IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ubuzima bwa Cyprien Ntaryamira yahoze arongoye Uburundi

Ubuzima bwa Cyprien Ntaryamira yahoze arongoye Uburundi

dimanche 5 Ndamukiza 2015

Mu gihe buca hibukwa imyaka 21 umukuru w’igihugu c’uburundi Cyprien Ntaryamira yitavye Imana mw’isanganya ry’indege mu Rwanda, ikinyamakuru IGIHE cipfuje kugaruka ku vyaranze ubuzima bwiwe.

Cyprien Ntaryamira yavutse igenekerezo rya 6 Ntwarante umwaka w’1954 ku musozi Gitwe, zone Mageyo, komine Mubimbi, intara ya Bujumbura rural. Amashure mato mato yayize mu Rushubi, aca aja kubandaniriza ayisumbura kw’ishure bitirira irya Mutima Mweranda.

Mu mwaka w’1972, yarahungiye mu gihugu kibanyi c’Urwanda, aho yaciye abandaniriza amashure yisumbuye n’aya kaminuza, aharonkera urupapuro rw’impamyabushobozi mu bushakashatsi mu mwaka w’1979 n’urupapuro rw’umutsindo nk’umuhinga w’indimo mu mwaka w’1982. Ari mubatanguje mu gihugu c’Urwanda umuhari w’abanyeshure b’abarundi (BAMPERE),aho yari arongoye igisata co guhanahana amakuru. Mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka w’1979, ari kumwe na Salvator Buyagu, Melchior Ndadaye, Jérôme Ndiho, Festus Ntantungu, Jean Ndikumana, Sylvestre Ntibantungaya, Jean Marie Ngendahayo n’abandi, baratanguje umugambwe w’abakozi b’abarundi(UBU).

Mu kwezi kwa Ntwarante umwaka w’1983, yaratahutse mu Burundi nk’uwuje gutegurira inzira Melchior Ndadaye. Mu kwezi kwa Rusama umwaka w’1985, yaratawe mu mvuto, amara umwaka wose apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, ata rubanza yaciriwe, azira imvo za poritike (yagirizwa kuba ariwe arongoye mu kinyegero abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’ico gihe bwari burongowe na Yohani Batista Bagaza. Ni muri uwo mwanya nyene baca bashinga mu kinyegero umugambwe Sahwanya FRODEBU, utangujwe ahanini na Cyprien Ntaryamira, Melchiol Ndadaye, Leonarudo Nyangoma, mu kwezi kwa Myandagaro umwaka w’1986.

Inyuma y’imyaka itandatu ari umuyobozi mukuru w’uburimyi n’ubworozi, yaragenwe kuba umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi mu kwezi kwa Mukakaro umwaka w’1993, muri Reta ya Melchiol Ndadaye.Inyuma y’igandagurwa rya Melchior Ndadaye mu mwaka w’1993, Cyprien Ntaryamira, akaba yaciye agenwa kurongora igihugu c’Uburundi.


Aristide Nizigire

Messages

  • umubabaro kuri twebwe abarundi kubona intwari nka Cyprien Ntaryamira tumubura bikaba akamizwe ningoma nubu ntitumenye abamwishe
    may his soul rest in peace
    igihe kimwe Imana izohorera u Burundi Amen

  • ntimuze muritiranyibintu nahumuntu womwanka iryandege sisanganyayagize yarakorowe murabivugujovyabaye

  • Warundi amna akili mna uwa. Viongozi alafu muna wakumbuka.mupimwe kwanza akili

  • jewe ico niyunvira nuko hokorwa amatohoza.kandi ico nibaza nikuberiki rurya rutonde rwabatwaye igihugu atarimwo?

  • Hama Havyarimana aramubarira ngo cangaha tugende arakurikira. Manque de maturite presidentielle. Aratandukanye na Peter gose, ikiringo ca gatatu ndagishigikiye mutama.

  • Kazima yavuze displin mundege acarapfa

  • Mbega ko numwana avutse uno munsi azi ko irya ndege yarashwe na Kagame! Yabonye ko atoshikira igihugu abicishije mumatora, aca abicisha kunguvu. Ninaco gituma ama business yose yo mu Rwanda ategerezwa kwemezanya na Kagame, batavyemeye naho bakagirizwa ngo nabahakanyi ba genocide. Erega turatahura ko ino website ari iy’abanyarwanda. Ivyo mwumvikanyeko kugira muze muyikoreshe mugutanga amakuru yo muburundi ntavyo tuzi, Ariko kuko dusanzwe tuzi situation yo mu Rwanda, ntidutangazwa no kubona muvuga ko urupfu gwa Cyprien gwari isanganya. Igihe kiregereje, nitwikurako NKURUNZIZA, kagame nawe azoba ashikiriwe kudusigurira. Turindire gato ntitwamwibagiye.

  • hangana nibibahanze Muzehe wacu KAGAME mumukure mukanwa. Aho bukera turamwongera mandat, noneho bibarye mwabipfu mwe mwasize munyoye amaraso mu rwanda mukaba mugeze kuya barundi. Ntaho muzaja ngo bagire amahoro raba na Congo, n u Burundi mwabuvamwo bwatekana.

  • hangana nibibahanze Muzehe wacu KAGAME mumukure mukanwa. Aho bukera turamwongera mandat, noneho bibarye mwabipfu mwe mwasize munyoye amaraso mu rwanda mukaba mugeze kuya barundi. Ntaho muzaja ngo bagire amahoro raba na Congo, n u Burundi mwabuvamwo bwatekana.

  • Murakoze Je Mbona Mwocndanya Amatohozm Kuko Ntakindi Co Korwa Atari Kuraba Ukuntu Iryo Sanganya Ryagenze Kugira Tumenye Ukuri Na Cane Cane Kumuryango Wiwe Kugira Uronke Akarusho Agashumbusho Hanyuma Intahe Ikore Ico Ijejwe

  • Murakoze Je Mbona Mwobandanya Amatohoza Kuko Ntakindi Co Korwa Atari Kuraba Ukuntu Iryo Sanganya Ryagenze Kugira Tumenye Ukuri Na Cane Cane Kumuryango Wiwe Kugira Uronke Akarusho Agashumbusho Hanyuma Intahe Ikore Ico Ijejwe

  • None Amatohoza Agezehe? Raba Mutugirire Amatohoza Abarundi Twarababaye

  • None Amatohoza Agezehe? Raba Mutugirire Amatohoza Abarundi Twarababaye

  • Ico Ndoshikiriza Nukwo Bobandanya Amatohoza Kugirango Tumenye Abamugandaguye. Hama Intahe Ibakubite Mugahanga.

  • arkc umuryango we wabashije kurokoka? bihangane mawe ubashobora wenda yafasha mukama azabahorera

  • arkc umuryango we wabashije kurokoka? bihangane mawe ubashobora wenda yafasha mukama azabahorera

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.