IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubuzima bwa Ndadaye Melchior akwije imyaka 22 agandaguwe

Ubuzima bwa Ndadaye Melchior akwije imyaka 22 agandaguwe

mardi 20 Gitugutu 2015, par egide

Imyaka mirongo ibiri n’ibiri iraheze Uburundi bubuze umukuru w’igihugu wa mbere yari yitorewe n’abanyagihugu.Iyo myaka nyene niyo izoba iheze abarundi isinzi bagandaguwe, akandi barangazwa bivuye ku bwicanyi n’intambara vyakurikiye urupfu rwa Ndadaye Melchior, incungu ya demokarasi (intwaro rusangi) yapfuye agandaguwe.

Mu gihe mu mugambwe Sahwanya FRODEBU no mu gihugu cose bazokwibuka urupfu rwa NDADAYE Melchior kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 21 Gitugutu 2015, twashimye kugaruka ku buzima bwiwe n’ivyaranze ingwano ya politike yashikanye umugambwe FRODEBU ku ntsinzi yo mu matora yo mu mwaka w’1993.

Melchior Ndadaye yavukiye mu ntara ya Muramvya i Murama, kw’igenekerezo rya 28 Ntwarante 1953. Abavyeyi biwe ni Piyo Ndadaye na Thérèse Bandushubwenge. Melchior Ndadaye ni imfura mu bana cumi. Umupfasoni wiwe ni Laurence Nininahazwe, bavyaranye abana batatu Guéva, Tika na Libertas. Inyuma y’amashure matomato (1960 - 1966), yaciye abandaniriza ayisumbuye i Gitega. Mu ntureka yo mu mwaka w’1972, yaciye aja kubandaniriza amashure mu gihugu c’Urwanda kuri Groupe Scolaire de Butare (Rwanda). Hagati y’imwaka w’1975 n’uw’1980, niho yaronka impamyabushobozi muvy’indero kuri Institut Pédagogique National du Rwanda.

Melchior Ndadaye yahavuye atangura ibikorwa vya poritike, aho kw’igenekerezo rya 3 Nzero 1976 yatanguza umurwi w’abanyeshure b’abarundi biga mu Rwanda (Mouvement des Étudiants Progressistes Barundi au Rwanda (BAMPERE). Yararongoye uwo murwi gushika mu mwaka w’1979.

Muri Myandagaro umwaka w’1979, yaratanguje umugambwe UBU w’abakozi bo mu Burundi (Parti des Travailleurs du Burundi), ariko ntiyawutevyemwo kuko mu mwaka w’1983 yaciye awuvamwo kuko yabona udafise intumbero nk’iziwe mu kurondera intwaro rusangi mu Burundi.

Mu mwaka w’1986, Melchior Ndadaye ari mubatanguje umugambwe FRODEBU (Front pour la Démocratie du Burundi) wahavuye wemererwa gukorera ku mugaragaro mu mwaka w’1991. Yarawurongoye gushika aho awushikana ku ntsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu n’ay’abashingamateka yabaye kuva igenekerezo rya mbere gushika kurya 29 Mukakaro 1993.

Muri ayo matora y’umukuru w’igihugu yari yaserukiwemwo na Ndadaye Melchiol, umugambwe Sahwanya FRODEBU wari ushigikiwe n’iyindi migambwe itatu PP, RPB na PL.
Ku genekerezo rya mbere Ruheshi 1993, Melchior Ndadaye niho yatsinda ku ncuro ya mbere mu matora y’umukuru w’igihugu ku majwi 64,79 kw’ijana, arushije Petero Buyoya (ku majwi 32,47 kw’ijana) yari yaserukiye umugambwe UPRONA (Union pour le Progrès National). Mu kibanza ca gatatu hari Petero Karaveri Sendegeya yari yaserukiye umugambwe PRP, ku majwi 1,44 kw’ijana.

Nk’umukuru w’igihugu wa mbere atowe n’abanyagihugu, Melchior Ndadaye yari umuhutu arongoye igihugu cari kimaze imyaka n’imyaka kirongowe n’abatutsi.
Ntivyabujije ko Ndadaye Melchiol agena umututsikazi Sylvie Kinigi nk’umushikiranganji wa mbere wa Reta yiwe. Niwe mukenyezi wa mbere yari ashinzwe amabanga akomeye muri Reta nk’umushikiranganji wa mbere.

Mw’ijoro ryo kuwa 20 rishira uwa 21 Gitugutu umwaka w’1993, niho ubutegetsi bwa Ndadaye Melchior bwatembagazwa, agirako aragandagurwa, co kimwe na Pontien Karibwami, umukuru w’inama nshingamateka, Gilles Bimazubute, icegera c’umukuru w’inama nshingamateka, hamwe na Juvénal Ndayikeza, umushikiranganji w’iterambere ry’amakomine.

Inyuma y’urwo rupfu rw’umukuru w’igihugu Ndadaye Melchior n’abandi bategetsi benshi b’abahutu, mu Burundi bwose haradutse intambara yahitanye abarundi isinzi, abandi barahunga igihugu.


IGIHE

Messages

  • kuki mutatubwiye abamugandaguye abatutsi twarabahinyuye rindire ntimwibaze ngo twaravyibagiwe tuzobaca amazosi mwanka mwemera

  • banyakubahwa non gayemwe uwo naw yazize mandant yagatatu,yishwe nabande?bamuhoyiki?icobamuhora nico bariko barahora na Nkurunziza azirako ari UMUHUTU ubuhapfuy umuntu mwe ngo amatohoza ndabasetse.

  • niyigire yaraducishije ubwenge.iyatapfa ntitwarigufata inkoho.ubwambere baduhenda ngo irasira hose.ababikoze bakamwica ntahobagiye ariko nukobihenda bibaza ngo uyundi apfuye vyoba nkokuri ndadaye sha niho boba bakibona ko uyariko yarafise intagoheka zimushigikiye.ikibabaje ngo cnared ngo izomwibuka kandarinayo yamwishe!

  • Tuzohora tukwibuka, Naho izo mbwebwe zakuvukije ubuzima nta mahoro zizokwigera zibona

  • ahasigaye abatutsi ngobashakagusubira kubutegetsi mucunganwe nkayabu nimbeba ntibabacemurihumye

  • Abishe.ndadaye.bobabarahevye.ubuho.ntiboba.Arizona hung an any a.umutekano

  • yaraje kubogira igihugu agikure muvyamoko banpema zuzuye baca baramugandagura abamwishe nibo badukwegeye akambaraye nabakwirikiye urupfu gwiwe bizobazwa imbere yimana abonyene mugandagu imana imuzigame prezida wacu twabuze tutanse merchiole ndadaye

  • nubunivyo bashaka gukora ngobatwicire umukuru wigihugu ntibizoborohera nibatekereze murakoze

  • NIKUKI ABANTU BADAKUNDA AMAHORO NIGIHUGU CABIBARUTSE?

  • uko Niko cenared igomba kundusubiza mumakuba....basumirinda wunva!!!nibobabo nuko muragabe.....!!

  • MUTAMA MERCHIOL NARUHUKE NEZA MUBWAMI KWA DATA IMAN IMWAKIRE.

  • Imana imuhe iruhuko ridashira kuko yagejeje u burundi kuri demokarasi.Ariko nivyo hari n incungu y u burundi itaza yibukwa ari nayo yatumye abahutu bimenya abaribo nagacinyizo bagiriwe uwonawe ni REMY GAHUTU afatwa nkicungu y u burundi nawe turasaba azaze yibukwa kandi muzodutororokanyize ibyubuzima bwiwe

  • Mana hamwe ndadaye wohindukira yosanga muburnd harih demokarsi yaharaniy. kandi abanyghungu birrwa baragandagurw ataco basira. mana muhe uburuhukro bwiza

  • Nonendababaze,imyakami22irarumanye,noneubwotuzohavatumenyaukurikubamugadaguye?mbegakoyariumuhutu,yobayahoweubwobuhutu?turakeneyekumenyaukuri.arikoreroukuritutamenyehatwarangendakumanareos,ntakotwiteze,twokwitegakuziditwaro?nayidagusa.

  • Ko mutatubwiye aho arubanza rwabamwishe rugeze
    Sindi umurundi ariko nifuza kumenya aho abamugandaguye baherereye

  • We still loving u and hate the criminals killed without respect your characteristics

  • Reta Ihari Ubu Yarikwiye Kuraba Akarorero Keza Nyakwigendera Merchior Ndandaye Yatanze Mukwigura Igihugu C’amavukiro Hamwe N’abarundi. Imana Nimuzigame Mu Bwami Bwayo Ntako Atari Yagize Kugira Uburundi Bushike Kuntwaro Ibereye.

  • ndahojeje abantu babuze ababo nacanecane ubwoko bwabahutu hanyuma umuhutu wese ahakure icigwa cuko atazize mandat arumutima mubi uri mubatusti badashaka gutwagwa nubundi bwoko ariko amaraso basheshe bazoyishura

  • imana imwakire abamwishe tushaka ko mumudusubiza vuba bwango

  • urunvuwonawehyazizemanda.yaratwayemandazingahe.abatutsinababirigitwatabajomyuye.

  • Ivyuburundi namayobera pe!Imyaka 22 nimyishi inyuma yigandagurwa ry’iyoncungu ya demokarasi muga ntanumwe mubagizuruhara muriryobara arigera afatwa kiretse bikomagu aherutse kwicwa nabagizi bineza.Mbega buyoya nabandi batutsi babaporona nomugisoda tuzi bafadikanije mukumugandagura niki leta irindiriye kugira ibafate nukubacirimanza?Iyo nibutse ivyugo ruphu ncanifuza ko abahutu bose bari burundi nohanze bokundana bakagirurunani ntibasubire guhendwa nabobatutsi ngobarikumwe kandaribobaduhekuye bakanatwangaza kuva kera.

  • @Bongo ivyo uvuze nivyo,nibiriko biraba ubu biducisha ubwenge,cnared ,les pauvres ni ibijuju vy’ibihutu ubu biri mu migozi abatutsi batanguye kubituka ngo ni ibi genocidaire,ngo ni vya biherengende,abo bari muri cercueil habunze aho babimbira,sinzi ico abatutsi bubuye batanguye kubegeza inyuma burya babonye ko agahiye kari ahantu bashaka kukagabura bonyene,tu parles ivyo bikunzi vy’inda gukorana navyo uri umuhutu uba warapfuye ntawuba akikuririra.

  • Ntihicubwoko Hica Ubutegetsi Bubi !!! Baguhende Ngo Urumuhutu,yooo! Mwiganyire Mwe Nabanaba Banyu, Mbe Murazi Abahutu Bungukiye Kuntwaro Yigitutsi? Ninkuko Nzi Abatutsi Bungukiye Ku Ntwaro Yigihutu! N’ABAHOMVYE BARI KUMPANDE ZOSE AYO MAZURU NTACAFASHA NAKIMWE. Kandi ntaho tuzoshirana,ntituzomarana(tuguma tuvyara) GUSA UKWO MBONA HAMWE ABAHUTU BOTWARA IMYAKA 40, HAZOBA HASIGAYE BAKE, RAMBA RAMBA

  • ivyo uhoraho abona ko bikwiye, nabe arivyo biba.

  • None Abamwishe Ntibonwa Namategoko Tebwe Anyagihugu Twarababaye Nico Gituma Tuvuga Duti Iyumuntu Akoze Ikibi Akwiye Guhanwa N’amategeke Twubahe Twubahiriza Amategeko Dukunde Igihugu Cacu Catwibarutse.

  • Mbekomukorara kurumpvu rwabishe ndadayentimubahe ibihano ntimubona kubera kudahana bizotuma ibibi bibandanya kukorwa gushika unomusi arundi tuzogeza nyrari MBA mugisuru umutumba la buyenge

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.