IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bw’akazi ka Reta bwerekanye ivyaranguwe mu mwaka (...)

Ubushikiranganji bw’akazi ka Reta bwerekanye ivyaranguwe mu mwaka w’2013

jeudi 9 Nzero 2014

Nk’uko vyama bikorwa no mu bindi bisata, ubushikiranganyi bw’akazi ka Reta bwerekanye ibikorwa vyaranguwe mu mwaka w’ 2013.
Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 9 Nzero 2014, umushikiranganji Sendazirasa Annonciate yerekanye ivyaranguwe mu mwaka w’2013.

Mukunagura akazi, mu cirwa cari carakozwe, ubwo bushikiranganji bwararavye ibishobora gufasha abantu mu gihe akazi gahaze, buca buhera gufasha abashoferi bo m’ubuzi bwa Reta no kuri abo bose bavyipfuza mu kuronsa inyigisho kugire baronke ubundi bumenyi, iyindi myuga, bashobore kugira ico bimarira igihe bavuye mu kazi ka Reta.

Inyigisho baronkejwe zikaba zari zerekeye ibijanye no gusudira, kwubaka, ibijanye n’umuyagankuba, n’ibindi mu kubafasha kwiteza imbere.
Umushikiranganji Sendazirata Annonciate akaba yemeje ko abaronkejwe izo nyigisho bakaja hamwe bazofashwa muvyobateza imbere.

Mu mwaka w’2013, harashoboye gushirwaho umuhora ngurukanabumenyi wo guhanahana amakuru hagati y’inyubakwa y’ikega ca Reta, inyubakwa bita Grand bureau, hamwe no mu bushikiranganji bw’ibikorwa vya Reta. Igikorwa co guca ibinogo bicamwo intsinga ngurukanabumenyi Fibre Optique carangiye mu mwaka w’2013, ivyo bigatuma ubu abantu bashobora kuronka amakuru y’ibikorwa vya Reta mu buryo bunyaruka.

Harabaye integuro zitanu z’ukungene ivy’imishahara vyogenda, hashirwaho poritike y’imishahara idahagaze gusa mu kwongereza imishara abakozi, hararabwe ukungene ubusumbasumbane bw’imishara (prime d’indeminité) butera kenshi akajagari mu bakozi ba Reta bwovaho hongera haranarabwa ubuzi bukorana na Reta ku bijanye n’ukungene hari umushara idatakwiye kurengwako canke ngo ije munsi.

JPEG - 1.6 Mo
Annonciate Sendazirasa, umushikiranganji w’akazi ka Reta

Mu ntwaro ibereye ku vyerekeye akazi, ubuhinga bw’imashini y’inyabwonko "logiciel" bumaze imyaka ibiri ikora, mu mwaka w’2013 bukaba bwarashoboye gushiramwo ubuzima bw’abakozi, bica bituma bakuramwo itandukana ry’amanomero ndangamukozi mu bushikiranganji butandukanye, haca haba inomero ndangamukozi imwe, mbere n’abahora bahemberwa ku manomero ndangamukozi zibiri (double matriculation) birakurwaho bongera baranishuza abantu bose batwaye amafaranga kuri konte z’abantu baba barapfuye bitamenyekanye barayishuzwa. Imiriyoni zigera kuri 43 akaba arizo zashoye kugarukanwa mu kigega ca Reta.


Mariella Bukuru

Messages

  • Jewe nibazako harihoo abarundi bazi kwandika no gusigura ikirundi neza!Kuva ryari Le ministère de la Fonction Publique ica yitwa Ubushikiranganji bw ibikorwa vya Leta!Quelle traduction mes chers journalistes!ngira ni BING kirundi!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.