IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Nkurikiye :ʺNta bandi bahinga bakenewe mu gukura ibirwanisho mu (...)

Nkurikiye :ʺNta bandi bahinga bakenewe mu gukura ibirwanisho mu banyagihuguʺ

samedi 20 Ruheshi 2015

Ubushikiranganji bw’umuteko bumenyesha ko muri rusangi umutekano wifashe neza, kandi ko abanyagihugu baja ku mirimo ya minsi yose ku butaka bwose bw’igihugu.

Mw’itangazo ry’ubushikiranganji bw’umutekano ryasomwe n’icegera c’umuvugizi w’ubwo bushikiranganji Pierre Nkurikiye,ubwo bushikiranganji bumenyesha ko imigambwe imwe yasubiye gutangura imyiyamamazo,kandi n’ikibazo gitanga uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri c’amashuri yisumbuye cakozwe neza mu gihugu cose.

Ku bijanye n’ibihuha bivuga ko hari imirwi ishobora gutera igihugu, iryo tangazo rimenyesha ko gushika ubu ,mu bushikiranganji ata kintu na kimwe cerekana ko hari indwano canke umurwi woba uriko urategura gutera Uburundi.

Ubushikiranganji bw’umutekano buraremesha abanyagihugu bose n’amakungu,ko umutekano ari wose,ko boguma batekanye kuko ingingo zose zamaze gufatwa n’inzego z’umutekano mu gucungera umutekano w’abantu n’ivyabo ku butaka bwose bw’igihugu.

Ku bijanye no gukura ibirwanisho mu banyagihugu babitunze batabifitiye uburenganzira,iryo tangazo rimenyesha ko Reta y’Uburundi yamaze gushiraho umurwi w’abahinga bakura ivyo birwanisho,kandi ko bashima igikorwa uwo murwi umaze gukora.

Ubushikiranganji bw’umutekano bumenyesha ko bwisunze ubuhinga,n’igikorwa c’uwo murwi ujejwe gukura ibirwanisho mu banyagihugu,ata bandi bahinga bakenewe ,atari aboza kuraba uko ico gikorwa cakozwe canke bagafasha mu gutanga uburyo.

Muri iryo tangazo,ubushikiranganji bw’umutekano bumenyesha ko bwamaze gutangura gucungera ikiringo c’amatora kandi ko n’ubu bubandanya kubikora.

Ubushikiranganji burangiza bushimira abanyagihugu ingene bukorana n’abajejwe umutekano mu kudomako urutoki,uwo wese awuhungabanya.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Nukuri tubaye turashimira reta kukigoro iriko ikora mugukura ibirwanisho mubanyagihugu nugusubiza abarundi kumurongo baze dutore dutakebaguzwa.nkako bibaye hageze kugira dutore abo dushaka ko baduserukira kugihugu cacu c’uburundi,imana ibafashe icogikorwa kiranguke neza.

  • Ama declaration yabaye ikirenga kabisa.Muga ico ca concour national cank test aracihenzeko kuko no kuva 1993 gushika 2008 camye gikorwa kand hoho hari intambara.Muga ubu mumahoro gikorwa hari inkoho injojo.Je mbona umenga police na armee bashaka kwinjira muri politique kuko ikibazo kihari ni ica politique gikeneye inyishu ya politique.NIBAKORE NEZA NTIBAHAVE BASANGA BABAYE INZEGO Z’UMUNTU CANKE Z’INYUNGU KANAKA

  • None kiyo mugabo avuga ngu mutekano urakwiye, abobaraye baraturasa nibande kobatubujije gusinzira?!!! Nibareke kubesha kuk abonyene nibo bawuhungabanya turabazi ariko imana irababona nibahumure twese turi maso by by bararushe pee!!

  • nimvugo ya politique.ama agrenades yaray aravugra mu gisagara ca buja ntaco avuz?cnk ngira n,akaboregwe k,amahor?naj kuraba ku ma gares du nord

  • Twebwabanyagihugu AmatangazonkayoYareta Turayamenyereye Ibigwanisho Ahogukugwamugihugu Igakomeza Kubihimbonerakure Kugira Zice Abatavugarumwe Nareta !!

  • nkurikiye wowe isige amarangi mu maso ujye kuri television wiririmbire ivyo uvuga ntavyo uzi

  • None abo baporisi bacitse abanyepolitike?amahoro ari munzu iwabo.ninaco catumye baturira amaradiyo kugira ntitumenye ibiriko biraba.

  • NONE AMATORA ATABAYE MTMUTEKANO LETA IZOVYIFATAMWO GUTE NIBARE AMAKUNGU AZE ADUFASHE MBEGA MWANKA GUHINYUKA KO LETA YA CNDD YATEGUYE KWIBA AMATORA BIHAGIJE MBEGA KOBAHUTAGIZA AMATORA IBIGANIRO BIZOBA RYARI

  • Abahinga muvya gisirikare bavuye hanze barakenewe gose. Abahinga ataho begamiye nibo bonyene boshobora kwaka ibigwanisho abo Adolphe na Nkurunziza babihaye; aha nshaka kuvuga imbonerakure hamwe n’interahamwe. Abo bahinga leta iriko ivugako ifise bokwaka gute ibigwanisho abicanyi karuhariwe, abicanyi ba Adolphe na Nkurunziza. Mwijambo rimwe Nkurunziza na Adolphe bokwiyaka ibigwanisho gute???? Hakenewe gose umugwi uvuye hanze. Aha ndateye akamo societe civile, opposition bavire hasi rimwe basabe goseko uwo mugwi woza. Ikindi kitumvikana ningene iyo gouvernement yanka ko abobahinga baza!!1 Iyo ataco wiyotsa nkuko babivuga mu kirundi, ko tuzi nezako atamafaranga basaba uburundi, bokwankira iki ko baza???

  • yewe nkurikiye we,gende witambire wihayagirize u Burundi kumbure umuziki uzoguteza imbere nayo ububeshi ntaho buzogushikana.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.