IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > UE : Ibiganiro Nivyo vyotorera inyishu ikibazo c’Uburundi

UE : Ibiganiro Nivyo vyotorera inyishu ikibazo c’Uburundi

lundi 8 Ruheshi 2015

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko abegwa na politike bose mu Burundi bategerezwa gufata ingingo zotuma igihugu kiva mu bihe bibi vya politike n’ubutunzi burimwo, kuko bishobora kuzanira ingaruka mbi abanyagihugu b’Uburundi.

Nk’uko biri mw’itangazo ry’ibiro vy’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya mu Burundi ryagiye ahabona kuwa gatanu igenekerezo rya 5 Ruheshi,ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko ibiganiro bihuza bose kandi bibaye ku mugaragaro,ariyo nzira yonyene yotuma hatorwa inyishu y’ikibazo c’Uburundi.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko rishigikiye igikorwa c’intumwa idasanzwe ya ONU iriko irahuza abarundi Said Djinnit,rigahamagarira impande zose gukorana nawe,intumwa z’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika hamwe n’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko mu ntumbero yo guhuriza ku nzira bofata mu gutorera inyishu ibibazo.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya risaba ko ibikorwa vyo guhonyanga agateka ka zinamuntu vyohagarara maze hakagaruka ukwizerana,kandi impande zose zikerekana ukwigumya.Abatwara igihugu basabwa kwama bubahiriza amategeko mpuzamakungu yubahiriza agateka ka zinamuntu,hamwe n’ubwigenge.

Iryo shirahamwe rirashigikiye ivyasabwe n’inama y’akarere ka Afrika y ‘Ubuseruko yasavye ko amatora yokwigizwa inyuma, mu ntumbero yo gushiraho icuka ciza cotuma haba amatora mu mahoro,abaye mu muco kandi yitabwe na bose.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rirangiza risubira kwiyemeza guterera mu matora mu kurungika indorerezi mu gihe ibisabwa vyose kugira habe amatora yizewe kandi yitabwe na bose vyoba bihari.


Van Naris Mugisha

Messages

  • erega abiyamirizikiringo cagatatu ca petero nkurunziza ntafatiro bafise

  • ABO BANYABURAYA BAZA BAVUG UKURI.GWASA NASOME IYONKURU AYIBWIRE FOCODE NINNAHAZWE PACIFIQUE

  • Babuze ifatiro gute kandi bakoresha ivyanditse? Haraho urigera wumva mw’ibwirizwa shingiro aho bavuga ikiringo ca gatatu? UE isaba ibiganiro. None Reta yoba yarabitanguje abandi bakavyanka? Bavuze ibiganiro ntibaba bavuze imposition. Donc le troisieme mandat ne doit pas etre impose.

  • Ego cane nihabe vraiment des dialogues entre l’Etat de NKURUNZIZA avec les opposants en vu de preparer b1 les elections!sinon nakajagari gusa pe!ingendo yibiganiro yodushikana kumahoro n’amatora meza kandi yizew nabose!ok

  • jewe sintahura!!! none bahaye baganira kubiki?mugihe icatumye haba imyiyerekano, kutunvikana,inryane mubanyeporitike no kutunvikane hagati mu migambwe vyavuye kuri mandat ya 3 ya nkurunziza

  • IBIGANIRO NIBIBE MUGABO ATAR’IVYAMAGABURANYAMA UBONAKO HARIHO ABAYAMENYEREYE

  • JEW SINTAHURA!NNE KO VYOSE VYAGIZWE MU CNDD FFD MUGUTANGA UMU KANDID BICIYE KUBIR NA ARUSHA HAMWE NA CONSTITUTION.NIBASOKORE IYO CANDIDATURE,BACE BASHIRAHO CNI IHURIZWAKO NA BOSE MURABEKO MANIFESTATIO ZIDAHERA MU MWANYA MUTO.

  • MBEGA WEWE WIGIRA FERDINANT URAKOMEYE NEZA?AHO UVUGA NGO IBIKENEWE NTIBAVYIGAKO,BARAZI KO IBWIRIZWA SHINGIRO RIBITOMORA.AHUBWO IYO UVUGA BAKAKUGIRA PRESIDENT WEWE NYENE.

  • Mbe mwe murasara??imbere yuko Peter nkurunziza apresenta candidature azi ko idakurikijwe amategeko ya Arusha ibiganiro ntivyame bibaho???nubundi ndabarahiye naho ibiganiro vyobandanya ntanakimwe kiri buvemwo....umuti w’amahoro mu burundi ni nk’umuti wa marariya,ni kororoki na panadole,,,,kororokine ni Peter Nkurumbi kurekura iyo 3e mandat hama panadole nukwaka Imbonerakure ibirwanisho bahawe kugira batoteze abadahuza ivyiyumviro na CNDD FDD..uyo niwo muti wabarundi...ataruko naho mwitege kwota uyo mucanwa

  • Nivyiza.ariko icombona kugira hasubire kuboneka umutekano nibiganiro bikashika kuntumbero yama tora meza nuko Nkurunziza yoreka gukomakoma ibwirizwa nshingiro hakitoza uyundi.mbegayemwe atari ukwiha ibara ibiringo bibiri vyari bike?Imbwa ntisuma niyo isumye ntishikana!!!

  • Ni ukuri iryo tangazo turarishima kandi nibakomeze guhanura abategetsi b’Uburundi turabeko bokwumva.

  • Nibitonde mugushikiriza ivyiyumviro kuko nakamaramaza kubona bokwifatira mugahanga umuntu ijamjambo ryImana riduhanura kubaha abaganza icudashaka kobakugirira ntukigirira abandi

  • Nibitonde mugushikiriza ivyiyumviro kuko nakamaramaza kubona bokwifatira mugahanga umuntu ijamjambo ryImana riduhanura kubaha abaganza icudashaka kobakugirira ntukigirira abandi

  • Jewe nagira mbwire nkurunziza ndamubaza kwamosozi yabagumyanga azoyakira kombona yabahemukiye mukubahend ngonibamwemez azeyitoze.mbega ntabona kumugambw yawusambaguye?mbega nyabenda ahobigeze ntiyovugijambo ryuko atemeye kwabagumyabanga bamuherako kubwumugabo umwe? mbega nkuru kowewe ubwawe wamaze kubona kutegerezwa gukomborwa kuko n Imana yarabivugishije wamuntu wapfungira mu kirundo ngwakuzanyeko kwiteraboba.muratubabaje.havuye nkurunziza bankurunziza bosigaye ariko bagendera kukaranga mutima ka cndd-fdd.

  • 1) Nibagire Chauvineau Murwengezo nka vice-president wa CENI et ha Eulalie NIBIZI abe DAF wa CENI.
    2) Nibugurure ama radios abiri canke atatu: ISANGANIRO , BONESHA na RENAISSANCE
    Ivyi bikozwe, tuje mumatora kandi NKURUNZIZA, arimwo canke atarimwo, azotsindwa.

  • 1) Nibagire Chauvineau Murwengezo nka vice-president wa CENI et ha Eulalie NIBIZI abe DAF wa CENI.
    2) Nibugurure ama radios abiri canke atatu: ISANGANIRO , BONESHA na RENAISSANCE
    Ivyi bikozwe, tuje mumatora kandi NKURUNZIZA, arimwo canke atarimwo, azotsindwa.

  • Imana nibaduhezagirire ibi navyo biba muburundi bizohera ntakinaninira Imana abo bose babigira ntawururusha ubwenge Imana.

  • Ibi vyose biriko birashika k’Uburundi nuko abantu twahevye Imana. Reka twihe Imana abanya politique bahaw kuganza bisunge amategeko abavyemerew batwarire bose kandi bubahwe na bose,abatavyemerewe ntibakoreshe inguvu n’igikenye kuko abantu n’abImana uwuzobatwara uko agomvye azobibazwa.Duhunge uburake bw’Imana bugiye kuza abasesa amaraso n’abiteguye kuyavisha mwisubireko bigishoboka. Imana ntizokwihanganira wewe utegura ubwicanyi ugatako ukabukora, ngo uwicisha inkota nawe iramurindiriye.Wakwihanye ncuti yanjye Imana bigishoboka ko ibonwa.

  • muri 2005 nari jnyene no muri 2010 nzoba. ndijene ni prezida wenyene ubwiwe yavyivugiyee none aho sikabiri Imana yo mwijuru yoroshe umutima wiwe abarundi badahona bazira manda yaga 3 ibiganiro vyo ntawubizi we ariteguriy manda yagatatu ni se barundi nagaragaze urukundo abafitiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.