IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ubushikiranganji bw’indero bwibutse kwipfuka bwakeye kera

Ubushikiranganji bw’indero bwibutse kwipfuka bwakeye kera

mercredi 27 Munyonyo 2013

Amashure y’abigenga ashika icumi yo muri komine ya Rumonge ariko arakurikiza ingingo yafashwe n’ubushikiranganji bw’indero, aho busaba ko amashure y’abigenga yobandanya ashigikira abanyeshure biga mu myaka y’indwi batashikanye 30 kw’ijana mu kibazo ca concours national, agiye guhanwa vy’akarorero.

Abayobozi b’amashure y’abigenga aho mu Rumonge bakaba batanguye kwirukana abanyeshure bose batashoboye gushikana ayo manota 30 kw’ijana. Ukwo kwirukana abo banyeshure rero batamenye mu mashure yigenga yo muri komine ya Rumonge, kukaba kwatumye ku munsi w’ejo, ku wa kabiri iginekerezo rya 26 Munyonyo 2013, abanyeshure bashika 140 bari bungurujwe mu mwaka w’7 w’ishure nshingiro batamenye bo muri quartier ya Gihwanya mu gisagara ca Rumonge, baja kwugariza ibiro vy’ubuyobozi bw’amashure muri komine ya Rumonge.

Abavyeyi n’abayobozi b’ayo mashure y’abikorera utwabo, bakaba bumvikanye ko bagiye kuraba ukwo bumvikana, kugira baze babasubize amafaranga y’ishure bari bamaze kurihira abana babo amezi abiri. Abavyeyi ariko bakababazwa n’iyo ngingo yo kwirukana abana babo, igice ca mbere kigira gihere, mu gihe abo bana bari bamaze amezi hafi atatu biga. Ubushikiranganji bukaba bubizeza ko, abo bana bazoronswa ivyirwa vy’ikibiriraho, bizomara indwi zibiri, kugira bashobore gushikira abandi abandi bo mu myaka ya gatandatu.

Ariko rero, ubushikiranganji bw’amashure matomato n’ayisumbuye bwoba bwibutse kwipfuka bwamaze guca, kuko iyo ngendo y’amashure yigenga yo kureka abanyeshure batamenye ikibazo bama bunguruzwa ukuri kwamye muri ayo mashure y’abigenga, iyo ngeso akaba atari iyo muri uyu mwaka w’ishure w’2012 ushira 2013, ababitanguye, amashure bayarembeje, canke banayahejeje kera.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.