IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugambwe MSD ntiwatangajwe n’ivyavuye mu murwi CNDI

Umugambwe MSD ntiwatangajwe n’ivyavuye mu murwi CNDI

jeudi 25 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Inyuma y’aho umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bihuza Abarundi usohoreye icegeranyo c’ivyo waranguye mu kiringo c’amezi atandatu, umugambwe MSD umenyesha ko ata kintu na kimwe gishasha canke coba gitangaje, kuko uwo mugambwe uvuga ko ataco wari witeze kuri uwo murwi.

Mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye, bavuga ko ico babonye muri ico cegeranyo ca CNDI (Commission Nationale du Dialogue Interburundais) ari ugushaka kunumya umuntu wese afise iciyumviro kinyuranye na CNDD-FDD hamwe n’ugukuraho burundu amasezerano ya Arusha n’Ibwirizwa nshingiro, gufuta imigambwe, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politique, amaradiyo n’amashengero.

Uwo mugambwe wagiriza umurwi CNDI ko uriko ukorera ubutegetsi, kugira ufashe umukuru w’igihugu ahari azotware Uburundi ubuzima bwiwe bwose, mbere akazoshobora gusigira ubutegetsi abana biwe n’abuzukuru.

Muri MSD bati : "Ivyo tukabona ko ari ukwibesha cane kuko demokarasi bashaka guhamba aho igeze mu Burundi ntituzemera kwisubira inyuma, igihe c’intwaro ya cami caraheze."

Tubibutse ko mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatatu, Musenyeri Justin NZOYISABA yamenyesheje ko ku bijanye n’ibwirizwa shingiro, benshi bari mu biganiro basavye ko umukuru w’igihugu c’Uburundi yotwara ibiringo birenga bibiri, akisubiriza ku butegetsi igihe cose abanyagihugu boguma bamwizera.

Muri uwo murwi bavuga ko abanyagihugu basavye ko ibwirizwa shingiro ryoja hejuru y’amasezerano ya Arusha, abahoze barongoye Uburundi ntibasubire gushirwa mu nama nkenguzamateka ubuzima bwabo bwose nk’uko biri ubu, ahubwo bakabanza guhiganwa n’abandi mu matora kugira baje muri urwo rwego. Abanyagihugu basavye ko ibwirizwa shingiro ryohindurwa, kugira utunenge turimwo duhinyanyurwe, hamwe n’ugukosora amakosa ari mu masezerano y’i Arusha.

Abari mu biganiro baravuze n’amabwirizwa amwe amwe yohinyanyurwa

"Ibwirizwa rigenga imigambwe kugira ntihabeho imigambwe itagira abanywanyi, ibwirizwa mpanavyaha kugira ukudahana ivyaha bihagarare, ibwirizwa rigenga amatora kugira amatora agende neza, ibwirizwa rigenga amashirahamwe adaharaniranira ivyicaro vya poritike kugira akore ibiyaraba gusa, ibwirizwa rigenga amadini n’amashengero kugira nayo nyene akore ibiyaraba gusa."


IGIHE

Messages

  • Eheeeh! Bati "umugozi w’ibutura ubona akamaro kawo ucitse" canke bati "umugore aryoha intege"! kare bahora barahira bakarengwa ko ata démocratie iri muburundi, ariko ubu baremeye ko yari igeze kuntambwe ishimishije atawoyikomakoma. bameze nk’umwana wa ruguru umuha isahani y’ibijumbu akayanka n’amarira menshi ayitera n’imigere. Mugabo yabona ubihaye imbwa akabiririra asyegenya n’agatsintsiri hasi kuko aribwo budyo bwanyuma bw’iwe bwo kwerekana ico ashaka.

  • jembonako nihweje ivyo musenyeri jiste nzosaba yashikirije ntawobimutuma nkumurundi akundigihugu yatanze iciyumviro gwiwe iyaba yarabonye ivyabaye guhera 1993 gushika muri2002 ntiyosabako batohanahana ubutegetsi hakabaho kubisikanya kuneza hagasasagara demokarasi uburundi bugasubira kuvugangwa mumakungu yamidari nubushimwe ikaronswa abarundi

  • nibabanze bitonde kuko ayo mategeko basha guhindura nabo bazo yakenera kuko ntabu tegetsi buhoraho nkumusozi

  • Peter Nkurunziza Yarakwiye Kuba Prezida Wisiyose Kuko Na ONU Iramwubaha.

  • Peter Nkurunziza Yarakwiye Kuba Prezida Wisiyose Kuko Na ONU Iramwubaha.

  • Nicola ngira nkubaze wewe uvuga ko batabimutumye mbwira ahantu Uzi habereye ivyo biganiro ntibashikirize ICO ciyumviro jewe ndihanze yigihugu ariko narakwirikiranye naza ivyo biganiro abanyagihu bavyitavye bagumye basaba atamukuru wigihugu akwiye kugerwa ikiringo ahubwo vyose bice mumahiganwa kumugaragaro none nkubaze Uganda museveni amaze gutorwa incuro nlzingahe harico barahomba?

  • HAHAHA NGO ARASHAKA KWIGANA MZEHE KAGAME !!!AKE RERO KAGIYE KASHOBOKA KUKO IBWA YIGANYE INJANGWE KUNYA MURUGO IRABIZIRA AHUBWO AJYIYE GUKURWAHO NINGUFU

  • Icokijuju Cavuze Ko Abanyagihugu Basavye Ko Ibwirizwa Nshingiro Ryoja Hejuru Yamasezerano Y’i Arusha Ninde?Yabitumwe Nande Iyomangati?Nimba Yabitumwe Na Se Canke Nyina Acavuga Ko Yabitumwe Nabanyagihugu!!Abasazi Sabiruka Gusa.

  • Iyo avuga NGO Aba DD bamutumye none ko jewe ntamutumye avugira abarundi gute none

  • turabizi abobose bakomeza ku muha ibiringo nabo baja biwe ikimbabaza nuko nuko ari bijuju bitwa ngo barize imuntu atanze akarorero kubu ganda niyi buke wamugani uti wigana ingendo yuwundi ikakuvuna ababaye baramara kabiri muzobibona

  • Buryangirandababwire ikintumutaribwamenye, mbemuraziko abarundi batakunda Kurunziza kokuvahabayeho aberekana Ko Kagame arigihangange yubashwekuruta Nkurunziza baciyebumva kobopfuma nabobishigikirira Nkurunziza? Kuberabizwiko atowovuga ngo Nkurunziza arumunyamakosa gusumvya Kagame.

  • @Tari!Nkurunziza ntana 1/100 yogira par rapport ya Kagame none umuntu aba mu bwihisho namba nawe uri muri camp de réfugiés muri Congo,ariko ntukagereranye ibitagereranwa

  • Ariko abatutsi nikukimusuzugura abahutu ? Kagame wanyu ago yiyongereje ibiringo vyokuyobora ugwanda komwakomeye amashirimwemunamushimira? Ninerero nankuru wuburundi nimumureke kumuvugiriza induru ngontimumushaka.Alisha waambia mkimucukiya shauliyenu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.