IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > UE isaba ko ibiganiro bihagarikiwe n’Ubuganda bisubira gutangura mu (...)

UE isaba ko ibiganiro bihagarikiwe n’Ubuganda bisubira gutangura mu Burundi

samedi 12 Kigarama 2015

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko ribabajwe n’abantu basubiye gupfa baguye mu bitero vyabaye ku makambi y’abasirikare ari mu gisagara ca Bujumbura.

Mw’itangazo ryashize ahabona inyuma y’ibitero vyabaye ku makambi y’abasirikare kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 11 Kigarama 2015,Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko ibiganiro bihagarikiwe n’igihugu c’Ubuganda bitegerezwa gutangura mu maguru masha,kandi bigahuza abegwa bose n’ikibazo kiri mu Burundi.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ryiteguye gushigikira kugira haboneke inyishu ku kibazo cugarije Uburundi mu maguru masha.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rihamagarira abarundi bose n’ababafasha Uburundi,gukora muri iyo ntumbero yo gutorera inyishu ikibazo ca politike kiri mu Burundi amazi atararenga inkombe.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Amajambo yaba Nyaburaya,twarayahaze..None kw-abarundi baguma bapfa umwanya kumwanya kandi ayo makungu abona,wumva har-ico batumariye? Ni bareke CNDD-FDD yitwarire!!! Abanyagihugu nabo tubashe gupfa.

  • oya nimureke kwihutisha ivyo biganiro hataramenyekana uwutuma izonkozi zibibi. nimbari CNARED ibatuma nijekumugaragaro ibemange tubimeye, kuberamabi bariko bakorera abanyagisagara ntanumwe arabemanga. nayo gusunikira reta mubiganira na cnared aaaa ivyo ntakamaro, iyo cnared nibanze yemere kwariyo ihungabanyumutekano mugisagara, noyokwinyegeza inyuma yinkozi zibibi ngo bagomba ibibanza ivyo nibavyibagire....

  • 1:Ndashimira cane ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya kuba rikurikiranira hafi ibibera mu gihugu canje c’uburund.2: Ikibazo c’abarundi kiri muri bo,ni baje hamwe bose,aberwa nivya politike,baganire kugira batorere umuti ibibazo bihanze abarundi bose,bataravye intara,ubwoko,imigambwe baturukamwo canke inyungu z’umuntu kugiti ciwe,ata biganiro nta gishoboka.

  • none se iyo cnared niyo iriko itera reta ko numva ibiganiro hita imbere cenared?je numva nyabuna abatera bokwivuga hama leta ikaraba ukwo ibagenza,niba ari injavyi zitagira umutware n’intumbero leta n’amakungu bakazihagurukira bakazihasha.

  • NONE AHO IMIDUGA IZA YIKOREYE IBIRWANISHO IZA IVANANYE GUSHIKA NGAHA MUGISAGARA MUBA REBELLE UE NTIHAZI? NABO NIBAFATIRE IBIHANO RUHASHA MAZE UMUTEKANO MUBURUNDI UBONEKE.

  • Ikibazo ntikiraduga mutarabona ducakiranye nu Rwanda, iyomuba mukunda abany’Africa vyukuri mubamwaramaze guhagasopo urwanda rukareka kuguma rushohorera kuburundi ibirwanisho nabarwanyi, ngahorero hasigaye gatocane nkiteteyu ruro urwanda rucakirane nuburundi ahohazoca havyuka ibivirusi vyishi bijanye nintambara kuzobiha gasobo ntibizoba bigikunze namba.

  • wemana ndufashe turaheze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.