IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugambwe CNDD FDD usaba amakungu kubandanya afasha Uburundi

Umugambwe CNDD FDD usaba amakungu kubandanya afasha Uburundi

mardi 18 Myandagaro 2015

Umugambwe CNDD FDD umenyesha ko uteye ivyatsi ubwicanyi bumaze iminsi buhitana abategetsi bamwe bamwe bo mu gihugu.

Mw’itangazo ry’uwo mugambwe,umugambwe CNDD FDD umenyesha ko wakiranye umubabaro mwinshi,urupfu rwahitanye colonel Jean Bikomagu kuwa gatandatu igenekerezo rya 15 Myandagaro 2015.

Muri iryo tangazo,umugambwe CNDD FDD usaba kandi amakungu kudashira mu ngiro ingingo zo guhagarika infashanyo ku Burundi,na cane cane mu gisata kijanye no gukingira umutekano.

Umugambwe CNDD FDD urahoza kandi abanyagihugu bo mu gihugu c’Ubushinwa,inyuma y’impanuka yabaye muri ico gihugu igahitana abantu barenga 100 n’ibindi vyononekaye,harimwo amazu.

Umugambwe CNDD FDD usaba abashinwa kwihangana muri ibi bihe vy’umubabaro barimwo,ukabipfuriza kumenya inyanduruko y’iyo mpanuka.


Van Naris Mugisha

Messages

  • nitureke ivugo zibiri mwavuga gwabanyamahaga go nibareke kwivaga muvyu burundi ubuho go ntibafate ibihano kwifashanyo nariziko twikwije kumbe?twakomiduru turibundege sha mureke kudutezisoni nimuze muriyivira kwanza mureke kwihindukiza mukirago

  • Non kokare mwavuga komwikwije igihugu cikukiye nn amakungu muyahigako iki? reka twibeko namwe ubukene harigihe mwoshikigwa ntimuronk nkivyomwaronka

  • Ntitugikeney Gufashwa Twarikukiy Ibintu Vyukudutez Isoni Bihagarar.

  • Mbega ko mwavuga ngo mwarikukiy,mutanguy gufukamira abo mwatey akager?na bado mutakoma.

  • Nagira ngo nari numvise muvuga ko mwigeng’ atanumw’ ategerezwa kugir’ icavuga kubyerekey’ uburundi. Kumb’ ubwenge bwanyu naho bugarukira???????

  • Wewe wiyita freedom
    Hari abantu mutwenza,hari ibigutera isoni mu burundi raba ahandi uja kuba wumva wubashwe,tiens,exemple ja i rwanda uhamvye la rebelle maggy barankitse ,ub ni umunyarwandakazi,kwitwa umurundi ngo vyaramurambiye,nawe jayo.

  • N’ Ibara Kumutemere. Iyo Ubushinwa Butabura Ntimwari Guhoza Umuryango Wa Bikomagu? Ubu Mwasubiye Mubukoroni Ko Mwahora Muvuga Ngo Ntihagire Uwivanga Muvyanyu? Sega Abo Bashinwa Nyene Abandibo Barabahinyuye.

  • Hahaha Simwe mwavuze ngo mwarikukiye ? ngo nibabavire mubibazo vyanyu? Ngo nibagombe bareke ngo muzovyironderera? NONE UBU MWEMEYE BABA KORONIZE KANDI??? Abagumyabanga basigaye muri uyu mugambwe, muri utujuju gusa. Ngo murahojeje abo muhoza, ngo mwakiranye umubabaro abo mwishe. Muragowe!! Imvugo zo gusegereza gusa. Uwoyumva amanyama yanyu, ntiyokwemera ko mwopfuye musegereza nkuko. Ubu ubukene buradodoye, muratanguye kwigira aberanda. VEHO MUGENDE NTAWUBASHAKA. Kandi bivuzwe n’umuhutu yikundira igihugu

  • HAHAHAHAAAAAA!!!! MURATANGUYE GUTAKAMBIRA AMAKUNGU ?AHOMWAYATERAKAGERE .ASHA ABA DD MWIBAGIRA NINGOGA MUMEZE NK’IMBWA IDAHWA IGASUBIRA KUVYO YADASHWE

  • Abarundi Nitube Tureka Kwivuguruza!Ubwambere Ngo Nta Makungu Bakeney Ko Abavangira?None Ubunaho Bikemy Iki?Basemuzeze Mumenye Ko Atagukina N’umuzungu!!Bakomye Induru Bababuza 3ème Mandat Mwica Amatwi!Rindira Tutabomeye Ivyo Bitwe Murazoraba.

  • Amakungu ubucuti bwayo turabukeneye, ariko kudutegeka ivyodukora oya, ahohacahaza kwerekanako igihugu cikukiye, ariko urukundo nogukundana nibindibihugu bikomeza kuturaza inshinga, abatazoshaka ko dukundana muzodutege ntawuzoja kubatera mubihuguvyabo gonibakore ibinibi mugihe ibihugu vyabo vyikukiye, zamuratahura mwabirundimwe.

  • mu gisata kijanye n umutekano????????????????!!!!!!!!!!!!!!!!!!! c’est bizare!!!! reka àla fin du mois d aout za mujeri zibatake. ou est le probleme simwe mwazitoje.imbwa iyo ihanze ntikuga ariko ishinje inya shebuja. wait

  • Nabado Rindira Gato Murabe Mwanse Kure Kura Le 26 Iyo Nintango.

  • Abashinwa barabahoza kuko aribo bahaye isoko ya Nickel kugira babandanye kubumvira ikigongwe mbe rindira murabibona abasoda nayandi mashirahamwe atarahaguruka?komera kumuheto.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.