Accueil > Amakuru > umutekano > Ubuzima bwa Cyprien Ntaryamira yahoze arongoye Uburundi
Ubuzima bwa Cyprien Ntaryamira yahoze arongoye Uburundi
dimanche 5 Ndamukiza 2015
Mu gihe buca hibukwa imyaka 21 umukuru w’igihugu c’uburundi Cyprien Ntaryamira yitavye Imana mw’isanganya ry’indege mu Rwanda, ikinyamakuru IGIHE cipfuje kugaruka ku vyaranze ubuzima bwiwe.
Cyprien Ntaryamira yavutse igenekerezo rya 6 Ntwarante umwaka w’1954 ku musozi Gitwe, zone Mageyo, komine Mubimbi, intara ya Bujumbura rural. Amashure mato mato yayize mu Rushubi, aca aja kubandaniriza ayisumbura kw’ishure bitirira irya Mutima Mweranda.
Mu mwaka w’1972, yarahungiye mu gihugu kibanyi c’Urwanda, aho yaciye abandaniriza amashure yisumbuye n’aya kaminuza, aharonkera urupapuro rw’impamyabushobozi mu bushakashatsi mu mwaka w’1979 n’urupapuro rw’umutsindo nk’umuhinga w’indimo mu mwaka w’1982. Ari mubatanguje mu gihugu c’Urwanda umuhari w’abanyeshure b’abarundi (BAMPERE),aho yari arongoye igisata co guhanahana amakuru. Mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka w’1979, ari kumwe na Salvator Buyagu, Melchior Ndadaye, Jérôme Ndiho, Festus Ntantungu, Jean Ndikumana, Sylvestre Ntibantungaya, Jean Marie Ngendahayo n’abandi, baratanguje umugambwe w’abakozi b’abarundi(UBU).
Mu kwezi kwa Ntwarante umwaka w’1983, yaratahutse mu Burundi nk’uwuje gutegurira inzira Melchior Ndadaye. Mu kwezi kwa Rusama umwaka w’1985, yaratawe mu mvuto, amara umwaka wose apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, ata rubanza yaciriwe, azira imvo za poritike (yagirizwa kuba ariwe arongoye mu kinyegero abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’ico gihe bwari burongowe na Yohani Batista Bagaza. Ni muri uwo mwanya nyene baca bashinga mu kinyegero umugambwe Sahwanya FRODEBU, utangujwe ahanini na Cyprien Ntaryamira, Melchiol Ndadaye, Leonarudo Nyangoma, mu kwezi kwa Myandagaro umwaka w’1986.
Inyuma y’imyaka itandatu ari umuyobozi mukuru w’uburimyi n’ubworozi, yaragenwe kuba umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi mu kwezi kwa Mukakaro umwaka w’1993, muri Reta ya Melchiol Ndadaye.Inyuma y’igandagurwa rya Melchior Ndadaye mu mwaka w’1993, Cyprien Ntaryamira, akaba yaciye agenwa kurongora igihugu c’Uburundi.
Aristide Nizigire
Messages
5 Ndamukiza 2015, 11:48, par messala
umubabaro kuri twebwe abarundi kubona intwari nka Cyprien Ntaryamira tumubura bikaba akamizwe ningoma nubu ntitumenye abamwishe
may his soul rest in peace
igihe kimwe Imana izohorera u Burundi Amen
5 Ndamukiza 2015, 16:42, par del
ntimuze muritiranyibintu nahumuntu womwanka iryandege sisanganyayagize yarakorowe murabivugujovyabaye
5 Ndamukiza 2015, 21:48, par nyabenda
Warundi amna akili mna uwa. Viongozi alafu muna wakumbuka.mupimwe kwanza akili
6 Ndamukiza 2015, 11:03, par kwizera avit
jewe ico niyunvira nuko hokorwa amatohoza.kandi ico nibaza nikuberiki rurya rutonde rwabatwaye igihugu atarimwo?
6 Ndamukiza 2015, 14:45, par Aferky
Hama Havyarimana aramubarira ngo cangaha tugende arakurikira. Manque de maturite presidentielle. Aratandukanye na Peter gose, ikiringo ca gatatu ndagishigikiye mutama.
6 Ndamukiza 2015, 16:50, par lievin
Kazima yavuze displin mundege acarapfa
7 Ndamukiza 2015, 07:10, par World
Mbega ko numwana avutse uno munsi azi ko irya ndege yarashwe na Kagame! Yabonye ko atoshikira igihugu abicishije mumatora, aca abicisha kunguvu. Ninaco gituma ama business yose yo mu Rwanda ategerezwa kwemezanya na Kagame, batavyemeye naho bakagirizwa ngo nabahakanyi ba genocide. Erega turatahura ko ino website ari iy’abanyarwanda. Ivyo mwumvikanyeko kugira muze muyikoreshe mugutanga amakuru yo muburundi ntavyo tuzi, Ariko kuko dusanzwe tuzi situation yo mu Rwanda, ntidutangazwa no kubona muvuga ko urupfu gwa Cyprien gwari isanganya. Igihe kiregereje, nitwikurako NKURUNZIZA, kagame nawe azoba ashikiriwe kudusigurira. Turindire gato ntitwamwibagiye.
8 Ndamukiza 2015, 17:18, par Kagame ibihe byoseeee
hangana nibibahanze Muzehe wacu KAGAME mumukure mukanwa. Aho bukera turamwongera mandat, noneho bibarye mwabipfu mwe mwasize munyoye amaraso mu rwanda mukaba mugeze kuya barundi. Ntaho muzaja ngo bagire amahoro raba na Congo, n u Burundi mwabuvamwo bwatekana.
8 Ndamukiza 2015, 17:21, par Kagame ibihe byoseeee
hangana nibibahanze Muzehe wacu KAGAME mumukure mukanwa. Aho bukera turamwongera mandat, noneho bibarye mwabipfu mwe mwasize munyoye amaraso mu rwanda mukaba mugeze kuya barundi. Ntaho muzaja ngo bagire amahoro raba na Congo, n u Burundi mwabuvamwo bwatekana.
5 Ndamukiza 2016, 19:24, par Nduwimana Ernert
Murakoze Je Mbona Mwocndanya Amatohozm Kuko Ntakindi Co Korwa Atari Kuraba Ukuntu Iryo Sanganya Ryagenze Kugira Tumenye Ukuri Na Cane Cane Kumuryango Wiwe Kugira Uronke Akarusho Agashumbusho Hanyuma Intahe Ikore Ico Ijejwe
5 Ndamukiza 2016, 19:28, par Nduwimana Ernert
Murakoze Je Mbona Mwobandanya Amatohoza Kuko Ntakindi Co Korwa Atari Kuraba Ukuntu Iryo Sanganya Ryagenze Kugira Tumenye Ukuri Na Cane Cane Kumuryango Wiwe Kugira Uronke Akarusho Agashumbusho Hanyuma Intahe Ikore Ico Ijejwe
26 Nzero 2017, 20:49, par Nduwayezu Vianney
None Amatohoza Agezehe? Raba Mutugirire Amatohoza Abarundi Twarababaye
26 Nzero 2017, 20:52, par Nduwayezu Vianney
None Amatohoza Agezehe? Raba Mutugirire Amatohoza Abarundi Twarababaye
6 Ndamukiza 2017, 20:27, par Niyuhire Audace
Ico Ndoshikiriza Nukwo Bobandanya Amatohoza Kugirango Tumenye Abamugandaguye. Hama Intahe Ibakubite Mugahanga.
15 Rusama 2017, 14:09, par WILL SON
arkc umuryango we wabashije kurokoka? bihangane mawe ubashobora wenda yafasha mukama azabahorera
15 Rusama 2017, 14:12, par WILL SON
arkc umuryango we wabashije kurokoka? bihangane mawe ubashobora wenda yafasha mukama azabahorera