IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubwigenge bw’abamenyeshamakuru niyo nzira

Ubwigenge bw’abamenyeshamakuru niyo nzira

lundi 27 Ndamukiza 2015, par Jean De Dieu

Ibiro vy’uwuserukira Leta Zunze Ubumwe Za Amerika mu Burundi
Ndamukiza, italiki 27, umwaka 2015

Leta Zunze Ubumwe za Amerika ziramenyesha ko zirajwe cane ishinga n’ivyabaye mu gisagara ca Bujumbura kw’italiki 26 na 27 ukwezi kwa Ndamukiza umwaka 2015. Itotezwa ry’abatavuga rumwe na Leta hamwe n’ukuburabuza abanyagihugu mubisanzwe bafise uburenganzira bwo kwiyamamaza mu mutekano n’ikintu kitunvikana mu gihugu cifuza gutsimbataza demokarasi eka gihitiye mu ntambara nk’Uburundi. Abarundi barabiriye icuya amaharo arangwa ubu mu gihugu, amajambere eka n’ubwigenge bw’abanyamakuru, aho rero akaba ari kuva amasezerano y’I Arusha ategwako igikumu. Ivyo bikorwa vyose vyaranze Abarundi muri iyo myaka iheze ntivyoba infagusa.

Amakuru ajanye n’ivyabereye kw’I radiyo RPA eka n’ayandi ma radiyo y’igenga biraraje cane ishinga Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Kimwe mu bimenyetso vya demokarasi nyayo n’uburenganzira ku bimenyesha makuru mu gushikira amakaru mu myidegevyo ata gukubagurwa, gukoresha igikenya eka n’ukubuza abamenyeshamakuru gushikiriza amakaru mu myidegevyo.

Ubwigenge bw’abamenyeshamakuru niyo nzira igikorwa co gusubiza hamwe Abarundi eka no kugarukana ituze mu gihugu gica. Ubwo bwigenge bw’amanyamakuru ntibushobora gukorwako na cane cane muri kino gihe gikomeye igihugu c’Uburundi kirimwo.

Leta Zunze Ubumwe za Amerika zibandanya na ntaryo zikurikiranira hafi ibiriko biraba mu Burundi, zimenyesha rero yuko zizofata ingingo zibereye, mu gihe hari abazokwagirirwa n’ivyaha vyo guhohotera abanyagihugu. Leta Zunze Ubumwe za Amerika zirahamagariye Leta y’Uburundi gutanguza ibiganiro n’abanyepolitike batavuga rumwe na Leta, abamenyesha makuru eka n’amashirahamwe adaharanira inyungu za leta gurtyo ntihagire intureka zisubira kwaduka mu gihugu, amahoro n’ituze abe arivyo birangwa mu gihugu. Leta Zunze Ubumwe za Amerika zihamagariye kandi aberwa bose n’ikibazo c’amatora kuja mw’ihiganwa mu matora yimirije y’abashingamateka, yo gutora ababaserukira mu ma komine eka nayo gutora umukuru w’Igihugu.

Bose rero bahamagariwe gukora ibishoboka vyose kugira ayo matora ajemwo bose, ku mugaragaro, eka abe amotora azokizerwa na bose, mwituze nta ngere kandi ntihagire abakubagurwa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.