n’igihugu c’Urwanda mu kwibuka imyaka 21 iheze habaye ihonyabwoko ry’Abatutsi muri ico gihugu.

Mu bikorwa vy’ukwibuka ku ncuro ya 21 ihonyabwoko rwakorewe Abatutsi mu gihugu c’Urwanda, Amandin RUGIRA aserukira igihugu c’Urwanda mu Burundi yibukije abari baje kwifadikanya n’Abanyarwanda baba mu Burundi kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 7 Ndamukiza 2015, ko Ihonyabwoko ari ijambo riteye ubwoba kandi riremereye, kuko risigura kuzimanganya igice kanaka c’abantu nk’uko vyagendeye muri Ndamukiza 1994, abari mu bwoko bw’Abatutsi mu Rwanda. Mu minsi ijana gusa, hakaba hishwe abantu barenga umuriyoni, bikumvikana ko ku munsi hapfa abantu batari munsi y’ibihumbi cumi, nk’uko Amandin RUGIRA aserukira igihugu c’Urwanda mu Burundi yabimenyesheje muri ivyo bikorwa vyo kwibuka ku ncuro ya 21 abaguye muri iryo honyabwoko.

JPEG - 66.9 ko
Abari baje kwifadikanya n’Abanyarwanda baba mu Burundi

Amandin RUGIRA yarashimiye abaje kwifatanya n’Urwanda, abamenyesha ko kwibuka ari umugambi w’Abanyarwanda, kugira ivyabaye ntibizosubire kandi. Yasavye abari bitavye ico gikorwa kwifafikanya n’Abanyarwanda mu kurwanya abagerageza guhakana ko ihonyabwoko ry’Abatutsi ritabayeho mu Rwanda.

Ivyo bikorwa vyari vyatewe iteka n’abategetsi batandukanye, harimwo Laurent Kavakure umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Patrick Spirlet aserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya mu Burundi, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abandi banyecubahiro batandukanye, hamwe ISSAKA Souna icegera c’umukuru wa MENUB (Mission d’observation Electorale des Nations Unies au Burundi), ari nawe yashikirije abari aho ubutumwa bwa Ban Ki Moon, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Muri ubwo butumwa, Ban Ki Moon yasavye amakungu gushira imbere gukinga ubwicanyi kuruta kubwiyamiriza bwamaze kuba.

JPEG - 52.1 ko
ISSAKA Souna, icegera c’umukuru wa MENUB

Kuri uwo munsi wa kabiri nyene igenekerezo rya 7 Ndamukiza 2015, akaba ariho umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame yacana urumuri rw’icizere muri ico gihugu, mu gutanguza iminsi 100 yo kwibuka ku ncuro ya 21 ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi mu Rwanda.


Egide Nduwimana

Messages

  • Murabamwibutse kwibuka nabahutu nambanyabuna mushaka kwubaka imitina yimiryango yabanyarwanda bose babuze ababo bahowe ubwokobwabo? Aharero ngondapfobeje komwumva murabagabo nimuze munkoreko zibarye ndihano iwacu Burundi Kirundo.

  • Ariko burya!Izo nyenzi nizituvire mu gihugu cacu,aho baza kubongeka amazosi ngo ni comemaration de je ne sais pas qoui,abo ba mafia nta kigongwe bakwiye,ntimwibagire ko bari aba sans echecs,aba sans défaites bagendana ibisu bajugumiza igisagara cose n’ingwano itaraba nya mbwebwe nyene,ahubwo umuntu yabaretse ngo batubere mu gihugu yadukoreye nabi cane,bamaze abahutu i burundi ahubwo barabivuga sindavyemere ubu ndabibonye abanyarwanda ntibisonera koko ,gukorera ivyo bintu mu burundi!!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.