IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Umuhari M23 watanguye kuva mu gisagara ca Goma

Umuhari M23 watanguye kuva mu gisagara ca Goma

jeudi 29 Munyonyo 2012

Amakuru ava i Goma amenyesha ko imiduga itwara ibirwanisho n’infungurwa z’umuhari M23 zatanguye kuva mu gisagara kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 28 munyonyo. General Sultani Makenga, umukuru w’abarwanyi yari yabivuze kuruyu wa kabiri ko gushika kuwa gatanu bose bazoba bavuyeyo.

Inyuma y’indwi igisagara ca Goma kiri mu minwe ya M23,Abanyagihugu bo muri ico gisagara bemeje kuri uyu wa gatatu ko babonye imiduga itwaye ibirwanisho n’ibifungurwa vy’uwo muhari iva muri ico gisagara.

Nk’uko umwe mu bategetsi bico gisagara atashimye kumenyekana yabishikirije, yavuze ko abanyagihugu bamubwiye ko babonye imiduga minini minini irenga cumi y’abanyagihugu yo mu bwoko bwa FUSO hamwe niy’igisata kiraba ivyo amabarabara iriko iva i Goma itwaye ibirwanisho n’ibifungurwa bakaba bafata inzira ija mu karere ka Rutshuru n’i Rumangabo mu buraruko bwa Goma aho basanzwe bafise ibirindiro.

Kubera amasezerano hagati y’ibihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini, abarwanyi ba M23 bari muri Goma kuva italiki 20 za kuno kwezi bategerezwa kuvayo bakaja n’imiburiburi ku birometero mirongo ibiri mu buraruko bw’ico gisagara.

Ibikorwa vyasubiye gukorwa uko bisanzwe

Mu mabarabara yo mu gisagara ibikorwa bikorwa ukuri kwamye, urudandazwa ruruguruye, abunguruza abantu ku mapikipiki barakora nabo nyene ukuri kwamye. Abarwanyi baraboneka hamwe hamwe aho abantu bahurira ariko ntibibonekeza haraheze iminsi.

Umukuru w’ingabo za ONU ziri muri Congo, Herve Ladsous yamenyesheje ku munsi wa kabiri ko abarwanyi ba M23 bariko bava mu gisagara ca Goma.
Umukuru w’abarwanyi, General sultani Makenga, yemeje ku mugoroba wok u wa kabiri ko yatanguye gutwara ibirwanisho,imiti n’ibifungurwa mu karere ka Rutshuru.


Ndayikengurukiye J M

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.