IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Basaba ko hatokurikira irementanya inyuma y’ingwano ihitiye mu (...)

Basaba ko hatokurikira irementanya inyuma y’ingwano ihitiye mu Cibitoke

mardi 6 Nzero 2015

Ubwicanyi ndengerabutungane nibwo bwaranze ingwano zahuje abasirikare n’abarwanyi baheruka gutera intara ya Cibitoke, nk’uko vyashikirijwe n’amashirahamwe ataho yegamiye muvya poritike.

Mu kiganiro catanzwe n’amashirahamwe umunani adaharanira ivyicaro vya poritike ariyo FORSC, APRODH, ACAT, COSOME, STEB, FOCODE, Ligue ITEKA, na RCP, ayo mashirahamwe akaba yavuze ko hari abantu bishwe kandi bamaze kwishikana canke bafashwe. Ayo mashirahamwe agatanga akarorero k’abantu barashwe, n’uwundi yakuwe mu minwe ya musitanteri wa komine ya Murwi kandi yari muzima, mu nyuma akicwa yari ajanywe mw’ikambi ya gisirikare.

Muri ayo mashirahamwe bakaba kandi biyamiriza irementanya rishobora gukorerwa abari mu migambwe itavuga rumwe na Reta, abamenyeshamakuru canke abari mu mashirahamwe ataho yegamiye muvya poritike. Basaba Reta gutanga umuco ku bateye, kuko abari muri ayo mashirahamwe bamye bavuga kuva kera urwaruka rwariko ruhabwa imyimenyerezo ya Gisirikare muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, hamwe n’abantu bigeze kumara iminsi biyambitse ibikoti bahungabanya umutekano mu ntara za Muramvya, Bujumbura na Mwaro, aho hose akaba ata matohoza yakozwe, kandi ayo mashirahamwe yagumye atabaza.

Muri ayo mashirahamwe bakiyamiriza bimwe mu bivugwa ko abateye ari abari mu bwoko bw’abatutsi bayoboka umukuru w’umugambwe MSD wa Alexis Sinduhije mu gihe umukuru wa APRODH avuga ko muri 9 bafashwe bose ari abari mu bwoko bw’abahutu, bava mu ntara za Makamba, Bubanza na Mwaro. Muri ayo mashirahamwe kandi bakaba bavuga ko bagiye kuzogira amatohoza bisunze bimwe muvyo bafise, kugira ukuri kuze kuje ahabona, nayo abishe abari bishikanye canke bamwe mu rwaruka rw’Imbonerakure n’abahoze ku rugamba bagiye batema bamwe muri abo barwanyi bakavuga ko bazoteba bagashengezwa, ibijanye n’ubwicanyi ndengera butungane bikorerwa abantu, ayo mashirahamwe ati : ’’Tugiye kubivuga mpaka bicike ururirimbo’’.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ntagitangaje’mworekakuvugakand’arimwebwenyene.mubatuma murindiregato’muzovyibobera’mwigirabataharanir’ubutegetsi’kandinimwemuhungabanya’abarundi’mugombakuturyanisha’muragabe’ ivyotwabonye’nivyishi.

  • Imihimbiri nayo ngo uravuga igihugu cacu ntamuntu nunwe yipfuza ko kirwa mwisanga rero abo birirwa basemera ngo abantu barishwe bamaze kwishikana nkandi atariko batari bahari reta nihere ngaho barabizi cane hanyuma ugire itohoza kuribo hanyuma babisobanure abarundi tubimenye yuko bakorana nizo nkozi zikibi zateye igihugu cacu

  • Basha ivyo muvuga vyose biribonekezako mubizi tu!!kandi namwebwe babakoreko amatohoza.muhumure abo icenda nimba ari imbonerakure,nimbaari bande,barafise umunwa umusi urizina bazovuga uwabatumye !ivyo navyo muvuga ngo irementanya iyo bicwa bose ntihagire uwusigaramri kuba muronse ivyo muvuga kira noneho 9 barahari bazobadomako urutoke nayo mwagiye mukontribiwa.imbwayahiye kumurizo nti burakeye tuharabe .FDN oyeeeeeeeeeeeeeeeee

  • None mwebwe ko mwiyamiriza ko atarabo kwa Sinduhije mwarakoze amatohoza,ivyayo mashirahamwe ni politike.

  • Reta ndabinginze mudufatire abo biyita ngo namashirahamwe ategamiye reta ahubwo yegamiye abatera igihugu cacu kuko ibintu vyose bavuga birerekana ko ibitero vyose barabizi

  • Izibonerahafi baganje zandika ziterana ubwoba ?mwebasha uburundi bwaguye mwisanganya kuva aho dd iziriye ?ahubwo,uburundi busigaje ingene bwova muriryo sanganya kugira imana yaburemye ibukureko ibivume vyaba dd atamaraso asetse??mugabo birikure kuko uko buca niko ibigugu vyiyongera ??mwemwandika ntabwomuzi icaroco dd murabantu batoya reka kuguma muharira va ibuzimu barya,bose bshwe naba dd ntiwabarusha kumirita ibuka mugatuba ehebasha niba mukunda igihugu imigabi yowo mwebwe ntayo muzomenya bazokwama babakoresha kugira bakigire inyungu zabo nimuve inyuma yibivume mutari ibivume reka kwigira ibivume imana itarabibagira kuko ikwirikira ikibi ukizi imana yaguhaye ubwenge bukwiye munyuma ikabukwaka bwose ikakubwira iti genda urya,wakurikiye,agusubize ubwenge

  • namwe mwabansi buburundi aho kuvugira twebwe abari baje kwicwa mugabo mukavengwa nizomburabwenge mwaraye muhenze nyamba mubabjwe nizonkoho igisoda caraye gifashe murarira muturike mwazatse ideni ngomuzoziriha mufashe igihugu nahomukiriza mwamenyekanye kenyeramugandare abarundi dutwenga tuti turafise IMANA

  • Ivyo bavyita "kwiyotsa coba" bamwe bavugwa ko bari Kiliba Ondes si abo nyene baraye bateye? Ko kare babiyamiriza none ubu niho hageze kubavugira? Aho mwabukaranga abandu bari musi y’urujo. Ahubwo tangure mufate ingendo zo mw’ijoro ariko mumenye ko police izoba ibarindiririye kuri aeroport.

  • Wewe Nwari DD itorwa na banyagihugu wari Uri hehe ha sha, uzokwiyamamaze urabe ko wotorwa ukabasimbura, naho ubundi uzorinda ufa bakigutwara.

  • Ww NWARI ninde yakubeshe ngo uhanure IMBONERAKURE?Ww ntazuzi kandi uzorinda upfa utarazimenya kuko uri kijuju nokuvyo wandika vyose.

  • Mu vyukuri biragoye gutahura ingene abansi batera igihugu, umuntu ntiyigere ibiyamiriza canke ngo ahumurize abanyagihugu batewe ariko ijambo ryiwe ryambere rikaba iryo kuvugira abicanyi bateye. Ni vyo ko amategeko y’intambara akwiye kubahirizwa. Ariko ayo mashirahamwe nimba koko ataho yegamiye canke ata ruhara afise mu vyabaye, nibaza ko icari gutangura kwari ukwiyamiriza abateye hama bakaza ku bijanye nuko urugamba rwagenze. Muri make ayo mashirahamwe arashigikiye abateye. Kiriba Ondes ico yasigura twaraye tukibonye, kubw’ivyo rero ntibasubire kudusamaza. Ndakeje ingabo z’igihugu n’abanyagihugu bo mu Cibitoke.

  • Jewe namanumva bamwenabandi bavuga Ko ayamazhirahamwe kw arayarwanya leta nkagira nukudahuza ivyiyumviro nkuko bimenyerewe mwinosi yakinogiye uburero nanje ndavyemeye atawurinze kubinyemeza! Umva jewe namyendavyirengagiza sindabihe umwanya ariko mwabinobitero biherutse hagapha abasirikare bigibugu 2 nabanyagihugu 2 abandi bagamomereka narakurikiranyeneza nasanze ababantu bayamashirahamwe ntanahamwe bigeze bababazwa nabobasirikare bigibugu nabanyagihugu bapfuye canke nabakomeretse! Ukomeza Kubonagusa umubabaro bakomejekwerekana wumo abateye batamiriweneza nigisirikare cu Burundi! Ntanaho wobona bakebura bavugako uwowese agifise agatima kogumoresha ibirwanivyo ivyarivyovyose Ko atarivyo gombwa nubwobatobumvira bakabivuga bakerekana kobatarihamwe nkukonyene bitwako arabantu atahobegamiye. Jewerero ndikondabona twebwe dushigikira abanabariya nukuvyitondera kukoharaho tuzosanga dushigikira ibisizimwe muburyotutazi! Hariho abakinye igikino umugabo yiyambitse nkabagore ngokugiraronke uburyo bwokuzoza arafataningendo nabakobwa nabagore ngobibazako bahuje ibitsina ariko yarifise intumbero yokuzarafatakunguvu abagore nabakobwa. Natwerero nkabarundi ayamazhirahamwe turashobora kwuvya ivyashinzwe gukora tukabonako arayogushigikira nogukorananayo arikoyoyo afisimintu kibi yiteguriye kuzodukorera nkawamugabonababwiye yiyambitse imyambaro yabagore maze abwira umukobwa ngo wobutaha yariyakumusozi runaka? Wamukobwa ategocane ngondahiriwe turanana bamaze kugerabihereye yakuyezampuzu ahindika umugabo noneho amukorera imibonano mpuzabitsina kuguvu. Barundi rindira mumisi abobiyita ntibaharanira ivyicaro muzokwerekwa amapfoto namajwiyabo barimubategura abobateye igihugucacu natwengo turahuje ivyotwiyumvira kumbe nibigabo vyiyambitse imvutano nkabagore bishaka vubakorera ibibi abarinuzira bababona bakavugango nabagore bambayeneza! ONU yabona ayomashirahamwe ikabona kwarabantu beza nkuko nayandimashirahamwe akorera Veneve, Norway, Amerika, Mubwongereza nahandi ngonabo ngonikwobameze!!!

  • Jewe uwo Nwari, Naramuhebeye mwehombere musanze uwitwa Question yaramucubije uwubona ibitutai vyiwe birindw’umubi harivyo yanditse banyene ikikinyamakuru bimazeho nkamasahamake babonakobiteyisoni baraheza barabikurako.

  • Mbega yemwe abarundi twarozwe na nde! ko duterana amajambo yo gushinyaguriranira,abapfiriye muri zirya ntambara si abarundi bene wacu? Umunyabwenge ni umwe :uwo wese yizera kandi yakiriye Yesu Kristo kuba ari umwami umucunguzi n’umukiza mu bugingo bwiwe;uwo ntashobora kwosha abantu kuja mu ntambara ,ubwicanyi canke ibindi bibi naho vyoba bitewe n’impamvu iyariyo yose.Uko biri kwose leta,abatavuga rumwe na cndd-fdd,societe civile n’aka karere uburundi burimwo haribo abazi kandi batumye abo bateye igihugu.Ikibabaje cane n’uko ababatumye ari nabo babizigamwo inyungu ata numwe yarungitseyo umwana wiwe canke uwo bavukana uwubizi cane ni uwaherutse uwiwe ari muzima agahamagarwa abikirwa ko yapfuye cankd uwuzogumana ikizigizigi ngo uwiwe aracariho kandi yapfuye kera kandi uwo vyoshikira ntiyoba acandika canke avuga nk’ivyo mukora.Va ibuzimu muje ibuntu:ibiri mu gihugu harageze kandi birakwiye ko bihinduka.

  • Jewe mumbarire ahantu ayo mashirahamwe yoba yarigeze yiyamirizaabateye igihugu,tureke kuvuga aho bavuye hose,ahubwo tugire tuti,ni kuko abo bantu batigeze bamaganwa?????ahubwo bakavugirwa ngo bishwe!!!mbe abatera igihugu nabo gusasira indava maze bakaza bagasangauusoda aho ari ngo tega umutwe ndakurase?abo bagabo bigira abategamiye ivya politique ni INYANKABURUNDI mubarabenza ibaze ni abarundi ariko bagasaba ngo uburundi bufatirwe ibihano??!!!b)ewe jewe numiwe kabisa .sha CNDD FDD muri abantu beza kabisa.ari twebwe aba FNL twobarasabpfa bose kuko baranka igihugu nabanyagihugu bose.iyo nibutse ivyo bavuga numva nofata inkogo nkaza nkabakuraho barakagorwa

  • Gabanye ayo majambo menshi murwize ibikorwa. Mugabo nivyo bibabeshejeho ntakundi mwobikora

  • Ikibi si irementanya. Ahubo ni inkurikizi yaryo kuko umwanya umuntu agifise ururimi avuga ukuri canke ikinyoma•Igihambaye n’uko abarundi bomenya ko ari irementanya canke atariryo ari ukuri.

  • uwuzoza wese ava mumugambwe kanaka wese twebwe igisisirikare cigihugu tuzohuza ubwayi gerageza munvikane mudaciye mumigere ngomutore inkoho cokwica abanyagihugu mubahora ubusa mujehamwe mwese mwunvikane

  • Abishwe BAzira Ubusa Imana Ibakiremubwamibwayo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.