Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugambwe CNDD FDD usaba amakungu kubandanya afasha Uburundi
Umugambwe CNDD FDD usaba amakungu kubandanya afasha Uburundi
mardi 18 Myandagaro 2015
Umugambwe CNDD FDD umenyesha ko uteye ivyatsi ubwicanyi bumaze iminsi buhitana abategetsi bamwe bamwe bo mu gihugu.
Mw’itangazo ry’uwo mugambwe,umugambwe CNDD FDD umenyesha ko wakiranye umubabaro mwinshi,urupfu rwahitanye colonel Jean Bikomagu kuwa gatandatu igenekerezo rya 15 Myandagaro 2015.
Muri iryo tangazo,umugambwe CNDD FDD usaba kandi amakungu kudashira mu ngiro ingingo zo guhagarika infashanyo ku Burundi,na cane cane mu gisata kijanye no gukingira umutekano.
Umugambwe CNDD FDD urahoza kandi abanyagihugu bo mu gihugu c’Ubushinwa,inyuma y’impanuka yabaye muri ico gihugu igahitana abantu barenga 100 n’ibindi vyononekaye,harimwo amazu.
Umugambwe CNDD FDD usaba abashinwa kwihangana muri ibi bihe vy’umubabaro barimwo,ukabipfuriza kumenya inyanduruko y’iyo mpanuka.
Van Naris Mugisha
Messages
18 Myandagaro 2015, 14:24, par freedom
nitureke ivugo zibiri mwavuga gwabanyamahaga go nibareke kwivaga muvyu burundi ubuho go ntibafate ibihano kwifashanyo nariziko twikwije kumbe?twakomiduru turibundege sha mureke kudutezisoni nimuze muriyivira kwanza mureke kwihindukiza mukirago
18 Myandagaro 2015, 15:36, par NTASANGIRA
Non kokare mwavuga komwikwije igihugu cikukiye nn amakungu muyahigako iki? reka twibeko namwe ubukene harigihe mwoshikigwa ntimuronk nkivyomwaronka
18 Myandagaro 2015, 15:37, par Giswi
Ntitugikeney Gufashwa Twarikukiy Ibintu Vyukudutez Isoni Bihagarar.
18 Myandagaro 2015, 16:27, par yaya
Bafash’uwifashije
18 Myandagaro 2015, 16:57, par Justice kuribose
Mbega ko mwavuga ngo mwarikukiy,mutanguy gufukamira abo mwatey akager?na bado mutakoma.
18 Myandagaro 2015, 17:08, par Ubugabo-burihabwa.
Nagira ngo nari numvise muvuga ko mwigeng’ atanumw’ ategerezwa kugir’ icavuga kubyerekey’ uburundi. Kumb’ ubwenge bwanyu naho bugarukira???????
18 Myandagaro 2015, 18:02, par fidelite
Wewe wiyita freedom
Hari abantu mutwenza,hari ibigutera isoni mu burundi raba ahandi uja kuba wumva wubashwe,tiens,exemple ja i rwanda uhamvye la rebelle maggy barankitse ,ub ni umunyarwandakazi,kwitwa umurundi ngo vyaramurambiye,nawe jayo.
18 Myandagaro 2015, 18:56, par Kariyo
N’ Ibara Kumutemere. Iyo Ubushinwa Butabura Ntimwari Guhoza Umuryango Wa Bikomagu? Ubu Mwasubiye Mubukoroni Ko Mwahora Muvuga Ngo Ntihagire Uwivanga Muvyanyu? Sega Abo Bashinwa Nyene Abandibo Barabahinyuye.
18 Myandagaro 2015, 20:19, par OKAY
Hahaha Simwe mwavuze ngo mwarikukiye ? ngo nibabavire mubibazo vyanyu? Ngo nibagombe bareke ngo muzovyironderera? NONE UBU MWEMEYE BABA KORONIZE KANDI??? Abagumyabanga basigaye muri uyu mugambwe, muri utujuju gusa. Ngo murahojeje abo muhoza, ngo mwakiranye umubabaro abo mwishe. Muragowe!! Imvugo zo gusegereza gusa. Uwoyumva amanyama yanyu, ntiyokwemera ko mwopfuye musegereza nkuko. Ubu ubukene buradodoye, muratanguye kwigira aberanda. VEHO MUGENDE NTAWUBASHAKA. Kandi bivuzwe n’umuhutu yikundira igihugu
18 Myandagaro 2015, 21:02, par FRANK
HAHAHAHAAAAAA!!!! MURATANGUYE GUTAKAMBIRA AMAKUNGU ?AHOMWAYATERAKAGERE .ASHA ABA DD MWIBAGIRA NINGOGA MUMEZE NK’IMBWA IDAHWA IGASUBIRA KUVYO YADASHWE
18 Myandagaro 2015, 21:25, par Freetown
Abarundi Nitube Tureka Kwivuguruza!Ubwambere Ngo Nta Makungu Bakeney Ko Abavangira?None Ubunaho Bikemy Iki?Basemuzeze Mumenye Ko Atagukina N’umuzungu!!Bakomye Induru Bababuza 3ème Mandat Mwica Amatwi!Rindira Tutabomeye Ivyo Bitwe Murazoraba.
19 Myandagaro 2015, 04:44, par None?
Amakungu ubucuti bwayo turabukeneye, ariko kudutegeka ivyodukora oya, ahohacahaza kwerekanako igihugu cikukiye, ariko urukundo nogukundana nibindibihugu bikomeza kuturaza inshinga, abatazoshaka ko dukundana muzodutege ntawuzoja kubatera mubihuguvyabo gonibakore ibinibi mugihe ibihugu vyabo vyikukiye, zamuratahura mwabirundimwe.
19 Myandagaro 2015, 13:28, par bbbbbbbb
mu gisata kijanye n umutekano????????????????!!!!!!!!!!!!!!!!!!! c’est bizare!!!! reka à la fin du mois d aout za mujeri zibatake. ou est le probleme simwe mwazitoje.imbwa iyo ihanze ntikuga ariko ishinje inya shebuja. wait
19 Myandagaro 2015, 15:29, par Ndababonye
Nabado Rindira Gato Murabe Mwanse Kure Kura Le 26 Iyo Nintango.
20 Myandagaro 2015, 21:50, par Scott
Abashinwa barabahoza kuko aribo bahaye isoko ya Nickel kugira babandanye kubumvira ikigongwe mbe rindira murabibona abasoda nayandi mashirahamwe atarahaguruka?komera kumuheto.