IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubuyapani bwatanze imfashanyo ingana imiliyoni 7.4 z’amadolari

Ubuyapani bwatanze imfashanyo ingana imiliyoni 7.4 z’amadolari

mercredi 20 Ntwarante 2013

Uburundi, biciye ku mushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ibindi bihugu, ahajeje gutera umukono ku masezerano y’imfashanyo itanzwe n’igihugu c’Ubuyapani ingana n’imiliyaridi 11,5 z’amafaranga y’amarundi ; iyo mfashanyo ikaba izokora mu bijanye n’ibitoro.

Umushikiranganji w’imigenderanire n’ibindi bihugu, Laurent Kavakure hamwe n’uwuserukira igihugu c’ubuyapani hano mu Burundi Takata Toshihisa, nibo bateye umukono kuri ayo masezerano.

Iyo ikaba ibaye imfashanyo igira kabiri Leta y’Ubuyapani ihaye Uburundi mu bijanye n’ibitoro kuva mu mwaka w’2009, inyuma y’iyindi ingana imiliyalidi cumi z’amafaranga y’amarundi yatanzwe mu gisata c’ibifungurwa yateweko umukono kuwa 12 Ruhuhuma 2013 i Bujumbura.

Ayo masezerano yatereweko umukono mu gisagara ca Nairobi mu gihugu ca Kenya, aho uwuserukira igihugu c’ Ubuyapani yibukije ko igihugu ciwe gishima intambwe Leta y’Uburundi n’abanyahihugu bayo bateye mu kurwanya ubukene no guteza imbere ubutunzi bw’igihugu.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.