IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubutumwa bwa Ban Ki-Moon buhamagarira ama Reta gukingira abamenyeshamakuru

Ubutumwa bwa Ban Ki-Moon buhamagarira ama Reta gukingira abamenyeshamakuru

dimanche 4 Rusama 2014

Umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bwo kumenyesha amakuru mu Burundi watangujwe n’urukino rw’umupira w’amaboko Baskeball rwahuje abamenyeshamakuru n’abapolisi. Mu kigo c’abamenyeshamakuru niho havugiwe amajambo atandukanye yo kwipfurizanya uwo munsi.

Kuva kw’igenekerezo rya 22 Ndamukiza, abamenyeshamakuru bo mu Burundi bari batanguye kwitegurira igenekerezo rya 03 Rusama. Muri iyo myiteguro harimwo ibiganiro bitandukanye n’ibindi bikorwa bijanye n’umunsi mukuru wahariwe ubwingenge bwo kumenyesha amakuru. Umunsi nyezina watangujwe n’urukino rwahuje abamenyeshamakuru n’abapolisi. Urukino rwaheze ku ntsinzi y’abamenyeshamakuru y’ibitsindo 47 kuri 40 vy’abapolisi.

Inyuma y’urukino abamenyeshamakuru bahuriye mu kigo cabo, ari naho havugiwe amajambo no kwivuna akanyota. Ibirori vyatangujwe n’ijambo rya Denise Mugugu arongoye ikigo c’abamenyeshamakuru, akaba yamenyesheje ko ari umunsi uhambaye aho abamenyeshamakuru bisuzuma aho bagejeje guharanira ubwigenge bwabo no gusuzuma ko bakora neza umwuga wabo kubw’ineza y’abanyagihugu b’Abarundi.

Yvonne Matuturu akora mu biro vy’ishirahmwe UNESCO, yashikije ubutumwa bwatanzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Ubwo butumwa burimwo ukutoroherezwa kw’abamenyeshamakuru mukurangura umwuga wabo, harimwo gupfungwa, kwicwa, gusinzikiarizwa ubuzima, n’iterabwoba. Ubutumwa bwa Ban ki Moon busaba abamenyeshamakuru kurwanya bivuye inyuma ico cose kiza kunigira mu menshi ugushikiriza amakuru. Yasavye ama Reta n’amashirahamwe guharanira no gukingira ubwigenge bw’abamenyeshamakuru mu gushikiriza iciyumviro, umushinge w’amategeko ngenderwako n’iterambere ry’ikimpumbi.

Bertin Gahungu arongoye akarere k’ubuseruko(commissaire de Police Region Ouest), mw’ijambo ryiwe yaragarutse ko vyashikiye abamenyeshamakuru ku munsi wa kabiri, aho babuzwa kugira urugendo. Yavuze ko vyobazwa abatanze amategeko hanyuma bakaraba icabitumye kugira ntibize bisubire.

Mwomenya ko abapolisi bari bahejeje gukina umupira bicaranye n’abamenyeshakuru mu gusangira ikirahuri c’uwo munsi mukuru


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Turashimye ko abamenyeshamakuru bagiyegutangura kuzabaraduha inkuru bitondeyeneza mugihebabonyenaho idatomoyeneza babebaratenyenye kugirabayitohozeneza mazebazekuyitanga atamahinyu arimwo mugihe bobabaratenyenye gutanga inkuru idatosoyeneza ntibisigurako bobakoreye nabi igihgu nabakibamwo, ubwenge nakarangamutima kumwugawanyu bizovyara kwirinda urwamo mugihugu canyu mukundakikabahimbara, kukondaziko mushatse ko urwamo hagatiyanyu nama reta ukwazogendakurikirana rukomeza rwiyongera murabishoboye, mushakanaho korugabanuka navyomurabishoboye, uwubaka urwiwe bamutiza kumwemera, uwusenya urwiwe bakamutiza umuhoro.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.