IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > UE yatanze imiriyoni 3 z’amafaranga y’abanyaburaya yo gufasha impunzi (...)

UE yatanze imiriyoni 3 z’amafaranga y’abanyaburaya yo gufasha impunzi z’abarundi muri Tanzaniya

mardi 9 Ruheshi 2015

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryamenyesheje ko rigiye gutanga imiriyoni z’itatu z’amafaranga y’abanyaburaya azofasha mu gushikiriza ivya nkenerwa impunzi z’abarundi ziri mu gihugu ca Tanzaniya.Ayo mafaranga yavuye muyangana imiriyoni 52 z’amafaranga y’abanyaburaya ategekanijwe gufasha mu karere k’ibiyaga binibi.

Nk’uko vyamenyeshejwe na Christos Stylianides komiseri ajejwe ivyo gufasha imbabare mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya,impunzi z’abarundi zabandanije kwiyongera,mu gihe mu karere ibintu bisanzwe bitifashe neza neza.Yavuze ko ayo mafaranga aje kwerekana ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryitayeho abarundi hamwe n’akarere k’ibiyaga binini muri rusangi.

Christos yavuze ko impunzi zihungira mu Rwanda,Tanzaniya,Republika iharanira Demokrasi ya Kongo zivuga ko zihunga ihohoterwa n’iterabwoba,hamwe n’ubwoba bwo kugirirwa nabi.Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko abarundi bababa ibihumbi 100 bamaze guhunga igihugu.

Igihugu ca Tanzaniya nico ca mbere kimaze kwakira impunzi nyishi n’ukuvuga impunzi 51 603,hagakurikira Urwanda rufise impunzi 29 907 hamwe na Kongo ifise impunzi 10 044.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko rikurikiranira hafi ico kibazo c’impunzi z’abarundi,kuko rimaze gutanga umuriyoni 1,5 w’amafaranga y’abanyaburaya yogufasha impunzi z’abarundi ziri mu Rwanda.


Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.