IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > ’’Ubutumwa bwa Medard Muhiza bushobora gutuma n’abandi bamenyeshamakuru (...)

’’Ubutumwa bwa Medard Muhiza bushobora gutuma n’abandi bamenyeshamakuru bahunga’’

samedi 27 Ruheshi 2015

Umutekano wa bamwe mu bamenyeshamakuru ntiwifashe neza, ndetse abatari bake bakaba bamaze n’uguta imihana yabo, barahunga.

Muri iki gihe hari ingorane mu vya poritike mu Burundi, umutekano w’abamenyeshamakuru waciye wononekara gusumba, ivyo bikaba vyashitse inyuma y’aho amwe mu maradiyo atuririwe, abamenyeshamakuru batandukanye bagata bagahungira mu bihugu bitandukanye. Abasigaye mu Burundi, nabo nyene, baremeza ko umutekano wabo utifashe neza, aha tukaba twovuga nk’ivyashikiye Diane Nininahamwe akorera iradiyo Bonesha FM hamwe n’ijwi ry’Amerika, aho umuhana wiwe watewe grenade.

Iyo grenade yatewe kuri uyu wa 24 Ruheshi, ikaba yatewe ahasanzwe haba abavyeyi biwe, aho ndetse na Diane Nininahazwe yari ari. Umuhana w’uwu mu menyeshamakuru akaba yatewe iyo grenade mu gihe yari amaze iminsi aronswa ubutumwa bumutera ubwoba. Ivyo rero bikaba bishitse, mu gihe ubutumwa nk’ubwo bwo gutera ubwoba abatahunze bubandanya.

Ku rubuga rwiwe ngurukana bumenyi rwa facebook, uwitwa Muhiza Medard, yagenywe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu ku wa 28 Ntwarante uyu mwaka kuba umuhanuzi mu biro bishinzwe imibano n’imico, yanditse ati :

Abatandukanye bayaze n’ikinyamakuru IGIHE, bakaba bavuze ko ubutumwa nk’ubwo, bwanditswe n’umuntu nk’uyo, bushobora gutuma abamenyeshamakuru bafise imitima ihuha, bahunga, mu gihe Reta ivuga ko yariko iraraba uko yotorera ikibazo c’amaradiyo yugawe, canatumye benshi bahunga.


IGIHE

Messages

  • Journal igihe mugerageze muze murazana kuri runo rubuga bariya bantu bari guturira igihugu nkaba Femi de Jabat naba ba Muhiza Medard ,kuko barinyegeza kuri facebook bakibaza ko atanumwe ababona

  • muburundi ikibazo co gutera ubwoba abantu nukubica ntikikiri agaseseshwa rumuri mana tabara abarundi nuburundi ahandiho sinzi

  • Jewe ngombandababwire ikintu uwuzi ubwenge agifate nkankama, hari abiyemeje kubangamira reta irongowe na Nkurunziza intumbero yabo niyokugira abantu bave mu Burundi kubwishi, usangwarero urumugenziwabo ukaba urimu Burundi niwewenyene bacabaherako mukugukorera ikintikibi gishobora nokuguhitana, hariho abazi uwomugambi wokibangamira uwariwewese ariburundi nibobabo muzamurabona bahunze ataningorane ekatanuwubirukanye. Mumisiza ibindababwiye muzovyiyumvira ahintahe izotangurira kubakubita mugahanga. Vyose ntakindigituma barwakubiti nokumacumu niyantumbero yokugira amatora ntabe mpaka ikiringo kizego zatowe nabenegihugu gihere atazindizego zizisubirira zihari noneho kubera baribasanzwe batubaha inzego zatowe nabenegihugu mugihehoho ikiringocabo kizobacarangiye gasheshe izoca yiganzira igihugu ubonako arinaryo terambere abanka reta yuburundi bishakira. Jewerero novugako nobwobimezegurtyo ntugire bizoborohera barababariteguye kuzoguma mwuwomugambi wogukora ibibi igihe cimyaka mirongo na mirongo, kuko abarwanwa aribo reta bariyemeje kuzohangara nabobasibayo igihe kirekire kuburyobwose bushoboka. Ndangije mbwira abajejwe ibikorwa vyamatora bakore icogikorwa camatora bakoresheje uburyobashoboye nayo ivyovyabahinga ngoba USA muvyihoze impfivyi irimenya.

  • NONIZOMBWEBWE ZABA.DD ZIGOMBA GUNYABANTU UBWO ZIRIBAZA KO BIZOTINDA BIGAHINDUKA INTAHE IGAFATIJAMBO MBEGA INTAHE NIYAFATIJAMBO IZOMBWEBWE ZIZOHUNGIRAHE?

  • Ewe jean,baurategura ntambara ikomeye kuko nta muhutu azongera guhunga

  • Uwowe Ntaje Basha! Iyo Bureau Birakoraniwe. Bitondamwo Nyamitwe N, Uyo Haa! Ariko Mwakoze Kumutwereka.

  • Jw uwo mugabo Medard muvuga ndamuzi cane.aho ava,ivyiyumviro vyiwe,sa biographie.Afise ivyiyumviro bishaje cane.Ndanamufise no kurubuga rwa facebook,ntiyigera yandika ibintu ubona vyoshobora kwubaka uburundi no kuzana amahoro.Ingorane siwe,ingorane ni uwamugenye muri ayo mabanga,niwe nawe aza bwoba bucuritse!Barundi,Barundikazi turacafise ingorane mu burundi.Ufise ubwenge bukora,wiyumvira neza,ukongera ukabza umutima wawe,ntiwogeana uwo mugabo Medard muri ayo mabanga!!!

  • VYIZA NUKO TWOSENGA KUGIRA NGO IMANA IDUTABARE

  • That’s right!but let’s believe,we’ll see the end.

  • Barundi b’umutima mukomere kandi Imana ibari irurande, n’aho abo babatera ubwoba sibo Mana, vyose bizohera ababikoze bakubitwe intahe mugahanga.
    Imana ibarinde muri bino bihe bikomeye.

  • Abamenyeshamakur, Abaririmvyi.Ihangane Ntimwihute Kuza Natw Barihafi Kutumesa !-Kutwogoroza:koko Barabivuze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.